Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: itegeko ryatowe ntiribuza ubwigenge
Burundi: itegeko ryatowe ntiribuza ubwigenge
vendredi 7 Ruheshi 2013
Itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryatewe ko igikumu n’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu yaramenyesheje ko mu maso y’abarundi na Leta, iryo tegeko ngo ntirrirenga ibwirizwa shingiro ahubwo ngo rije gukingira abanyagihugu n’ibimenyeshamakuru.
Lewonidasi Hatungimana muvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi yatumiye ibinyamukuru hamwe n’amakungu gusoma iryo tegeko no gukwirikirana iryo tegeko imbere yuko hagira ibihindukamwo biboneka kuko ngo sintahava rirashobora guhinduka.
Yasavye ko aboba batabona co kimwe nawe iryo tegeko, ko borisoma bitonze. Yamenyesheje kandi ko iciza c’iryo tegeko ari uko umumenyeshamakuru wese yohanirwa ico yabonye haba gutangishwa ihadabu canke ibindi bihano bitandukanye.
Floxella Karire