Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI : Intonde z’abiyandikishije zamanitswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > CENI : Intonde z’abiyandikishije zamanitswe

CENI : Intonde z’abiyandikishije zamanitswe

lundi 16 Ntwarante 2015, par IGIHE

Imvugo yabaye ingiro, umurwi CENI wamanitse mu gatondo ko kuri uwu wa mbere za ntonde z’abiyandishije kugira bazotore, nk’uko umukuru w’umurwi CENI, Petero Karaveri Ndayicariye yari yabishikirije ku munsi wa gatanu.

Intumbero y’ico gikorwa akaba ari ugukosora izo ntonde hamwe no gufuta abiyandikishije kabiri canke akarenga. Aho ikinyamakuru IGIHE caciye twahasanze abakozi babiri babiri b’umurwi CENI (Commission Electorale Nationale Independante). Ariko rero ikigaragara n’uko ata banyagihugu benshi bariko baza gusuzuma ko amazina yabo yoba yanditswe neza canke indangamuntu bashizeko ko arizo. Abo bakozi rero ba CENI ngo nta kindi bajejwe atari kwakira uwo wese abitura ko atanditswe neza canke ko imashini yoba yaramusimvye. Bakavuga ko baca bamusaba ivyerekana ko yiyandikishije gurtyo bagaca bamurenganura, bagaca bamuha akandi gapapuro gashasha kerekana ko yiyandikishije. Ikindi n’uko uwiyandikishije kenshi, ivyemezo bikwiye bashobora kumufuta. Ikigaragara muri ivyo bibanza n’uko ata bajejwe umutekano bahaboneka, bikaba bitera impungenge bamwe n’abandi kuko izo ntonde zishobora gutaburwa mu gihe ataboba bazicunze.

Ariko rero ntitwahasanze bamwe bo mu mirwi yigenga ihurikiyemwo impande zose iza kwirabira utunenge canke amakosa yoba yarabaye mw’iyandikwa rya mbere. Izo ntonde rero zikaba zimanitswe muri vya bibanza bandikiyemwo nyene(centres d’inscription).

Tubamenyeshe ko ico gikorwa gitegekanywa kurangira kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante uno mwaka, guhera kw’igenekerezo rya 21 naho hakazoca hatangura ca gikorwa co kwandika abatari biyandikishije mu kiringo ca mbere babifitiye uburenganzira. Ico gikorwa naco kikazomara iminsi itatu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.