Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Ikibanza ciza mu vyerekeye amategeko mashasha ajanye no gutoza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi: Ikibanza ciza mu vyerekeye amategeko mashasha ajanye no gutoza (...)

Burundi: Ikibanza ciza mu vyerekeye amategeko mashasha ajanye no gutoza amakori

samedi 29 Munyonyo 2014

Uburundi bufise ikibanza ciza mu vyerekeye gutoza amatagisi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko., yaba mu kwegeranya umwimbu canke mu bijanye n’amategeko mashasha kandi agezweho, nk’uko tubishikirizwa na Edmond Bizabigomba icegera c’umukuru w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR hano mu Burundi.

Guhera kuwa 27 Munyonyo uno mwaka gushika kuwa 28 Munyonyo, abayobozi bakuru b’ibigo bitoza amakori n’amatagisi mu karere k’ Afrika y’ubuseruko, bari bakoraniye i Bujumbura mu nama, kugira barabire hamwe aho barushanijwe hamwe no kuganirira hamwe ivyo bofashanya hamwe nk’uko bivugwa na Edmond Bizabigomba.

Muri iyo nama kabaye akaryo kandi ko kurabira hamwe aho bagejeje amategeko abaraba bose hamwe n’ingorane bagize, kurabira hamwe aho bagejeje igikorwa basangiye co kurwanya urudandazwa rw’amagendu,bakavugana ivyo bashoboye gushikako hamwe n’ibindi bijanye na wa mugambi w’akarere kamwe k’amadouane ‘’Territoire douanier unique’’, hamwe n’ibijanye na poste y’amadouane imwe ku bihugu bibiri bibiri bibangabangabanywe.

Edmond Bizabigomba akamenyesha ko umwimbu wiyongereye cane muri ivyo bigo bitoza amatagisi vyose kuko bashoboye gutoza umwimbu urenga kure uwo baba bategekanije. Akavuga ko bibashimisha cane kuko vyerekana ko ivyo bishinze babikora neza , gurtyo ibigega vy’ama reta bikahatorera akoyoko.

Mu kigo OBR hano mu Burundi bakavuga ko n’ubwo ikigo OBR ca hano mu Burundi gisanzwe gifise imyaka mike, ugereranije n’ibindi bigo vyo mu karere k’ Afrika y’ubuseruko, Uburundi bufise ikibanza ciza kuko uburundi yaba mu kwegeranya umwimbu hamwe no mu mategeko mashasha kandi agezweho buri imbere nk’uko Edmond Bizabigomba abandanya abishikiriza.

Tubamenyeshe ko iyo nama yagira mirongo itatu n’indwi, ikaba iri mu rukurikirane rw’izindi zama zitunganywa uko amezi atatu arangiye, iyaheruka ikaba yari yabereye mu gihugu kibanyi c’ Urwanda.


Floxella Karire

Messages

  • Turishimye nkabarundi, Muziko mumyaka irimbere ishika nka 10 uburundi buzoba bwateye intambwe ishimishije? Ubumumwanya wariwowose Musongati baratangura gutunganya Nickel, mumyaka idashika 10 uzoba ushobora kuva Dar ssilam urimwi tereni gariyamoshi (train) (railway) ugashika iburundi maze washaka ukigumira wiyicariyemwo ikagutwara ikagushikana Rwanda Kigari. Ahorero haryahakurya ya Kobero Tanzania ahitwa Kabanga hazobahashika iyonzira ya Gariyamoshi kukohariho ibikorwa vyokwimba Nickel bigombagutangura mumyaka irimusi yacumi. Musiyiyomyaka cuminyene ahobita Rusumo hazobahamaze gutanga umuyagankuba mwishi uzokwiragizwa mubihugu bitatu, nukuvuga ahiwacu Burundi, Tanzania na Rwanda, ntimwibagirweko nokuri Rusizi III musiyimyaka 10 hazobahaduhaye uyundi muyagankuba uzoja mubihugu bitatu aha iwacu Burundi, Rwanda na RDC Congo, ivyobintumvuze bizotanga akazi kubarundi batarimusi yumuriyoni atindakabije? Regiodeso izorwiza abakozi kuko abantu bakoresha umuyagankuba bazova 14% barenge 65% abarwizatunga bavuye imyandez’Isi nzitandukanye bazozakubwishi gushinga inganda zikomakomeye kubera hazoba harumuriro wizewe abobazotanga akazi, nibindi ntavuze. Bavukanyi benewacu ntimusamarero kwakwanya mwige ibintubitandukanye vyose, hanyuma harwizwe amashure yimyuga yigisha ibintu bitandukanye. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.