IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ivyaranguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya bigiye (...)

Burundi : Ivyaranguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya bigiye gutsimbatazwa

vendredi 9 Rusama 2014

Igisata co kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, ico gutwara neza, ico gufasha gutatura amatati mu Burundi, ic’amagara y’abantu, n’ibindi, ivyo ni bimwe mu migambi ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vya buraya ryishinze guteza imbere mu Burundi.

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’ibihugu vya buraya, (Union Europeenne) wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 9 Rusama, ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya risanzwe rirangurira imirimo yaryo mu Burundi, vyatunganije ihanishwa ry’ivyaranguwe, ku kibanza citiriwe ukwikukira.

Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batari bake, nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi, uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi. Hari kandi n’abashikiranganji, nk’uw’imigenderanire n’ayandi makungu, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uw’ikigega ca Reta, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu, amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike n’abandi.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibirori vyo kwerekana ibikorwa vyaranguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi, kuri uwu wa gatanu wa 9 Rusama 2014, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri yamenyesheje ko kuva aho Uburundi bwungiye ubucuti n’umuryango w’ibihugu vya buraya, bwarahungukiye ibitari bike, haba mu bijanye n’iterambere, haba mu gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Kubwa Patrick Spirlet aserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi, ibikorwa vyo kwerekana ivyaranguwe mu gufasha Uburundi, ni akaryo ko kwigina umunsi mpuzamakungu wahariwe ibihugu vya buraya uba kw’igenekerezo rya 9 Rusama uko umwaka utashe. Spirlet akaba yamenyesheje ko inyuma y’imigambi itari mike imaze kurangurwa mu Burundi, ishirahamwe rya buraya rigiye kubandanya rishigikira igihugu c’Uburundi no mu bindi bisata harimwo no gukurikiranira hafi amatora yimirije kuba mu mwaka w’2015.

JPEG - 1.1 Mo
Patrick Spirlet aserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi

Mwomenya ko imigenderanire ihari hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya idahagaze gusa kuvyaranguwe, ariko no mu migambi ya kazoza itegekanijwe kuzokorwa nk’ukuzokwubaka amabarabara n’ibindi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.