Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yahawe iminsi itanu kugira uhindure ikirangaminsi ca matora
CENI yahawe iminsi itanu kugira uhindure ikirangaminsi ca matora
mercredi 13 Rusama 2015
Inama nkuru y’abepiskopi katolika bo mu Burundi baragabisha kuzokura abarorerezi babo b’amatora mu ntara no mu ma komine niyo umurwi w’igenga utegura amatora(CENI) utemeye kwigiza inyuma ikirangaminsi c’amatora.
Mu gihe abarundi ndetse n’amakungu badasiba kwerekana ko icuka kiri mu Burundi kidashobora korohereza abashaka kuja mu myiyamamazo y’amatora kuko ibigize amatora meza bidakwiye mu Burundi, Inama nkuru y’abepiskopi katolika bo mu Burundi bo baragabisha CENI ko niyo itaba yahinduye ikirangaminsi c’amatora mu kiringo c’iminsi itanu ngo ibe yamenyesheje abarundi n’amakungu ko amatora yigijwe inyuma, iyo nama nkuru y’abasenyeri bagiye kuzokura abarorerezi babo b’amatora bari barungitse mu ntara no mu ma komine.
Mu kamenya ko n’ishirahamwe COSOME yishinze gukurikirana amatora mu Burundi riramenyesha naryo ko ryahagaritse kuzoronguka abarorerezi mu matora yimirije kuko umutekano utifashe neza mu gihugu.
Aho twobibutse ko ibihugu nk’ububirigi, ubu Hollande n’ubu Suisse vyamaze kumenyesha ko buhagaritse imfashanyo bahora baha u Burundi mu bijanye n’amatora, aho benshi bari batanguye kugira amakenga ko amatora atazohava ashoboka mu Burundi. Umuvugizi w’umurw wigenga ujejwe gutegura amatora CENI we akaba yarahumurije abarundi ko amatora azoba ukuri kwamye kandi ko n’ikirangaminsi kizokubahirizwa.
Alida S.
Messages
13 Rusama 2015, 09:30, par bosco
turashimye ingingo ya ekereziya catholiqu ahubwo bari bakwiye kubakuramwo vuba mango kuko bemera imana kandi imana itemera abicanyi ,abasuma bantu muserukira cepi na ceci ntimube abaja ba petero nkurunziza mukwiba no mukwica ntimube abaja
13 Rusama 2015, 11:49, par mukomere
Mukomere batumwa B Imana mubandanye muhagararira amahoro nici Kristo yabatumye.
13 Rusama 2015, 12:10, par VITAL
EWE VY’UBURUNDI, AHUBWO CATOLIKA NIRARIKE ABA KIRISU BIHE AMABARABARA CANK’ISHINGE UMUGAMBWE
13 Rusama 2015, 12:33, par bakar
katolika niki mbega mwavuye muvyo kwigisha ijambo ry’Imana bagiye muri politike nico catumye bamwe baheba icobajejwe bakaja mubusambane....
13 Rusama 2015, 13:37, par Dinandos
Ndashimiy Abepiskopi.Basenyeri Ndabasab Ahubwo Nabarya Bihebey Imana Bari Mu Ma Cepi Mubabwire Bivireyo Barekere Ndayicariy Bizomubazw Wnyn
13 Rusama 2015, 13:47, par Ntahondi Esperance
Mbe Barundi bene wacu, aho mubona duteye turora, mwiyunvira kandi ko CINE ukiri umurwi wigenga ?????? Sha, ndarahiye, baratawe nabobo mukanigo, canke imikino bakora k’umurango irateba igacanamo niyo bakina mw’ijoro!!!!!!! ntaco mbagiriza mugabo muraraba neza.