IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Carama : Akavura gakororeye amama hasi abanyagihugu bibuka ibiherutse (...)

Carama : Akavura gakororeye amama hasi abanyagihugu bibuka ibiherutse gushika

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Akavura kaguye inyuma y’umutaga mu makaratiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, katumye imwe mu miserege itwara amazi muri komine ya Kinama iziba, kuko yarengewe n’amazi.

Iyo mvura yaguye kuri uyu wa 19 Ruhuhuma uyu mwaka, yari nke, ariko abanyagihugu baba mu Carama hafi y’isoko ya Kinama bo bagize ubwoba, bibutse ibiherutse gushika kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma, aho imvura y’isegenya yahitana abantu n’ibintu, ikayogeza. Abo banyagihugu rero bakaba n’ubu imitima itarasubira mu nda, kuko amazi iyo arenze imiserege, baca bibuka ayaheruste kubahekura.

Twobibutsa ko imwe mu miryango yaburiye ivyayo muri iyo mvura yo ku wa 10 Ruhuhuma, n’ubu myinshi ikiri mu buhungiro, kuko inzu z’abo banyagihugu zasenyutse, uwashoboye kurokoka nawe akaba ataco yashoboye kurokora. Intara nka zose z’Uburundi, amwe mu mashirahamwe atandukanye eka n’ibihugu bimwe bimwe bigenzi vy’Uburundi, bakaba bariko barakora ibishoboka, mu gufasha, imiryango yasimvye imanga muri iyo segenya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.