IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Umukenyezi yapfiriye mw’ibohero bagenzi we barabinyegeza

Bururi : Umukenyezi yapfiriye mw’ibohero bagenzi we barabinyegeza

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Abari basanzwe basenga hamwe na Barikwinshi Marceline mw’ibohero rikuru rya Bururi baranse kuvuga ko yitavye Imana, kuko bari bizeye ko ahava asubira kuronka ubuzima. Ubuyobozi bw’ibohero rya Bururi bwabimenye amaze iminsi itanu apfuye, haca hafatwa ingingo ko yoshingurwa.

Barikwinshi Marceline ni umukenyezi avuka muri komine Muhuta intara ya Bujumbura. Ikiziga ciwe catowe ku mutaga wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu, kandi yari yitavye Imana kuwa gatandatu mw’ibohero rikuru rya Bururi mu cumba ca mbere.

Abakenyezi bo muri iryo bohero ahasanzwe hari hapfungiwe uwo yitavye Imana bamenyesha ko bagenzi we babiri bari bapfunzwe bagirizwa icaha kimwe, bankiye abandi banyororo bapfungiwe mu kibanza c’abakenyezi, ko bovuga ko uwo Barikwinshi marceline yitavye Imana. Babwiye abo banyororo bandi ko uwubivuga nawe aca yitaba Imana.

Uko ari batatu bari bagirizwa icaha kimwe

Barikwinshi Marcekine uwo yitavye Imana, hamwe n’abo bagenzi biwe babiri bari bapfunzwe bagirizwa icaha kimwe bose co kwica umuntu muri komine Nyanza Lac intara ya Makamba. Bagirizwa umuntu yabapfiriyeko bariko baramusengera babicishije mw’idini ryabo, "Ubumwe muri Yesu Kristo", hakaba hari mu mwaka w’2012.

Abo bakenyezi babiri babonye Barikwinshi Marceline yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu uheze, baciye babuza abandi bakenyezi ko hatogira n’umwe abivuga, kuko uwo mukenyezi yari amaze gupfa incuro zitatu zose hama arazuka, nk’uko vyemezwa n’abo bakenyezi. Kugira ntihagire uwubicira hasi, bateye ubwoba abandi bakenyezi bapfungiwe muri iryo bohero ko uwuhirahira akabivuga nawe nyene aca apfa.

Kuri uwu wa gatatu, niho umwe muri abo bakenyezi yabwira umuyobozi w’iryo bohero ko hari umukenyezi yahapfiriye, ico kiziga kikaba cari kimaze iminsi itanu, mbere cari camaze gutangura kunuka cane.
Abaganga bamaze kwemeza ko uwo mukenyezi yapfuye, abajejwe intwaro mu ntara ya Bururi, hamwe n’umushikirizamanza mukuru wa Repuburika mu ntara ya Bururi, bakaba baciye bafata ingingo ko uwo mukenyezi Barikwinshi Marceline ajanwa gupfubwa ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.

Abo bakenyezi babiri basanzwe basenga hamwe n’umuhisi Barikwinshi Marceline, mbere banapfunzwe bagirizwa icaha kimwe, bakaba bagumye basaba ko uwo yitavye Imana atohambwa kubera bari biteze ko ahava asubira kuronka ubuzima.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega yemwe abantu bazokwumva ryari?kumusengera nivyiza ariko bamenye ko nabaganga bahawe ubwenge nimana jewe nosaba ko mwobizera ataruko leta nishireho itegeko rihasha benabo nimba ritari rihasanzwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.