Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI yashize ahabona abazokwitaba amatora y’abakenguzamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI yashize ahabona abazokwitaba amatora y’abakenguzamateka

CENI yashize ahabona abazokwitaba amatora y’abakenguzamateka

mardi 14 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora mu Burundi CENI wamenyesheje ko imigambwe itatu n’urunani rw’imigambwe rumwe aribo bazokwitaba amatora y’abakenguzamateka.

Nkuko vyashikirijwe n’icegera c’umukuru wu’murwi CENI Annonciate Niyonkuru,umugambwe CNDD FDD,UPRONA irongowe na Concilie Nibigira,FNL irongowe na Yakobo Bigirimana,hmwe n’urunani rw’imigambwe COPA rurongowe na Jean de Dieu Mutabazi,nibo bazokwitaba amatora y’abakenguzamateka.

Annonciate Niyonkuru yavuze ko CNDD FDD uzokwitoza mu ntara zose,umugambwe FNL mu ntara 16, havuyemwo intara ya Cankuzo na Karuzi,umugambwe UPRONA uzokwitoza mu ntara zitanu,mu gihe urunani COPA ruzokwitoza mu ntara 9.

Inama nkenguzamateka y’Uburundi izoba igizwe n’abakenguzamateka 43.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ahubwo Je Mbona Vyose Bobiheba Sinumva Ukuntu Batoye Abegamiye Ubutegetsi Gusa Nkurunani Rwabigenga Mizoro Rwabaye Urwakabiri Mugihugu Cose Rutarimwo.Ucumengo Namanyanga Gusa Yigendera.Mana Fasha Uburundi Na Barundi.

  • ahubwo ivimbona nibareke kuvuga umurwi utegura amatora bavuge umugambwe utegura amatora kubera ceni ihagaze kumugambwe umwe ariwo cndd fdd abarurundi baracaguye mubuhungiro ariko reka turindire nyo ceni nireke konona amahera ngwirko itegura amatora vyose ntibizokwemerwa uyumwa imana gusa niyo izotunganya iyintambara iriko ibera muki gihugu ikindi nkahanura abiyita imbonerakure ahubwo nimbonerahafi ndababwira ati muzorandurwa atagitabara.

  • Ahubwo Nibareke Kubesha Abo Bakenguzamateka Bose Ni Aba Cndd Fdd Kuko Turazi Ko Abo Bose Bari Mukwaha Kwayo.Nubu Muracatwishenabi Pe!

  • uwo numwete ukushe urabuze ivyuvuga mbega bo uvuga bazokwitoza ayaheruka baronse angahe? rekasha uwo numutwe uriko urakurya nayahandiho turaziko vyaheze kera be muritwenga ngo amatora ngo azoba turaziko yaheze izo ninkinamico.

  • J MBONA ATAKAMARO KOKURWANIRA AMATORA KUR YO YINDI MIGAMBW NTIBAZ KO CNDD YABIHJJ?

  • Nabandi ko atamakete bazany abanywanyi babo babatoye barashobora kujamwo?

  • Nakamuna Mbega Yemwe Uprona Amakomine Atanu Gusa?Ha Umugambw Warahambw Na Sindimwo Na Concilie Nibikubit Agashi Bark Guhndwa Ngo Bagum Bahrkza Abndi.Ngira Mutabazi Bomuha Numu Senateur 1.Rka Turindir Ivyuburundi N,imana Gusa Ibizi.

  • Mana,turagowe.Bagomba Baje,mumatora NIbibihe Turimwo?Mana Turagowe

  • emma

    ndagukebure wewe wiyise nivyamungu paciente, wewe bureka kudawa kumbonerakure kuko ntazuzi niwaba naho uzizi urazitinya, humura ureke kwiyemera nguzokwica imbonerakure zose urihenda inkona ntiyaruzwa kirazira.

  • None Uprona Ko Yahora Iri Muntara Zose Abanywanyi Bayo Baroye He? Haa!

  • nagira ndabaterere iciyumviro cobateza imbere, ntakuntu iyo migambwe yose izokwitoza yokwiyunga ikaba umugambwe umwe mukareka gukoreshwa nkibizeze (mwese mukaba aba DD)

  • NON KO MUVUGA KO AMATORA AZOKWITABWA N,IMIGAMBW 3 IYINDI YO MWAYISHIZEH?MBEGA IBIHANZ UBURUNDI KUANYEPORITIKE BARAVYUMVIKANY?ABATEGETS MWIKWEGERAKO .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.