IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bwiza: Imvura iguye ibahererako yose aho bicaye

Bwiza: Imvura iguye ibahererako yose aho bicaye

vendredi 4 Gitugutu 2013

Kuva aho bamwe mu bahora badandariza mu mabarabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura birukaniwe n’abajejwe umutekano bafashanije n’abarongoye intwaro mu gisagara, ubu bamwe baroye ku nkengera z’amasoko amwe amwe ari mu makomine y’igisagara ca Bujumbura, mu gihe abandi nabo, bakiri mu mabarabara y’igisagara, badandariza ku mutwe, mu gucunganwa n’abapolisi.

Abadandariza ku nkengera y’isoko yo mw’ijabe rero twashoboye kuyaga, bavuga ko nk’ubu ari mu gihe c’imvura, bagira ingorane, mu gihe imvura iguye batagira aho bugama, yose ikabahererako aho bicaye, bamwe abana bari ku mugongo, ndetse ikaba yonona n’ibidandazwa vyabo , aho bimwe bibora. Abo badandaza bakaba basaba Leta ko yokwiga ikibazo cabo, kuko aho muri iyo soko, atamafaranga baharonka, kuko abantu bashorera abo basanzwe bamenyereye.

Ikindi abo badandaza bavuga, ni ukwo abantu benshi, bataza gusuma mu gihe c’imvura, babanza bakareka imvura ikagabanuka, idahise naho, abo badandaji baca bataha ukwo nyene, ibidandazwa vyabo bikaba bihomba ukwo. Basaba ko Leta kandi yokwibuka ko aho bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, atakibazo nayo bari bwigere bagiriranira, ari naco gituma Leta itobafatira muri iki gihe bagowe, maze ngo igume ibarungikamwo abapolisi aho bariko bararondera icorirenza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura.

Abo badandaza bavuga ko hamwe Leta itokwiga vuba ikibazo cabo, bavuga ko inzara ariyo izoca ibica n’imiryango yabo, mu gihe bamwe bavuga ko ari abapfakazi bareze impfuvyi, abandi nabo bakavuga ko ari bantaho nikora. Isoko y’ivyamwa iriko irubakwa inyuma y’ahahoze ubuserukizi bw’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, bakaba basaba ko yokwubakwa ningoga kugira abo bakenyezi baronke aho badandariza, mu gihe abo barikumwe mu mabarabara baronse ahahoze le grenier du Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.