Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Businesslife.bi ikinyamakuru gishasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Businesslife.bi ikinyamakuru gishasha

Businesslife.bi ikinyamakuru gishasha

mardi 12 Myandagaro 2014

Businesslife.bi ni ikinyamakuru gishasha gitanga amakuru kibicishije ku buhinga ngurukanabumenyi, nk’uko vyavuzwe n’umuyobozi waco Fabrice Iranzi, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Fabrice Iranzi umuyobozi w'ikinyamakuru Businesslife.bi

Fabrice Iranzi akaba yamenyesheje ko ikinyamakuru arongoye cabonewe izuba na Canal Business Life International (CBL - INTL). Avuga ko ikinyamakuru Businesslife.bi kizitwararika cane ibijanye n’iterambere ry’abanyagihugu, mu gukora amakuru ateza imbere ibikorwa vy’abanyagihugu, amakuru atera intege umunyagihugu mu gushira amasanamu ajanye n’inkuru z’iterambere ku munyagihugu, kugira ntacike inkokora abandanye yiteza imbere. Ico kinyamakuru basoma ku buntu giciye ku buhinga ngurukanabumenyi, kikaba kije ciyongera ku bindi bisanzwe bihari. Kuri ivyo, Iranzi akavuga ko Businesslife.bi ifise itandukanirizo n’ibindi, kuko uretse gushiramwo amasanamu mu nkuru, bazoshiramwo n’amasanamu ya video.

Mukamenya ko muri ico kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Fabrice Iranzi yavuze ko basanzwe baratanguye gukora, bagakora amasaha 24 kuri 24, kandi uretse ko bazokora cane mu gisata c’uguteza imbere umunyagihugu, bafise n’ibindi bisata nka poritike, ubutunzi, ubuhinga bwa none, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.