IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Urunani rw’abagendana ubumuga rwahimbaje imyaka 25 rukorera ku (...)

Burundi : Urunani rw’abagendana ubumuga rwahimbaje imyaka 25 rukorera ku mugaragaro

samedi 26 Ndamukiza 2014

Urunani rw’abagendana ubumuga APHB rwarumije imyaka 25 iheze bakorera ku mugaragaro, bakavuga ko banezerejwe n’ukubona umukuru w’igihugu c’Uburundi yarateye igikumu ku masezerano mpuzamakungu y’abagendana ubumuga.

Kuri uno wa gatanu, urunani rw’abagendana ubumuga APHB (Association des Personnes Handicapés du Burundi) barasozereye ibikorwa vyo guhimbaza umunsi mukuru wo kwigina imyaka 25 iheze bemerewe gukorera ku mugaragaro.
Claude Niyongabo icegera c’uwurongoye urwo runani arakenguruka ivyaranguwe muri ino myaka 25 iheze kuko bafashije mu guteza imbere agateka k’abamugaye.

Mu runani APHB bavuga ko bashize imbere inkino, kuko bamenyesha ko arico gikorwa kimwe bakoresha mu guhimiriza n’abandi barundi kugira babone ko abamugaye nabo nyene bashoboye.

Muru urwo runani barakengurukira Reta y’Uburundi, n’umukuru w’igihugu baheruka gushira umukono ku masezerano mpuzamakungu agenga abamugaye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.