Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakungu asabwa gushigikira Uburundi mu matora bwimirije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Amakungu asabwa gushigikira Uburundi mu matora bwimirije

Amakungu asabwa gushigikira Uburundi mu matora bwimirije

lundi 12 Nzero 2015

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza asaba amakungu kubandanya ashigikira igihugu c’Uburundi, na cane cane mu matora igihugu cimirije muri uno mwaka w’2015.

Mu gihe yariko asangira umwaka mushasha n’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 9 Nzero, mu ntara ya Ngozi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, mw’ijambo yashikirije, yarashimiye ivyo bihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe akorera mu Burundi. Petero Nkurunziza yapfurije abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi umwaka mwiza w’amagara meza, amahoro, kuroranirwa hamwe n’imiryango yabo.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaboneyeho n’akaryo ko gushikiriza ibikorwa nyamukuru Reta arongoye yashoboye kurangura mu mwaka w’2014, bigizwe inyubakwa zishasha, amashure, amabarabara, ibitaro amavuriro, amasentare, kwongereza ubuzi n’ibindi, nk’uko yabivuze mw’ijambo ryiwe. Ivyo navyo akavuga ko bashoboye kubirangura babifashijwemwo n’imfashanyo zagiye zitangwa n’abo basanzwe bafasha Uburundi. Abasaba ko bobandanya bafasha Uburundi kugira bushike kw’iterambere rirama, kuko impinga ikiri ndende. Yabasavye mbere ko boshigikira Uburundi muri ano matora bwimirije muri uwu mwaka w’2015, amatora Petero Nkurunziza yemeza ko azogenda neza mu mutekano, ata n’umwe akumiriwe kandi amategeko ya Republika akurikijwe. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashimiye kandi abafashije kugira umugambi w’amahoro ukunde.

Uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi yafashe ijambo kw’izina ry’abo bari bitavye ivyo birori, Dr James Mwasi Nzagi yipfurije umwaka mwiza umuryango w’umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abarundi, aca agirako yemera ko bagiye kubandanya bashigikira Uburundi mu bisata bitandukanye.

Mu nyuma yo gusangira umwaka, kabaye n’akaryo ko guhanahana utuganuke hagati y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’abo basanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.