Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI: Ihagarikwa ry’infashanyo nta kibazo riduteye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI: Ihagarikwa ry’infashanyo nta kibazo riduteye

CENI: Ihagarikwa ry’infashanyo nta kibazo riduteye

mardi 12 Rusama 2015

Mu murwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI bamenyesha ko mu gihe infashanyo ku bijanye n’amatora zihagaritswe ico kibazo baca bagishikiriza Reta,ikarondera ahandi yoronka imfashanyo.

Mu kiganiro umuvugizi wa CENI Prosper Ntahorwamiye yahaye iradiyo y’abongereza BBC ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama,yavuze ko mu gihe uburyo bwari bwategekanijwe ngo bukore mu matora baharuye harimwo ayo yatangwa n’Ububirigi,iyo ntererano itabonetse,bizeye ko Reta izoca ifata izindi ngingo.

Ku kibazo co kumenya nimba ihagarikwa ry’infashanyo ridashobora gutuma haba impungenge mu gutegura amatora Ntahorwamiye yavuze ko hakiri umwanya wo kwiga icokorwa,mu gisata c’ubuhinga bobo bakoreramwo ngo nta kibazo bibateye.

Prosper Ntahorwamiye yavuze ko ku bijanye n’ubuhinga bakibandanya gukora kuko bikimeze neza,ariko avuga ko ivyo guhindura ikirangaminsi c’amatora bazobirabira hamwe n’abandi begwa n’ico kibazo kuko nabo ari abarundi nk’abandi bose.

Mwomenya ko Reta yUbubirigi,Ubuholande n’Ubuswise arivyo bihugu bimaze gufata ingingo yo guhagarika infashanyo,zari zemerewe Uburundi mu gutegura amatora.Iyo ngingo yafashwe inyuma y’imyiyerekano imaze indwi zirenga zibiri,iyo myiyerekano yatumye abari muri yo barenga 12 bapfa barashwe n’igipolisi c’igihugu.


IGIHE

Messages

  • none basha burya mwumva bano bategetsi bakynda umunyagihugu canke igihugu burya abafyins nibafyine ndabona kohagiyr kubaba!

  • ubwishime mufise nibwo buzobica hiiiiii

  • Peter nukumukuraho niyo CENI bakajana kuko ntihumuriza na gatoyi!! Baramaze kubaha igipfukamunwa !!

  • PROSPER nTAHORWAMIYE WABAYE URI IMBURABWENGE BIGEZE AHO,UBURUNDI MUFISE IKI MWOVUGA NGO IMFASHANYO IHAGAZE NGO NTACO VYOBATWARA MUFISE IKI GANANI,NTAGITORO NTASUKARI NTA MUNYU NGO RETA IZOCA IRABA AHO IKURA AMAHERERA WEWE PROSPER UFISE ANGAHE KUBUDYO WOGURANA RETA?

  • ubwo ni uburyo bwo gushigikira sebuja nkurunziza mukwerekanako vyose vyera mu gihugu.nokubesha harajamwo ubwenge ,mbega wibagiy soboja ikibanza asize ahaye UBURUNDI mu vy’ubutunzi! mayina ngira muzokwikora kuramwe y’indege itabaho, vyose s’ubusuma gusa.

  • Iyo CENI itegerezwa kwiyamirizwa na yo nyene gutyo ikaja mu ma conditions yobanza kwuzuzwa kugira habe amatora ameze neza ata guhengama guhari.

  • mbega abategetsi buburundi kumengo bafata ibintu minenegwe kandi tubona yuko ibintu bigeze ahatemba abo bategetsi buburundi bareke kwihagararako kuko namahera agisigaye muburundi barayiherejeko yose hanyuma bazobigiriranira na leta mbe leta sitwebwe nyene abanyagihugu bazoca bashaka kutunyaga utwacu iyo ngendo nibayivqvanure kuko kuko uburundi bwizera ibihugu vyo hanze igihe cose uyo mushikiranganji nawe nareke kubesha ngo bazobishobara bonyene

  • Ivyo nivyo bivugisha ntamatora ahaye araba muburundi canke naho ngira bazokoranya amahera yumugambwe ngirazokwira muga ataramahera yigihugu

  • Bansumirinda,baracar Bensh,imana Nidutabar.

  • Bansumirinda,baracar Bensh,imana Nidutabar.

  • Abarundi bampatsibihugu mukwisukira bisubiriza mubihugu bagize akarinakabo bavugayamuhe ngonimudufashe muhahagarike gufasha murayamatora yimirije, nyenicubahiro umukuruwigihugu agakomeza kuvugango amatora azogendaneza , nabarundi bampatsibihugu sugusara bakivayo mukurondera noneho ivyotuma ayomatora atagendaneza nkuko sebarundi yarivunereye. Ehenoneho karabaye mugihe ibihugu bimwe bihagaritse kuzotanga intererano bwemereye uburundi mubijanye namatora, haciyehaboneka ibindibihugu vyiyemejeko uburundi amafranga yose buzokenera kugirabukore amatora bizoyatanga ngokandi mugihe nuzokenera ibikoresho vyagusirikare tuzobibarosa

  • @ ndavugasimvura et ndayikengutu...
    Muratwenza pe,nawe utishima uzopfa ,aho mwagiye mu banyabulaya kwugaza imfashanyo na vya pancrace bija imbere,mwibaza ngo muradushoboye,vraiment abatutsi mwamenyereye kureka amaboko birakomeye,ubona iyo muba mwishimirako ayo mafaranga ava mu mipfuko i wanyu,nukuli abazungu baratwenga iyo bababonye muja kwugaza ivyo mutazi iyo biva,aho nimwebwe mukunda abanyagihugu iyo mucafuza mugayisha igihugu cacu?Hagiye kubaba sinzi,ariko baza ba pancrace na ba sinduhije

  • Tugombadukorane nabemerako uburundi arigihugu duhangane nabakatuvayangishije agati kuvakera ntitwoshobora kugira ahotwigejeje dutegekwa kora iki tugufashe turemeye gutangura ubuzima bushasha arikotwibere mumahoro maze dutegane nuwowese yokwihenda ngwaraza gushiza intambara, ntakinezereje nkokubona muburundi ubu haramaze kuboneka abahutu nabatutsi nabwatwa bazi icubumwe nyakuri busivura nacokikabari kwemera mukagoranwa mumagorwa nomumahirwe. Tugombagukora ikintugishasha muburundi kizotangaza beshi kimaramaze beshi arikokizonatuma abakatugaraguje agati batangura kutwubahira igihugu vyukuri, erega nubwo twikukiye turacafise ivyodukwiye gukora kugira abadukoroneje tubemeze kodushoboye, nayotwoshize gukomamashi buriko bavuze twozorinda duhonyoka batugenderako.

  • Ndatangay can numvis umuntuciyumvira ko abanyabulaya bafata ibihano kuko ari abarundi baja kubisaba. Ivyo bavyita ukutamenya cank ubigira nkana. Abo bazungu barafis abababerey ijisho i Burundi kandi umeny ko hari inyifato batihanganira. On est en 2015 pas en 1994. Essayez d’evoluer les temps sont revolus.

  • @scharzenegger
    Kabisa ufise ivyiyumviro nkivyanje mais toi plus intelligent,je te jure ivyo uvuze nivyo,nkuko nabikubwiye igikuru twamaze gutahura vyose,none burya umuntu amaze gutahurako yankwa akora iki?Soit uri debrouilla et tu t’en sorts meme avec des sequelles mais tu t’en sorts! ou tu sombres une bonne fois pour toute et tu meurts,,ubu rero kirazira ko dusubira gupfa twicishijwe n’abacolonie bacu jamais,mbega ndabira badutambire ku gakanu ata na menshi batanze,kuri 61millions zikenewe 2 millions gusa nizo bakikimbirako,mbega ubwo ataruko urukoba rwera rwatwifatiye ,mbe bo bataronse congo wibazako hari ayo bafise menshi,ahubwo nibavuge riko ko bayabuze bareke guhenda abantu,ndakurahiye peter ntitumuhindura amategeko arabimwemerera ikindi uyu mugambwe wacu ubarye nta numwe murizo mbwebwe zose yawushikanye harya bareke rero kutubwira abandi ntabo dutanga twebwe dutanze urya ni umu cnddfdd abo bandi ntidusangiye umugambwe surtout abo ba colonie twapfa barorera qu’ils aillent se faire foutre nubwo busa bwabo ngo ni amahera,baza gushira ibirenge vyabo mu bintu vyacu kugira batwifatire aribo baza no kuyarya ngo bariko barafasha abatutsi nabo izo mbwa bakabadukwegerako,ubu turavyanse!!

  • ubwo reta itabonye ayo mahera sinumvako amatora anzohava agenda neza,ubwo ntibanzoyaturoneramwo!

  • Abarundi twanye dufise Imana abarundi isinzi dukeneye amahoro tutarimwo inzigo yamacakubi yabahutu nabatutsi nabatwa nimuze dusenge umuremyi ataburyarya ibifaranga ntituzomenya iyobivuye kandi amatorazogendanezacane. Nyenicubahiro mukuruwihugu cacu cu BURUNDI PETERO NKURUNZIZA gumakwivora abarundisinzi tukurinyuma abagumyabanga twararahiye kudatamikwijambo kuko turi inamayabanyagihugu iharanira demokarasi

  • Abarundi twanye dufise Imana abarundi isinzi dukeneye amahoro tutarimwo inzigo yamacakubi yabahutu nabatutsi nabatwa nimuze dusenge umuremyi ataburyarya ibifaranga ntituzomenya iyobivuye kandi amatorazogendanezacane. Nyenicubahiro mukuruwihugu cacu cu BURUNDI PETERO NKURUNZIZA gumakwivora abarundisinzi tukurinyuma abagumyabanga twararahiye kudatamikwijambo kuko turi inamayabanyagihugu iharanira demokarasi

  • uko nukwihagarako ataho gushingiye let’s izokurahe amahera nabakozi kubahemba arikibazo.

  • nyakubahwa guma kwivora ukomeze ubatware ivyo vyimfashanyo navyo nibumvira abagumutsi barareke gusa umugabo nyamugabo ntiyisubira kuvyo yiyemeje

  • mbon ibint brko bironekar uburund bushak bwohb mandat

  • Nibareke kwitoza utunyoni ntanumwe atazi ibihanze uburundi ko n’abakozi batArahebwa

  • Ntahogwamiy We Nyamba Atamutima Usimba Kubwizo Mfashanyo Zahagaritsw Ntamutima Ugira!Nikaribu Bakabura Ayo Baguhemba Sha!Nkurumbi Nayaronder Wenyen Kuko Niw Yabitey

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.