IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: itegeko ryatowe ntiribuza ubwigenge

Burundi: itegeko ryatowe ntiribuza ubwigenge

vendredi 7 Ruheshi 2013

Itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryatewe ko igikumu n’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu yaramenyesheje ko mu maso y’abarundi na Leta, iryo tegeko ngo ntirrirenga ibwirizwa shingiro ahubwo ngo rije gukingira abanyagihugu n’ibimenyeshamakuru.

Lewonidasi Hatungimana muvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi yatumiye ibinyamukuru hamwe n’amakungu gusoma iryo tegeko no gukwirikirana iryo tegeko imbere yuko hagira ibihindukamwo biboneka kuko ngo sintahava rirashobora guhinduka.

Yasavye ko aboba batabona co kimwe nawe iryo tegeko, ko borisoma bitonze. Yamenyesheje kandi ko iciza c’iryo tegeko ari uko umumenyeshamakuru wese yohanirwa ico yabonye haba gutangishwa ihadabu canke ibindi bihano bitandukanye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.