Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe MSD wikuye mu migwi itegura amatora mu ntara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD wikuye mu migwi itegura amatora mu ntara

Umugambwe MSD wikuye mu migwi itegura amatora mu ntara

mardi 14 Gitugutu 2014

Mu gihe abatowe n’abagize umurwi CENI kugira baze barongore amatora yo mu mwaka w ‘2015 barahiye kuri uwu wa kabiri, umugambwe MSD waraye ukuye akarenge muri abo bazohagarikira amatora mu ntara.

Faransisiko Nyamoya umuvugizi wa MSD

Mw’ikete umugambwe MSD washize ahabona, bagiriza umurwi CENI kuba warakengereye uwo mugambwe mu kubaha abantu batanu mw’164, ndetse n’abari barimwo mu nyuma bahava barakurwamwo. Aha bikavugwa ko mu ntara ya Gitega, aho abari bashizwemwo bava mu mugambwe wa MSD bakuwemwo bivanye n’uko hoba harabaye ukwihenda ku moko.

Umugambwe MSD rero ukaba wahawe abantu batanu gusa mu Burundi bwose, ariko bikavugwa ko hoba hari hasigayemwo batatu. Uwo mugambwe ukavuga ko ayo matora ariko ategurwa nabi, ariko uko biri kwose, bemeza ko batazoreka kuiyitaba. Ariko naho biri uko, iyindi migambwe yo irashima naho amwe mu mashirahamwe hamwe n’imigambwe itandukanye banegura izo ntonde za CEPI.

Mu mugambwe UPRONA ishami ryemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko CENI yagerageje uravye abantu bari ku ntonde kugira baze bashirwe muma CEPI. Concilie Nibigira yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe arongoye umugambwe UPRONA, avuga ko amashirahamwe, imigambwe yose, amashengero yose, hamwe n’abari mu ntwaro bose batari guherera muri izo ntonde, ku buryo mu mugambwe UPRONA babona ko uwo murwi igikorwa wakoze atari ico kunegura.

Concilie Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n'ubushikiranganji

Aristide Nizigire

Messages

  • Nibigira ntakundi yarikuvuga kuko turaziko arikukazi ka CNDD FDD rero ategerezwa guca amafranga bamuhaye nico gituma avugako ceni yabigize neza rero ceni irimwo amahinyu adasanzwe .

  • CENI Irahengamiye kuri dd ahubwo Bakwiye kuyivamwo bakaja kwitoza Muri DD
    Bakabisa INVUGA KURI muburundi ni nyishi.

  • Mwabonye babagabo ngabo baratanguye ejo naho ngo babivye!

  • nohanura iyindi migabwe irimukibiri ntihave igira ukwishavu rigize nayo imere nka MCD nigumemwo amatora yoyo yamaze kwibwa biragaragara abababishoboye dusengere igihugu .

  • aho baratanguye kwiyotsa coba. mugutangura kwikuramwo hataragera ntacobanze! nibagumehamwe. none abo uwobizera ninde kobatanguye gurtyo! urukino ruratanguye. tubarabe. turabazi

  • Uwomututsikazi we yarayinze!Ameze nkabahutu bakera!Erega naho woshima, woshima mukigamba!Ngo vyose nisawa!Nibara!

  • Uravye neza CNI ntaho itaniye numugambwe uri kubutegetsi.Barasemerera nawo ugatwenga ukicinzehe ugaca wibandaniriza umugambi wawo.Akarero wosigura gute kwihenda kuri MSD ntibihende kuri CNDD FDD?Gushira muri CPI umugambwe udakorera muri iyo ntara?ntubona neza ko ufise umurongo uriko ukorerko?wihenze gato urondera amayeri ugaca uhindura.Ariko urabesha,tuzoja mumatora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.