IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Umugambi mushasha wo gutunganya akazi uriko urigwa

Burundi : Umugambi mushasha wo gutunganya akazi uriko urigwa

mardi 1er Ndamukiza 2014

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwifadikanije n’ibanki y’iterambere rya Afrika, BAD, bwatunganganije uruganda ku rwego rw’igihugu ku bijanye n’umugambi mushasha mu Burundi, wo gutunganya akazi hisunzwe ico umuntu ashaka gushikako.

Uwo mugambi mushasha bise GRD (Gestion axee sur les Résultats de Développement) ujanye no gutunganya akazi hisunzwe ico umuntu ashaka gushikako, akaba ari mu migambi Uburundi n’ibindi bihungu biri mu nzira y’amajambere vyashimye, biwushira imbere mu migambo yayo y’iterambere.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’urwo ruganda rwo kurabira hamwe uko uwo mugambi wo gutunganya akazi hisunzwe ico umuntu ashaka gushikako woshoboka, umushikiranganji w’ubudandaji Marie Rose Nizigiyimana yamenyesheje ko Uburundi bwashimye kwifatanya n’ibindi bihugu bimaze kuja muri uwo mugambi kugira abantu bakore bisunze iyo ngendo nshasha yo gukora bazi ico bashaka gushikako.

JPEG - 88.2 ko
Makurata Bigirimana, umunyamabanga ntayegeyezwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta

Kubwa Makurata Bigirimana, umunyamabanga ntayegeyezwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, uwo mugambi mushasha uje gufasha kwisuzuma mu kazi kugira umuntu wese arabe ko yashitse kuco yari yateguye gushikako, mu gihe naho atashitse ku ntumbero yari yihaye gushikako ahindure indengo yatumye bidashoboka.

Mwomenya ko uwo mugambi mushasha mu Burundi, ishirahamwe ry’iterambere rya Afrika BAD ryawucishije mu mashirahamwe manini manini yo muri Afrika nka COMESA (Marché Commun de l’Afrique Orientale et Australe) na UEMOA (Union Economique et Monétaire Ouest Africaine). Ishirahamwe BAD rikaba ryatoye ibihugu risanzwe rishigikira kugira ribifashe kwisununura mu guteza imbere uwo mugambi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.