Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI imenyesha ko uburyo bwo guharura amajwi ari bumwe kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI imenyesha ko uburyo bwo guharura amajwi ari bumwe kuri (...)

CENI imenyesha ko uburyo bwo guharura amajwi ari bumwe kuri bose

dimanche 12 Mukakaro 2015

Mu gihe umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira wamenyesheje ko amajwi waronse mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yaharuwe ukutari kwo,umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko uburyo bwo guharura ari bumwe kuri bose.

Prosper Ntahorwamiye avugira umurwi CENI amenyesha ko mu gutanga intebe mu nama nshingamateka bisunze ingingo y’137 n’ingingo y’136 zivuga ko,intebe zigaburwa bisunze intebe zarushanijwe amajwi.

Umuvugizi w’umurwi CENI avuga ko urugero baharurako rudashobora gukoreshwa kuri bamwe,ariko rukoreshwa ku bahiganwa bose.

Naho muri CENI basigura ivyo,Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira avuga ko umurwi CENI utashoboye kubuzuriza,barindiriye ibizoshikirizwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kandi ivyo izoshikiriza bazovyemera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ico ntavuze kurayo matora ndagihoze murindire muzobon.

  • Concilie nagume akina nizo nzoka zaba dd,azohiga iyahungira atakiharonka.Abirukinyuma abahutu nkabo bamaranyimyaka myinshi bagoranwe bahiga démocratie!

  • None ga Ceni we, nimba aba dd bari bemereye Concilia abashingamateka benshi mukamuha 2 gusa, arabanikira nyene!
    Ariko Gaston natekereze kuko na Jaques yahawe ubusa arahoze ! Mumbarize Ntahorwamiye ko bari bavuze ko resultats zizoboneka mu misi 3 bigatwara imisi 8 ibiharuro vyo muri 6eme primaire vyari vyabananiye guteranya canke yari inkinamico y’amatora canke ni mchezo wa ndani ???

  • emma

    gaston nimwumvikane ivyo nibitoya muzovyihereza kandi ntimuce muva mumatora bandanya ivyiza birimbere.

  • Ilfaut que muvyo mwandika mushiramwo logique.Ninde mwabonye agabira uyundi abashingamateka?Nico catumye abagumuka bagumuka ngo bazobaha ivyagusa ?Siko bigenda,ubutegetsi burakoregwa nani,kandi butangwa n’abanyagihugu.
    Siko concilia wewe yanawakije,abagize imyiyerekano baronse bangahe ?
    Inkoni zonyene n’ivyuka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.