Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwitoza kw’umukuru w’igihugu kuzova mw’ikoraniro kaminuza rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ukwitoza kw’umukuru w’igihugu kuzova mw’ikoraniro kaminuza rya (...)

Ukwitoza kw’umukuru w’igihugu kuzova mw’ikoraniro kaminuza rya CNDD-FDD

jeudi 12 Nyakanga 2013

Abatari bake haba mu migambwe iri mu yitavuga rumwe na Leta, haba muri CNDD-FDD uri ku butegetsi, haba abanyagihugu, amashengero, abari mu mashirahamwe atoho yegamiye mu vya politike n’abandi, babandanya kugira ico bashikirije ku bijanye na hamwe nyenicubahiro, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yosubira kwitoza, akarongora igihugu ku kiringo kigira gatatu.

Ferederiko Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu

Ku bwa Ferederiko Bamvuginyumvira yabaye icegera c’umukuru w’igihugu, akaba yarakurikiranye amasezerano y’i Arusha, asigura ko icatumye mu masezerano ya Arusha bashinga ko ata mukuru w’igihugu n’umwe yosubira kurenza ibiringo bibiri, ari ukwo ibiringo bibiri abirengeje, aca atangura gutwara ukwo ashatse, igihugu akakigira nk’umurima wiwe, ugasanga agena mu nzego bamwe mu bana biwe canke incuti ziwe. Ku bwiwe rero umukuru w’igihugu ibiringo arekurirwa n’amategeko birakwiriye, ni bibiri. Avuga ko abarengeje imyaka icumi mu kurongora igihugu c’Uburundi ivyo bakoze mu nyuma bitashimishije abarundi n’amakungu, ndetse ubutegetsi bwabo, buhava buratembagazwa. Aha akaba yatanze akarorero ka Micheli Micombero, yatwaye igihugu imyaka icumi n’umwe, n’abandi.

Willy Nyamitwe icegera c'umuvugizi w'umukuru w'igihugu

Ariko rero, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe, akaba yabariye bagenzi bacu bo mu runani rw’amaradiyo ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, kuzova mu nama rukokoma y’abagumyabanga ba CNDD-FDD, aho aribo nyene bazogena uwuzobaserukira mu matora yo mu mwaka w’2015. Willy Nyamitwe akaba yabandanije avuga ko hamwe umugambwe asanzwe aturukamwo womugomwa ngo awuserukire mu matora, kitobuza ko yitoza. Hamwe rero bigaragaye naho ko yoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha, muri ico gihe sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ikaba ariyo yoshobora gutatura impande zitavyumva kumwe.

Onesime Nduwimana umuvugizi w'umugambwe CNDD-FDD

Mu mugamwe usanzwe uvamwo umukuru w’igihugu CNDD-FDD, bemeza ko umukuru w’igihugu yatowe rimwe gusa n’abanyagihugu, aho naho hakaba hari mu mwaka w’2010. Onesime Nduwimana asanzwe avugira uwo mugambwe, avuga ko umukuru w’igihugu abishatse ku giti ciwe ashobora kwitoza, arungitswe n’abagumyabanga naho nyene, agashobora kwitoza kugira asubire abaserukire mu matora y’umukuru w’igihugu. Abandanya avuga ko kugeza n’ubu atakimubuza ko yitoza, icomubuza yoba sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi.

Vital Nshimirimana / FORSC

Mu runani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike FORSC bavuga ko umukuru w’igihugu amaze kurongora imyaka umunani gushika aya mango, bisigura ko asigaje imyaka ibiri yonyene kugira arangize ikiringo ciwe. Vital Nshimirimana arongoye urwo runani akaba avuga ko, hamwe umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yorungikwa n’umugambwe kuwuserujira mu matora yo mu mwaka w’2015 akavyemera, bizoba bisigura ko amasezerano y’i Arusha co kimwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bizoba bisezerewe mu gihugu, nk’uko vyabandanijwe bivugwa na Nshimirimana Vital arongoye FORSC.

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri

Kuri ivyo rero, abatari bake batakambira sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira abe ariyo itatura ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Isidore Rufyikiri asanzwe ari umushingwamanza, ndetse akaba arongoye n’urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, avuga ko abagize iyo sentare bagenywe n’umukuru w’igihugu, vyogorana ko baca urubanza rutandukanye n’ishaka ryiwe. Rufyikiri akaba amenyesha ndetse ko rimwe rimwe binagorana ko abagize iyo sentare baca urubanza rw’umushikiranganji, ubu rero bishitse ku rwego rw’umukuru w’igihugu vyogora.

Rufyikiri rero, asaba umukuru w’igihugu ahubwo ko ikiringo ciwe c’imyaka icumi giheze nawe nyene yoba ahejeje, kugira namba yarakoze neza, aze yame ashimirwa ko yarongoye abanyagihugu neza, ariko ntaze yame avugwa ko yari yararenze amategeko harimwo ibwirizwa nshingiro, na cane cane ko mu kurahira yiyemeza ko azubahiriza ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi, n’amategeko yose arikomokako.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.