Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI: Ntawuramenyesha ko atazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI: Ntawuramenyesha ko atazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu

CENI: Ntawuramenyesha ko atazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu

lundi 20 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko imyiteguro y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro,iriko igenda neza.

Prosper Ntahorwamiye avugira umurwi CENI amenyesha ko kuva ku muhingamo wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Mukakaro ibikoresho vyose biriko birajanwa ku biro vy’itora mu gihugu cose,kandi abajejwe umutekano bamaze gushika hose.

Ku bijanye n’abamenyesheje ko batazokwitaba amatora,Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko mu murwi CENI bazi ko abiyandikishije bose bazokwitaba amatora, kuko ata kete barabona ribamenyesha ko bayavuyemwo.

Mwomenya ko Slyvestre Ntibantunganya,Domosiyano Ndayizeye bahoze barongoye Uburundi,bari kumwe na Yohani Minani arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri,bandikiye umurwi CENI bawumenyesha ko batazokwitaba amatora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • twitorere uwodushaka dukeneye uwutazitoza nawe yariranze araziko abarund twaciye ubwenge atari nka kera

  • NONE GAYEMWE TURAKENYEYE DUTWARWE NA LETA YABANYABINYOMA GUSA!NONE ABAYAVUYEMWO BARAMENYESHA CENI AGACA AVUGAKO ATAVYO AZI!MANA TABARA UBURUNDI.

  • Ntavyobamenyesheje CENI abobantu bahawe ikiringo runaka bashigikiwe namakungu nonecabaheranye atacobarashikako kumunotawanyuma barikobarakora nkakurya kumuntu yanyoyinzoga kandi akarirwa nokubonerwa! Ababantu bashobora kuganiriza umwanditsi w’inkuru canke umumenyeshamakuru bamubwira ukobabona ibintu bakacabibaza ngobamenyesheje kobatazoza mumatora. Arikorero vyotunezera batagiye mumatora cane cane Rwasa Agathon wewe afise abamutora bagera 21%

  • ivy’Uburundi! nze ndabe iyo biherera

  • emma

    ego komeza ibikogwa banyakubahwa abanka bangare, natwe ejo inkoko niyo ngoma tuzinduka gutora ya NKONA PETERO KURUNZIZA akunda uburundi na barundi uwanka yangare kandi inkona ntiyaruzwa kirazira.

  • nikete basinyeko bandikira ceni twararyiboneye!?none ngo ntavyo azi!?ngira ryazimiriye mumashini muri ceni!!!!?babonye bavuze ko baribonye ko vyoba biteye isoni mumakungu

  • Base guhiganwa kubera ikiringo ca 3 ca petero nkurunziza?bitoje ikiringo ca 3 boba bacemeye.komere batama!

  • Ivyuburundi Ni Hatari.Bagomba Kuzobaha Amajwi Yububeshi.Reka Duhe Akanya Imana Yikorere.

  • Nibashake batore canke bareke igikorwa c’amatora kizobandanya icakera, ubu abarundi twarabahinyuye ko bashaka gusa inyungu zabo, bashaka kurya imitsi y’abenegihugu mukutibuka iyabarundi twavuye naho tugeze.

  • NATWE ABA MEMBRE BA BUREAU DE VOTE, TUZOCUNGERA AMATORA HAMA IFARANGA TURIHEKENYE ATACAMIRA.IZO NTWARO ZIZOVAMWO NTIZIZOKWEMEGWA N’ABARUNDI N’AMAKUNGU, TUZORUHIRA KUJA MURI TRANSITION. IYO BABA BACIYE UBWENGE NTIBARI KWONONA BUDGET NGO N’AMATORA. BARI KUBANZA KUZANA ICUKA CIZA CA POLITIQUE.MURI CROISSANCE ECONOMIQUE TWASUBIYE INYUMA AHO KUJA IMBERE. NAKAMARAMAZA.

  • HATEVYE,KUGERA,EJO,TWITORERE,UMUKURUWIGIHUGU,ABONABO,BAYAVUYEMWO,NAKARE,BABONYE’ATACOBOHANOBA,BIPFUZA,MFATAKIBANZA,ZIVUYEMUGANIRO,ARIKO?NTACOBAHANOBA.

  • Uyo muntu arateye agahinda basi. Abantu batatu baramenyesheje ko babivuyemwo none nguyo aragaye ngo ntawuramenyesha ko yavuyemwo. Iciza cabo baravuze ko atari abashingantahe kandi finalement kwari ukubarira abantu yuko ivyo bazogira vyose ataco bibabariye.

  • Uyo muntu arateye agahinda basi. Abantu batatu baramenyesheje ko babivuyemwo none nguyo aragaye ngo ntawuramenyesha ko yavuyemwo. Iciza cabo baravuze ko atari abashingantahe kandi finalement kwari ukubarira abantu yuko ivyo bazogira vyose ataco bibabariye.

  • erega wewe kimersong politique ngo n umwuga wo kubesha;abanyepolitique nabo uca wumva ko ari abanyabinyoma.wewe kora akazi kawe nabo barekere urukino rwabo barimwo bo bararuzi.gusa senga Imana itabare Uburundi

  • Aho ariko yiteza utunyoni ngo ntawuravuga ko yavuyemwo! Emwe Prosper yariye indya itarika. None ko atawigeze asaba amajwi abanyagihugu kiretse FDD , UPRONA na FNL Jacques BIGIRIMANA abandi bayasavye ni bande? Bigira bihinyuke! Erega nyakubahwa RWASA ntakeneye guhabwa amajwi na DD azoyahabwa n’abo yayasavye! Abo nabo ni abanyagihugu si CENI iri mu kwaha kwa DD!

  • Amatora nimeza ariko iyobose bayahuriyemwo atawidoga baca bayita amatorameza ariyoya demokrasi..mugabo reka tubirindire pe!

  • none ko bavuyemwo mumatora,baratumenyesha uwakiriye amakete ntayashikane.ababeshi buca bahinyuka

  • nta kopi z’amaketes bandikiye Ceni mwoba muraronka?numva vyoba vyiza muyatweretse apana ko haguma impari.

  • AMATORA ARABA NTA NKEKA KAND ARABA MEZA CAN.ABAYAVUYEMWO NAB NIBAGEND NUK BABONA ATACO BOHANOBA,ABARUNDI TWARAMENY ICIZA N IKIBI NAYO ABASHAKA AKAGUMA NTAMWANYA DUFIS WO KUBUMVIRIZA,GUSA ABAJEJW UMUTEKANO BAWUHAGARARIRE TWIBERE MUMAHORO.

  • EWE PROSPER NTAHORWAMIYE URI IKIRWARUDUBI C’UMUNTU BASI! MBE NKA WEWE UMUNTU YOKWITA MPEMA ITABUTSE ? MPEMUKE NDAMUKE CANKE? WEWE RERO WARIYEJE KUBA LE TEMOIN DU DIABLE OK NTACOBIDUTWAYE WEHO NUBANDANYE MUGA ICO WOMENYA NUKO UZOTANGARA UN JR X AVEC TES PATRONS QUI T’ONT CORROMPU JUSQU’A UN CE TEL NIVEAU D’OÙ TU N’A MEME PLUS LA PAROLE A DIRE ASHA BURYA NGO NTAMVURA IDAHITASHA WEHO URI BARYUMUHERO BASI!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.