IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI : Amatora yo mu mwaka w’2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na (...)

CENI : Amatora yo mu mwaka w’2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na Nyakanga

vendredi 13 Ruheshi 2014

Buca abakozi b’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI bakwira amakomine yose bajanywe no gutororokanya ibibanza abarundi bakwije ibisabwa n’amategeko bazokwandikirwamwo.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2014, mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora bamenyesha ko muri ico gikorwa buca batangura, bari kumwe n’abaserukira CENI mu ntara, bazofashanya n’abakuru b’imitumba ya rusansuma n’amakaritiye, hamwe n’uwujejwe ikarata iranga ibibanza birimwo amashure muri iyo komine, kubera ko aribo basanzwe bazi neza aho ivyo bibanza biherereye n’uko bimeze.

Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENI amenyesha ko ico gikorwa co gutororokanya ibibanza bizokorerwamwo mu kwandika abazotora, kizosozerwa no gushira ahabona urutonde rw’ivyo bibanza mu gihugu cose. Ibizokurikira navyo akaba ari ivyerekeye iyandikwa ku mitumba no muma karitiye ry’abazotora, iyandikwa mu buryo bwa none ry’ivyatorokanijwe biranga abazotora mu gihugu cose (Saisie informatique), isohorwa ry’urutonde rw’abazotora naho bazotorera, hamwe n’isohorwa ry’amakarata y’abatora.

Ku cerekeye ibiherutse gushikirizwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu y’uko abitwa "les acteurs politiques" ko batemerewe kwiyamamaza, mu murwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora bavuga ko ico bakora bobo ari ugukurikiza ibwirizwa shingiro hamwe n’itegeko rigenga amatora. Muri ayo mabwirizwa akaba ata hantu na hamwe handitse urwo rwego rw’abitwa "Acteurs politiques", aho mukumva ko abazoba barekuriwe kwiyamamaza ari imigambwe "Partis politiques", abagize urunani (Coalition), hamwe n’abazokwitoza ku gatwe kabo "Les Candidats indépendants).

Mu murwi CENI barangiza basaba abajejwe intwaro gukora uko bashoboye kwose kugira ico gikorwa kizorangurwe neza. Batumira abarundi bose bakwije imyaka yo gutora kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015 mu kurondera hakiri kare ibisabwa n’amategeko, nk’ikarata karangamuntu kugira bazoshobore kwiyandikisha. Mu murwi CENI bavuga ko mu minsi iri imbere bazokwira igihugu cose, kugira bigishe abarundi bose ingene bazotora bisunze ibwirizwa rishasha rigenga amatora.

Tubamenyeshe ko amatora yo mu mwaka w’2015 azoba hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Nyakanga 2015. Nk’uko Petero Karaveri Ndayicariye abimenyesha, hari amatora abiri azobera ku munsi umwe, ayo nayo akaba ari amatora y’abahanuzi ba komine n’amatora y’abashingamateka. Hazoca hakurikira amatora y’umukuru w’igihugu ukwayo, hakurikire ay’abakenguzamateka nayo nyene azoba ukwayo, hahereze amatora y’abahanuzi b’imitumba canke amakaritiye.

Mu murwi CENI bakamenyesha ko mu ntango z’ukwezi kw’indwi ariho bazoshikiriza ikirangaminsi nyaco c’uko ayo matora azogenda.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.