Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chris Brown na Justin Bieber, abaririmvyi bankwa muri Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Chris Brown na Justin Bieber, abaririmvyi bankwa muri Amerika

Chris Brown na Justin Bieber, abaririmvyi bankwa muri Amerika

lundi 13 Rusama 2013

Kuva mu ntango y’umwaka w’i 2013, Justin Bieber yagumye yigaragaza mu nyifato zigayitse, izo nazo zikaba zarenze inkombe kurusha umwuga wo kuririmba asanzwe akora, ndetse izo ngeso mbi zikaba kandi zatandukiriye umwuga wiwe nawo.

N’ubwo indirimbo ziwe zikundwa cane, inyifato ziwe zatanguye kubabaza abakunzi biwe, na cane cane ku mugabane wa Amerika y’Epfo, aho bashira imbere inyifato n’imico.

Justin Bieber bamugayira ugucererwa kudasanzwe agira aje imbere kuririrmba, ivyipfuzo bibi, imigenderanire mibi agira n’abandi, kugira akaborerwe ari kumwe n’ababanyi.

Kubiheruka naho, ifatwa ry’umuduga usanzwe umufasha muvy’umuziki wiwe bivuye kubiyayuramutwe bitanezereje vyatumye abantu benshi bagira ico babivuzeko.
Kubw’itohoza ryakozwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika n’igisata “Public Policy Polling”, uwo muririmvyi w’imyaka 19 azwi ku ndirirmbo ziwe zakunzwe kurusha izindi, arizo: “Beleive” canke “All around the world”, aza ubwa kabiri mu baririmvyi bankwa cane , ku bice bigera ku 54 kwi 100 bafise ivyiyumviro bidashimishijwe. Ibice mu 20 kwi 100 vy’abanyamerika, nibo bonyene bavuga neza Justin Bieber, umuririmvyi w’umunyacanada.

Nimba ivyo vyashitsweko bidahimbaye, ntaho bihuriye n’ibivugwa kuri Chris Brown. Uwo muririmvyi w’umudiho wa rap, yashizwe hasi n’abakunzi biwe kuva mu 2009 bivuye kwitotezwa yari yagiriye umuririmvyi Rihanna, bibaka arivyo vyatumwe atagira igicapo ciza ku bantu kuva ico gihe gushika n’ubu. Ibice 57 kwi 100 vy’abanyamerika nibo badashigikiye iyo nyifato ya Chris Brown. Ivyo bigatuma aza ubwa mbere mu baririrmvyi bankwa cane muri Amerika.

Ubu, abaririmvyi bagezweho baza imbere y’abandi muri Amerika, ni Adele umuririrmvyi w’umwongereza, n’umuririrmvyi Justin Timberlake canke Beyonce. Abo akaba aribo bakumdwa n’abanyamerika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.