IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yamenyesheje umunsi w’amatora y’abakenguzamateka

CENI yamenyesheje umunsi w’amatora y’abakenguzamateka

jeudi 23 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro azobera ku mirwa mikuru y’intara.

Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CENI yavuze ko abakenguzamateka bazotorwa n’abajenama b’amakomine batowe mu matora yo kuwa 29 Ruheshi,y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.

Ku bijanye n’isango yo kurahira y’umukuru w’igihugu Pierre Claver Ndayicariye yavuze ko,umukuru w’igihugu azorahira kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro,imbere y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Mwomenyako,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe,aza imbere ku biharuro nfatakibanza vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yatunganijwe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.


IGIHE

Messages

  • IMANA IDUFASHE CANE KKO UBWACU NTACOTWOKWISHOBOZA!

  • iyo nda yaw niyo igutuma wibagira Imana wemerey kuhakany shetani none raba igutumy wicisha abene gihugu nguriko utunganya amatora ,wotuma uba imva hakuba imbwa,Mana tunyegez mwihema ryaw twe bato bato tugiy gucurwa bufuni na buhoro

  • imana idufash !!!! uwo mugabo ndayicariy yaray agurishij uburund na barundi !!!!! muga bazobibazw na nkurunziz umuns ur izin !!!! nagir nsabe abarund tuvire hasi rimw turwany nkurunziz atagutiny !!!!!

  • ariko turashima ukuntu igihugu cabogowe harabashaka kugita mu kaga.
    ivyo bapanga ni bapange ariko nta ntambara izosubira kuba mu gihugu cuburundi.
    Peter nkurunziza ukomere kumuheto turi inyuma yawe.

  • barahira imbere yande nimute igihugu mumanga mugabo niko wamye kera yari uprona, hama frodebu ubu ni cndd.lfdd mugabo ntakundi rondera utwo kwivuza.l

  • NKURUNZIZA,NIWEWENYENE,ASHOBOYE,GUTWARUNDI,NATSIMBATARE

  • NIMUBASHIRE MUGABO MUZOMARAMARA IGIHIMA IZOBATANGA IGAKURAHO INTWAROZIKENYE ARIKOUMENYE ABARUNDIBOSE BARIKOBARAPFA AMARASOYABO NIKUGATWEKAWE

  • Uzuza Uwomuyika Wawe Nayo Amatora Yoyo Twarigeze Kubona Aazi Kuyategura. Abashingantahe Sinunguruza, Ngarambe Tuzozokwama Twibuka Ubutwari Bwabo Nawe Ntituzokwibagira Ubube Gito Bwawe

  • Uzuza Uwomuyika Wawe Nayo Amatora Yoyo Twarigeze Kubona Aazi Kuyategura. Abashingantahe Sinunguruza, Ngarambe Tuzozokwama Twibuka Ubutwari Bwabo Nawe Ntituzokwibagira Ubube Gito Bwawe

  • HAA.TUGIYE.GUPFA.ICOBA.CIZA.TWOPFUMA.DUSUBIRA.MUMIMWE.YABAZU..AHO.KWICWA.NA.ABA.DD..CLAVE.NTAMAHORO.KUMUNYAVYA

  • MANA YAMASEZERANO TABARA ABARUND BINDA NDEND BAREKE KWIFUZA IBIBI KUBANT BAW .BAGAHINI BARATUREMBEJ BARAHEVY BAJA MWISHAMBA

  • mbdga yemwe:"O.N.U,makungu mwese"muri he,mufashijiki abarundi?amajambo gusa?twishe:nubukene,ukuburakazi,inzara izurinzara,ibiturire vyumurengera,ubwicanyi ata camira,ubutungane busa nubutariho,none dusubiye mu ntwaro z’bukoroni igikenye nico ciganje---!!!sinzi ko murindiriye kuza gutabara birinze kumera nk’irwanda en1994.Uhoraho wenyene gusa!

  • komera mutama ntudohokekwibanga turakwizeye nka petero nkurunziza komera.

  • Uko mutora kose mwa ba dd mwe, muzogire akagongwe muhe Jaques na Mutabazi aga senateur kamwe kamwe, mwibuke na Consiliya na Gasitoni.

  • izina niryo muntu, abavyeyi bita abana babo amazina nka ndayicariye, nihorimbere, ndayengenge....... ndayicariye= nicariye inda, mwariye umushiro uruhigi ni rwahindukira urukwavu rukiruka ku mbwa kandi si kera, ntimuze mubeshe ngo barabaremereye babatera ubwoba, kuko icegera ca ndayicariye nuwundi wo muri ceni barisokoreye batanga imihoho. ha kurya amazirantoke nka ndayicariye na ntahorwamiye

  • REKA IMYAKA YIWE ITANU IHERE NTIHAGIRE UWUMUVOGERA MURI 2020 BIZOHERA UBWO BWICANYI BURI MUGIHUGU BUZORANGIRA NA NAMANDA YIWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.