Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI imenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu bidashoboka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI imenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu bidashoboka

CENI imenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu bidashoboka

vendredi 10 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ko amatora y’umukuru w’igihugu yokwigizwa inyuma kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro bidashoboka.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye avuga ko bisunze amategeko bakorerako,na cane cane ibwirizwa nshingiro n’ibiringo bisigaye,kwigiza inyuma amatora bizana ingorane kuruta uko vyozikiza.

Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko iryo sango ridashoboka kuko mu mategeko umukuru w’igihugu atorwa amaezi abiri imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira vyanse naho bagafata ukwezi kumwe.

Umuvugizi wa CENI akamenyesha ko bafatiye kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro,kandi bitegekanijwe ko arahira igenekerezo rya 26 Myandagaro,ukwezi gusabwa ntigukwiye.

Mwomenya ko ivyo vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu yabereye i Dar Es Salaam yagenye umukuru w’igihugu c’Ubuganda kuba umuhuza mu kibazo c’Uburundi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.