Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Abanyagihugu banezerejwe na Primusic - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bururi : Abanyagihugu banezerejwe na Primusic

Bururi : Abanyagihugu banezerejwe na Primusic

lundi 12 Myandagaro 2013

Nk’uko bibandanya bivurwa mu ntara z’igihugu, ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyari bigeze mu ntara ya Bururi aho igiteramo cabereye muri komine Rumonge iri muri iyo ntara, ndetse kikaba citabiriwe n’abantu benshi.

Umurwi ujjejwe ivy’ubuhinga watoye abaririmvyi icumi baja guhiganwa imbere y’abantu mu giteramo cabereye ku kibuga c’umupira mu gisagara ca Rumonge, abaririmvyi batowe ni: Niyonzima Boaz , Bimenyimana Pancras , Niyondavyi Lambert , Irakoze Willy, Nivyavyo Fay Isai, Butoyi Ernest, Kalume Enock , Bukuru Pierre , Nivyabandi Pascal na Rukundo Franck.

K’umuhingamo abo baririmvyi uko ari icumi baririmvye imbere y’abanyagihugu bitavye igiteramo aho mu nyuma umurwi ujejwe ubuhinga wavuze abaririmvyi babiri bazoserukira intara ya Bururi: Niyonzima Boaz azwi kw’izina rya D.Y.D na Bimenyimana Pancras azwi nka Tisalonik.

Muri nya giteramo umuririmvyi Rally- Joe, Sat- b mbere na Mkombozi nibo bateramishije abantu bikaba ari na zimwe mu mvo zatumye ico giteramo citabwa cane kuko abaririmvyi bose bamenyeshako bafise abakunzi benshi muri iyo ntara.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.