Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikete yamwandikiye yariturije itabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ikete yamwandikiye yariturije itabi

Ikete yamwandikiye yariturije itabi

lundi 6 Nzero 2014

Chris Brown ariko agerageza gutangura umwaka neza kuko umwaka uheze ntiwamubereye mwiza. Agomba ko bosubirana na Rihanna bigeze gukundana, niko kumwandikira ikete amusaba ikigongwe ku bintu vyose yamukoreye bikamubabaza, ariko Rihanna abiraba irarirari.

Ayo makuru atangwa n’ikinyamakuru Hollywoodlife avuga ko Chris Brown ariko agerageza kwiyegereza Rihanna kugira akunde basubirane hama batangure umwaka neza bari kumwe. Chris Brown yoba yagize isoni zo kumushikira amaso mu yandi canke kumuterefona, aca yigira inama yo kumwandikira ikete amusaba ikigongwe ku mabi yose yamugiriye kuva imyaka bamaranye. Rihanna amenyesha ko yakomeretse cane ku mutima wiwe kubera Chris Brown, izo nguma ntizirakira, kandi ntiyipfuza ko bosubirana, nico gituma iryo kete yaryakiranye akagaye kenshi maze arihereza umuriro.

Umwe mu bagenzi bari hafi ya Rihanna yabwiye ikinyamakuru Hollywoodlife ko Rihanna ata mwanya azosubira guta kuri Chris, uwo nyene abandanya avuga ko ivya Rihanna na Chris vyaheranye n’umwaka w’2013. Muri iryo kete, Chris Brown yandika avuga ko yomubabarira ku bibi yoba yaramukoreye vyose hanyuma batangura ubuzima bushasha mu mwaka w’2014.

Igihe Rihanna yakira iryo kete, yaciye aja mu kirabo gusangira inzoga n’itabi n’abagenzi we, iryo kete ryahavuye riba twa dukono bashiramwo umunyota w’itabi. Uko basogota ako gatabi niko badomeka rya kete maze amajambo asaba ikigongwe ya Chris Brown aherera mu munyota, imbere y’intwengo y’agashinyaguro y’uwahoze ari pfampfe wiwe Rihanna.

Ayo makuru abandanya amenyesha ko Chris Brown atako atakoze kugira Rihanna agarukane urukundo kuko muri iryo bahasha harimwo akagufu k’inzahabu. Ha! Ako kagufu k’inzahabu ko si urupapuro karazimvye! Ako rero kateye ibibazo Rihanna, yabuze urwo yogacira, yibaza kugata canke kukugurisha, ariko ngira ntahava agata naho adakeneye ikintu na kimwe comwibutsa ko Chris Brown abaho.


Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.