Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Charles Nditije: "Ntaco twiteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Charles Nditije: "Ntaco twiteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu"

Charles Nditije: "Ntaco twiteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu"

vendredi 17 Mukakaro 2015

Karori Nditije umwe mu ndongozi z’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko ataco biteze kizova mu matora y’umukuru w’igihugu.

Kubwa Karori Nditije,kuva ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka ayo matora ariko atunganywa bidaciye mu muco kandi ariko ategurwa n’umugambwe CNDD FDD wonyene,agashobora gushira igihugu mu kaga.

Karori Nditije amenyesha ko bazogerageza kwereka amakungu ko amatora yabaye ari inzira idashika,ari naco gituma basaba ko asubirwamwo.

Ku bijanye n’uko bigoye kwigiza inyuma amatora kuko vyohava bituma igihugu kibura indongozi kw’isango rizwi n’amategeko,Karori Nditije amenyesha ko harimwo gushaka ico kibazo coroshe kuko ingorane izwi,nayo ikaba ijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,no kureka gutunganya amatora ku gikenye no kwaka ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nuko nimuvuge numvishe ONU nayo iticaye iyo reta ishatse isokore hakiri kare ibihano biriko birategurwa na ONU.

  • Ica Mandat GIheze Vyose Bzoba Bihez Abarundi Twoba Twogoroye,

  • Imana niyo izokiza uburundi, si ONU izobukiza.

  • Ariko none PASCAL imana izodufashiriza aho twebwe abana b’abantu tugeza none twicare turere amaboko ngo imana izobidukurera?reka daaaa nico kimwe nabirya bavuga ati udakoze ntakarye,kuberiki utemera ko imana yobikora inyuze muri ONU? Erega imana mugukora ica mubantu witeze kuzoyibona n’amaso yawe?tuyimenyera kuvyo ikora wavyumvise?

  • Eka Nditij ntabesha.Najew ntaco nitez mu matora y’umugambw umw,amatora ariko ategurwa kugikeny ahubwo ndatey intege Nditije atere akamo amakungu hakiri kare kugira ikizoyavamwo ONU ntizicemeze,kuko amakungu yoba asuzuguwe bimwe bikomey na CNDD FDD.Mana tabara abarundi n’uburundi!!

  • uburundi bamwe babwita itongo mugabo Imana yabuduhaye twese

  • Ewe Mutama Nditije Charles, iyo uba uwundi wotahuye ko nawe ataco womarira abarundi uretse ko nawe wogira umwete wo gusaba ko Ubwami bwa YEHOVA buza (soma Matayo 6 : 9-13 ) ibisigaye navyo ni ubuzimire gusa.

  • Nditije yari yiteze ibiharage, umuceri, ibijumbu,....mumatora y’umukuru w’igihugu. Izo mvugo abarundi twarazihaze, ntakindi murimwo atari amagaburanyama!

  • emma

    nditije wewe yacuba utwereka izo sura zawe twarazihaze, erega nditije mwebwe mwena gwasa umengo ntimukwije mumitwe mwabaye abakabiri none muriko murasara gwamatora yumukuru wigihugu ngo ntacomuyitezemwo murasara neza icomushaka muzokironka.

  • None mwantumvamwe zomuri cnd fd gutanga uwundi muntu yokwitoza mukibanza kumukuruwigihugu ntivyokunda mutiriwe murateza intambara abana buburundi baharwa Imana yarambiwe namarementanya namanyanga yanyu mugiye kurimbuka uwicisha inkota azikwica nayo!ugabe

  • The Big Evil In The World Is Pierre Nkurunziza,He Need To Kill.

  • Ewe Iyo Muyagira Mvgaheza Twarush Hanyuma Mukaducurika Muducuranura UHORAHO Azoduhoza ku iyi si ni intizo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.