IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: ONU iritayeho urwego rw’igendereza

Burundi: ONU iritayeho urwego rw’igendereza

lundi 17 Ruheshi 2013

Abasirakare bakuru bakuru 36 bakorera urwego rw’igendereza mu Burundi, bari mu nyigisho kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi 2013, izo nyigisho rero zikazomara indwi zitandatu.

Izo nyigisho rero ngo zigamije kubigisha ubuhinga bw’igendereza. Izo nyigisho zikaba ziriko zihabwa abakuru bakuru baronse akazi muri urwo rwego inyuma y’igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka w’2009. Izo nyigisho urwo rwego ruriko ruraronka zizofasha abariko barazikurikirana gukora neza akazi kabo, ndetse n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu mu vyo bajejwe vy’igendereza. Inyigisho rero zizoba zerekeye akaranga mutima k’umwe wese, n’amategeko agenga agateka ka zina muntu, n’ihohotera rijanye n’igitsina.

Izo nyigisho rero zifashwe mu mugongo n’ibiro vy’ishirahmwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ikaba izorangira kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro umwaka w’2013, mu bigo vy’urwego rw’igendereza mu Burundi.

Ikindi naco twashoboye kumenya ni uko umumenyeshamakuru w’iradiyo y’igihugu Lucien Rukevya agipfungiwe muri urwo rwego nyene nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’urwego rw’igendereza mu Burundi Telesiforo Bigirindavyi, ariko akaba adashima kuvuga ico apfungiwe gushika n’ubu.


Aristide Nizigire

Messages

  • "Amazi meza ntagira ibara"ubutegetsi kuva 2010gushik’ubu amabara ni menshi.abanyafrika,democratie turaririmba gusa,liberte nayo ntitumva 1mwe,aho simvuze droit de l’homme.duhadikirizwa nk’amavuga ikibabaje duhadikirizwa nomumyanya itariyo.imenyeshamakuru ni 1mwe muri vyinshi biba bityo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.