Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chanelle na R-Fow ntibavuga kumwe mu rukundo rwabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Chanelle na R-Fow ntibavuga kumwe mu rukundo rwabo

Chanelle na R-Fow ntibavuga kumwe mu rukundo rwabo

jeudi 13 Ruheshi 2013

Abaririmvyi R-Flow hamwe na Chanelle bose basanzwe ari abaririmvyi b’abarundi kandi bakundana bikomeye, kuko mu minsi yaheze igihe baheruka kuganira n’ikinyamakuru IGIHE bari bavuze ko bakundanye nk’ipata n’urugi.

Muri ino minsi iheze, abantu bavuze ko R- Flow ashobora kuba yarahebanye na Chanelle bituma tubahamagara ngo twumve bo ubwabo ico babivugako kuko abantu badusaba kubibabariza, ngo ukuri kuve mu kanwa kabo.

Icagaragaye ni uko abo bose bafise ikibazo co kudahuza kuvyo bavuga kuko umwe avuga ko azi ko atangorane afitaniye n’uwundi kubijanye n’urukundo rwabo, uwundi nawe akavuga ko mugenzi we yamaze kuronka uwundi mukunzi, ivyo rero bikumvikana ko urukundo rwabo rutagikomeye nk’urwa mbere naho banse gutangaza ko bahebanye.

Ku ruhande rwa Chanelle yatumenyesheje ko we azi ko atangorane afitaniye n’umukunzi wiwe ahubwo abavuga ko yiyumvira aho abantu bakura ivyo guhebana aho babikura bikamutangaza ati : ivyo bibaze R-flow kuko jewe ntavyo nzi.
R-Flow tumubajije namba yoba azi ivyo guhebana n’umukunzi wiwe abantu babandanije kuvuga, yatubwira ngo nitubaze Chanelle, tumubwirako twamaze kumuvugisha aca atubwirako ivyo guhebana ataco abivuzeko, gusa ngo ico azi ni uko Chanelle asigaye yifitiye uwundi mukunzi.

Mu vyukuri wumvise izi mpande zose ingene zitana ba mwana, wokwumva ko badakundanye neza mu rukundo naho banse kwemera ivyo guhebana kw’abo nk’uko uyu R-Flow yavuze ko ivyo ari ubuzima bw’abo ko ataco yotangaza ubu noneho abandanya avuga ko ico azi muri iyi minsi ari uko Chanelle afise uwundi mukunzi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.