Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI ihamagarira abarundi bakwije ibisabwa kwitaba amatora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI ihamagarira abarundi bakwije ibisabwa kwitaba amatora y’umukuru (...)

CENI ihamagarira abarundi bakwije ibisabwa kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu

vendredi 17 Mukakaro 2015

Umurwi CENI uhamagarira abarundi bose bakwije ibisabwa kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.

Mw’itangazo ryasomwe n’umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver Ndayicariye avuga ko isango y’amatora y’umukuru w’igihugu,iraba abarundi bose bashaka gushigikira inking z’intwaro rusangi.

Umukuru w’umurwi avuga ko abazotora bazokwitwaza karangamuntu n’ikarata y’itora.Avuga ko ari akaryo ku munyagihugu ko kugaragaza umunezero,naho nyene ingingo ya nyuma ifatirwa mu kazu k’itora.

Umurwi CENI usaba abarundi kwerekana ko bashigikiye amahoro mu kuja gutora,kuko gutora ari ububasha n’uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ntayindi nzira ishika atari amatora.reka tuzinduke mu kanzu k’ubwiherero,duhunde amajwi umugambwe isinzi ryifuzako worongora igihugu.icokiza uburundi nuko mwokwigarura mukemera i NKURUNZIZA!!!

  • Uri ndayicariye kweri aho ariko uraraba nutwo turineti ukabonako wohenda abanyagihugu? Iyonda wicariye ejo bayifoboza imigano! Aho uruhura abantu ngo ja mumatora? Namba ushaka ko baja mumatora ko mudatumako abahunze kubera mwebwe bobo s’abarundi? Ntabwo bakwije imyaka yo gutora? Wewe ivyarivyo vyose ntukwije.

  • Reka buce twitorere indongozi ivuye kumutima

  • He mutama mwarambaje kubona mwunguruza amatora ariko ntakibazo reka ku2 harageze twitorere indongozi abarundi bose bifuje

  • sha nuko ubaye Kure yanje nokwereka icimbwa yaboneye kumugezi kuko wewe urumwansi warundi wicariye iyonda yawe muri cndd ntakuriri kwawe urimburu

  • Nuko muguma mudupfubya reka buce tuburabira murugi twitorere indongozi zibikwiye.

  • ubundi bwo umubisha mukuru ni wewe bitebe bitebuke uzavyishura .umusuma wa mbere niwewe kandi uwatumye abarundi bamarana ni wewe.bitebe biyebuke ugiye kuvyishura kandi vuba cane

  • emma

    ego mutama isango turayirindiriye hatevye gushika gusa tuzosindukana niyonka, kwitorera indongozi zibikwiye abavuga nabo bavuge. ba CNDD-FDD bagumyabanga barundi mwese mukunda umugambwe CNDD-FDD muzogende mumatora gutora yankona petero nkurunziza.

  • Twemere inkurunziza twese tora CNDD-FDD

  • Amatora niyo nyishu kubbazo vyubrundi n’abarndi.

  • Butevyeguc Tworere Inryamunyo.Abobavyanka Batukinzego Igwaruyuzi.Ntimutiny Abo Babwa.

  • nakonatwetumuhundeamajwimkurunzizawacu imanaimuhezagire

  • Abazorira bo ntibabuze si nkuyo ngo ni Ndayicariye eka uri Ndayicariye kweri IMANA ihora ihoze sha we bandanya uta murudubi igihugu cabasokuru nabasogokuruza sha.umusi numusi tuzohura sha we rendegera sha nabarendegere yari mwene rusegeta.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.