IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Imyaka itandatu irarangiye Umushingamateka Hussein Radjabu ari (...)

Imyaka itandatu irarangiye Umushingamateka Hussein Radjabu ari mw’ibohero

lundi 29 Ndamukiza 2013

Hari kuwa 27 Ndamukiza, aho Umushingamateka Hussein Radjabu yari kizigenza mu mugambwe Cndd-Fdd uri ku butegetsi yahagarikwa ku rugo iwe agaca atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba,hari nk’igihe c’isaha 11 z’umuhingamo. Abamubonye bavuga ko atashoboye kwihanganira ivyariko biramushikira.

Intandaro ya vyose, n’igihe hatunganywa ikoraniro kaminuza mu ntara ya Ngozi, aho yakomborwa, bagatora Umushingamateka Yeremiya Ngendakumana yari asanzwe ari guserukira Uburundi muri Kenya. Yatowe kugira abe ariwe amusubirira ku burongozi bukuru bw’umugambwe, maze Hussein Radjabu nawe agashimirwa kuba yarakoreye neza umugambwe, araheza aca ashirwa mu nama nkuru y’inararibonye, aho yari kumwe n’ Umukuru w’Igihugu n’abandi.

Inyuma y’iryo koraniro, haciye hatangura kwibonekeza ukutumvikana mu mugambwe haba muri Leta yari irongowe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, aho bamwe batumvikana ku bijanye n’ ibogozwa rya Radjabu, aha twovuga nk’uwari icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu, umupfasoni Marina Barampama, yabogojwe yagirizwa kuba atashoboye kurangura neza amabanga yari ashinzwe, eka kandi akaba yari mubandikiye urwandiko Umukuru w’Igihugu, mu gihe basigura kuba batatahura ikurwa rya Radjabu mu kibanza c’uburongozi bw’umugambwe.

Eka no mu nama nshingamateka yari irongowe n’umupfasoni Makurata Nahayo, naho nyene haribonekeje ukutumvikana, aho ndetse amategeko atasubiye gutorwa ku bwinshi nk’uko vyari bimenyerewe Hussein Radjabu agitwara umugambwe. Abashingamateka rero bashika 22 barirukanywe ubutarariye mu mugambwe hamwe no mu nama nshingamateka y’Uburundi. Muri abo hakaba harimwo n’umupfasoni Alice Nzomukunda yari asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, akaba kandi yari yarabaye icegera ca 2 c’Umukuru w’igihugu, ico gihe inama nshingamateka ikaba yari irongowe na Piyo Ntavyohanyuma, ariwe nawe asanzwe ayirongoye n’ubu.

No munama nkenguzamateka ico gihe abari bashigikiye Radjabu ntibirukanywe, inama nkenguzamateka yari irongowe na Nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri, ubu ariwe cegera ca kabiri c’umukuru w’Igihugu.

Kuva rero Hussein Radjabu atawe muri yompi yagirizizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, bamwe mubari bamuyoboka baciye baja mu migambwe imwe imwe yari mu gihugu abandi nabo batanguza iyabo nka Alice Nzomukunda yaciye atanguza Umugambwe ADR, ariko hari n’abandi babandanije kwemeza ko bakiri muri Cndd -Fdd aha twovuga nka Hussein Radjabu ari mu bawutanguje bakiri mw’ishamba mu mwaka w’1994.

Mu mwaka wa 2005, umugambwe Cndd-Fdd ugishika ku butegetsi, Hussein Radjabu yari umuntu aboneka ko akomeye rwose haba mu majambo yashikiriza, mu bikorwa yaba yaranguye haba mu vya politike, mu vy’imibano, eka no muvy’imigenderanire n’ibindi bihugu.

Aha twobibutsa kandi nk’igihe umupfasoni Nzomukunda Alice yatanga imihoho mu kibanza c’icegera ca 2 c’Umukuru w’Igihugu, amenyesheje ko arengerwa n’umukuru w’umugambwe w’ico gihe Radjabu mu kazi kiwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.