Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI: Amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI: Amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 (...)

CENI: Amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro

mercredi 5 Myandagaro 2015

Umuvugizi w’umurwi utegura amatora CENI Prosper Ntahorwamiye,amenyesha ko amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko imyiyamamazo izotangura kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro,imare iminsi cumi n’ine nkuko vyabaye ku yandi matora,kandi ayo matora, azobera ku mitumba no mu ma quartier mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’umurwi utegura amatora CENI avuga ko abazokwitoza naho boba bafise imigambwe bavamwo,ariko bazokwitoza ku gatwe kabo,kandi ibisabwa baramaze kubishikana mu murwi itegura amatora mu makomine CECI.

Ku bijanye n’ikarata y’itora,Prosper Ntahorwamiye avuga ko itandukanye n’izakoze mu matora aheruka ,kuko iyizokora ubu ata kimenyetso kizoba kiriko,ariko hazoba hariko ibibanza bitatu aho bandika amazina y’abitoje.

Mwomenya ko muri abo batatu baja kw’ikarata y’itora ,uwa mbere aronse amajwi menshi ariwe arongora umutumba,abakurikira bakaba abahanuzi b’umutumba.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.