Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi:Kuronka ingurane ku barimyi mu mabanki ntivyoroshe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi:Kuronka ingurane ku barimyi mu mabanki ntivyoroshe

Burundi:Kuronka ingurane ku barimyi mu mabanki ntivyoroshe

vendredi 11 Nzero 2013

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa IDISCO umugambi wo gushigikira iterambere rusangi no gushirahamwe ku mitumba Leon Ndikunkiko aramenyesha ingorane abarimyi b’abarundi bahura nazo n’ingene bokurikiranwa.

Nkuko Leon Ndikunkiko yabimenyesheje ngo ingorane abarimyi b’abarundi bahura nazo ni nyinshi cane,ariko nkuru muri izo ni zitatu.

Iya mbere ngo abarimyi b’abarundi ntibitunganije neza ku buryo boshobora gukingira inyungu zabo kandi bongere bimbure neza,umwe wese aba ari ku mutumba wiwe rero ngo hari hakwiye ko baja mu mashirahamwe canke mu makoperative kugirango bimbure vyinshi.Ivyo mbere ngo vyotuma bimbura, bakabika, bagahingura, bakarondera isoko mbere bakadandaza umwimbu wabo.

Ingorane ya kabiri ngo abarimyi b’abarundi barabuze ababasahiriza mu kubaha uburyo.

Mu ruhande rumwe nta ma banki atanga ingurane ku barimyi ariho,ariko rero reta yoyo yarongereje amafaranga ishira mu gisata c’uburimyi.Reta nivyo yarongereje ayo mafaranga ariko dufatiye ku bice 90 kw’ijana bigize abarundi bitunzwe n’uburimyi ayo mafaranga ntakwiye.

Ica nyuma ni ihindagurika ry’ibihe ryatumye ko ubu m’u Burundi umuntu ararima atizeye ko azokwimbura
IDISCO rero ngo ikaba ashigikira abarimyi mu gutunganya no gushira abarimyi mu mashirahamwe bakongera bagatanguza amakoperative. Ngo baramaze no gufasha mu bisata bimwebimwe nk’ibitoki,ibitunguru n’ibizinu.Ubu ngo bakaba bisunga hanini igisata c’inanasi,ibiti vy’ivyamwa hamwe n’umuceri,bararondera kandi isoko bodandazamwo ivyo vyimburwa.

Twobamenyesha mu bamaze gushigikirwa n’uwo mugambi abatari bake barafise ibitungwa bito bito bakaba bashobora kwugurura amakonte ibituma baronka n’ingurane ishobora gutuma bakora ibikorwa bimwe vyo mu mirima.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.