IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Poritike yo gutanga akazi irimwo igipfungu

Burundi : Poritike yo gutanga akazi irimwo igipfungu

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Poritike yo gutanga akazi mu Burundi irimwo igipfungu cinshi, kuko aho gushira imbere ibibazo n’ubumenyi umuntu afise, ahubwo hasigaye hakora ka mwana wa mama hamwe no kuba uri munywanyi w’umugambwe runaka, nk’uko bivugwa na Cassien Yamuremye arongoye ishirahamwe APDS riharanira agateka k’abakozi.

Mu gihe buca duhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Cassien Yamuremye yamenyesheje ko uwo munsi uhimbazwa ku genekerezo rya 1 Rusama ushitse hibonekeza ubukene bw’akazi.
Mw’ishirahamwe APDS bavuga ko mu mategeko agenga akazi, uwugakeneye yari akwiye kukaronka, uwutaronse nawe agakingirwa. Mu Burundi kandi usanga hatangwa akazi baravye nkunzi, imigambwe, nk’uko bivugwa na Cassien Yamuremye. N’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi riravuga ko iyo abantu bafise ubushobozi bumwe baba bafise uburenganzira bumwe bwo kuronka akazi.
Muri APDS barababazwa kandi n’amayegereyegere y’urutavanako akunda kwibonekeza bivuye kuri poritike mbi y’imishahara.

Iryo shirahamwe rirarajwe ishinga kandi n’abakozi ata mategeko abagenga bafise, agatanga uturorero tw’abakozi bo mu nzu, abimba ubutare, abarovyi n’abandi. Muri APDS bavuga ko bibabaje kubona ata biganiro bishika vyigera biba hagati y’abasanzwe begwa n’ico kibazo bose.
Mw’ishirahamwe APDS bamenyesha ko bagiye kuja hamwe n’ababijejwe bose, Reta, abakozi n’abakoresha, kugira umukozi nawe agire agateka n’amategeko agenga abakozi n’akazi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.