Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Camus Hasangirabakunzi : Abadandaza batobato bakwiye kwiyegeraniriza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Camus Hasangirabakunzi : Abadandaza batobato bakwiye kwiyegeraniriza mu (...)

Camus Hasangirabakunzi : Abadandaza batobato bakwiye kwiyegeraniriza mu mashirahamwe

dimanche 5 Ndamukiza 2015

Abadandaza batobato basabwa kwiyegeranya mu mashirahamwe, aho naho, bagafashanya guharanira agateka kabo nk’uko bivugwa na Camus Hasangirabakunzi, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’ubudandaji ajejwe ivy’amategeko.

Uwo muhanuzi muri ubwo bushikirangani akaba yasavye abadandaza batobato baronkejwe ibibanza mw’isoko yo kuri COTEBU kunyarukirayo, batangure kudandaza narirya iyo soko yamaze kwugururwa.

Ariko rero naho Camus Hasangirabakunzi avuga uko, bamwe mu baronse ibibanza vy’ubudandaji mw’isoko yo kuri COTEBU bakaba bemeza ko bataronka ababashorera, kuko benshi basumira mu dusoko tunyuragiye mu micungararo y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, yaba impuzu, ivyamwa, n’ibindi vya nkenerwa.

Mukibuka ko kuva isoko ya Bujumbura ihiye igatokombera, abadandaza bamwe bamwe baciye batangura kudandariza mw’ibarabara, ivyo bavuga ko bitaborohera, kuko bagira ingorane mu kudandaza basiganwa n’igiporisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyovyose vyogutuma abadandaza badandariza kuri Kotebu Babura abakiriya kubera abadandariza kumayarara nivyobituma igi polisi cama cirutse inyuma yabo badandariza kumayarara, kukontiwobona umuntakora atanga ama tagisi ahungabanwa nuwutayatanga nguheze uvyemere kandamategeko akwemerera kwitaho nokurinda icohungabanya muburyo ubwaribwobwose bwohungabanya umundandaza adandaza atanga ama tagisi, Nicogituma muzoza murabona polisi yiruka kubantu mukibaza ngo nukubanka kumbesukubanka nugushaka kwibintu bijakumurongo.

  • Mbega ubu Cotebu ko yaje niyo bariko bararonderera abajayo CAMUS uti raba amasoko ari kuri 11 eme Mutakura mwibarabara no kuri Mendevre kinama mutakura ayo arihishwa n’Abamisitanteri naba chef de quartier kandi na Maire de Ville arabizi kuko barayasangira kandi hari soko igaragara mu bukirasazi yorishe amakori akinjira mu kigaga ca Reta ariko kubera cotebu haronse abategetsi bariko barondera abajayo nibarabe nabandi bakorera murayo masoko ko bandahomba bahombeshejwe n’aba misintanteri kunyungu zabo kandi uko n’ukuri baza uwutwara kinama amasoko yuguruye mwibarabara iyo ashira amahera bamuha iyo batarishe arabirukana bakoresheje abapolisi haheze imisi ibiri uwurishe acagaruka agakora hageze kandi akagira kurya mwumva atari bara Kurivyo nibikorwe hose umuntu yubaka kiosque mw’ibarabara akaca adandaza none reta irihoa canke iri muri koma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.