IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI: Ikiringo co gutanga ibisabwa ku bazitoza ni ntabanduka

CENI: Ikiringo co gutanga ibisabwa ku bazitoza ni ntabanduka

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI (Commission Electorale Nationale Indepéndante) bamenyesha ko batazokwongereza ikiringo co gutanga ibisabwa n’amategeko ku banyamigambwe bazokwitoza. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umurwi CENI, Ntahorwamiye Prosper.

Mu murwi CENI bamenyesha ko ivyo kuzoshikiriza ibisabwa abazitoza, babimenyesheje kuva mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2014, ari naco gituma bamenyesha ko batazokwongereza ikiringo.

JPEG - 75 ko
Prosper Ntahorwamiye umuvugizi w’umurwi CENI

Tubibutse ko imwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta, iguma isaba umurwi CENI kwongereza ico kiringo, kugira abazitoza bazobe baronse ibisabwa n’amategeko. Aha tukavuga nk’umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Rwasa Agathon, umwe mu banyaporitike batavuga rumwe na Reta bazokwitoza nk’abigenga.
Bamwe baravuga ko hari impapuro zisabwa zigoye kuronka, Agathon Rwasa akaba yatanze akarorero k’urwo bita extrait du casier judiciaire rugoye kuronka.

Tukabamenyesha ko ico kiringo catanzwe ari hagati y’igenekerezo rya 30 Ntwarante na 8 Ndamukiza 2015.


Floxella karire

Messages

  • We Ntahogwamiye we! Na Claver ndayicariye! Murikore ribakore mwebw n’imiryango yanyu! Izompapuro ziboneka kuri bamwe ga, kubandi zikaba umuzi w’ibuye ga ngo nibiki? Nyene icubahiro umukuru w’abarundi n’abarundikazi aruhabwe atakirinze gusabwa : RWASA Agathon!

  • Ivyo kugira vyose nta matora azoba Mutama Rwasa atarimwo mubimenye mubimenyere,mumutuma umuzi w’ibuye mureka Abarundi n’amakungu niwe twigombera kandi aratsinda 2015 Cfr Nigeria,Atari aho nano turawubavugutira mwa mikenke mwe nta rugamba mwigeze muturusha.Viva Mutama Rwasa Viva Our next President

  • CENI RABA UKORERE INEZA YABOSE KUBERIKI UGUMA UNANA KUVYO BAGUSABA VYASE? UGOMBA KUDUKWEGERA AKARAMBARAYE? AGATOROSHI WANSE!NONE UGOMB’IKI? WANKA WEMERA UZOBIKORA REKA DUPFUME TUGUSENGERE UBWO BUGABA BUKUVEMWO!!AMINA MANA DUTABARE

  • CENI urazi yuko icizere tgufitiy atari ikirenga.ariko woshaka wogerageza ukwubahiriza ibisabwa na bose.abo ba dd babasuka mumenye ko nimwamenja muzotembana nabo ejo aho bukera

  • Wewe Ntahorwamiye name Ndayicariye ntimwitiranye ano matora ya 2015 namwe ya 2010.kimwe gusa Nyaguhezagigwa n Imana nyene Icubahiro President w Uburundi agiye kurongora Abarundi n Abarundikazi bose adakumiye numwe niyo mwamukura murano matora nukuvuga ko atamatora azobaho muburundi kandi sikera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.