Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Ibihugu vy’ Afrika yo hagati bisaba ko hobaho ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Centrafrika : Ibihugu vy’ Afrika yo hagati bisaba ko hobaho ibiganiro

Centrafrika : Ibihugu vy’ Afrika yo hagati bisaba ko hobaho ibiganiro

samedi 28 Ruheshi 2014

Abategetsi bo muri Afrika yo hagati ,bararajwe ishinga n’ukungene indwano muri Centrafrika iguma yongerekana kandi hariyo ingabo z’abafaransa n’ingabo z’abanyafrika zagiye kugarukana umutekano muri ico gihugu, kuri uno wa gatanu bakaba bahamagariye ko hoba ibiganiro.

Ibintu biguma biyangara naho umuryango w ‘ibihugu vy ‘Afrika yo hagati wagize ibishoboka vyose nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’igihugu ca Tchad Itno Deby mu nama yari yahujije abakuru b’ibihugu vyo muri ako karere , mu nama y’ishirahamwe y’ubumwe bw’ Afrika i Malabo. Umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza, Catherine Samba Panza naho vyamunaniye kugarukana umutekano yari yatumiwe muri iyo nama naho ico gihugu cahagaritswe mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika, kuva intambara itangura mu mwaka w’2013, akaba yamenyesheje ko afise ugushaka kwo guhindura iyo Reta, nk’uko biri mw ‘itangazo rya nyuma yashize ahabona muri iyo nama.

Mu nyuma ahejeje guzoma iryo tangazo, Samba Panza yaciye asohoka ,mu gihe bagenzi we bo basigayeyo bamara umwanya urenga isaha bavugana ku bibazo bihanze iyo Reta mfatakibanza. Umukuru w’igihugu ca Tchad yasavye ko boshiraho ibiganiro biboneka ku mpande zose ziriko zigwana muri Centrafrika. Avuga ko harageze yuko hafatwa ingingo zikomeye kugira amahoro agaruke.

Mwomenya ko iyo nama yari yitabwe n’umukuru w’igihugu ca Cameroun Paul Biya,umunya Gabon Ali Bongo Ondimba ,umunyakongo Denis Sassou Nguesso hamwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika Mohammed Ould Abdel Aziz.


Floxella Karire

Messages

  • mbega uyo mukenyezi badendereza!
    Jewe narashitseyo: ntagira igisoda, ntagira igipolisi, ntagira ubucamanza; akaba atagira n’amafaranga akoresha:
    None mwumva yokora gute?
    Abanyapolitike baho ntibaboneka bakorera mu kinyegero;
    Hari ingorane nyinshi rero zitorabwa n’uyo mupfasoni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.