Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Abaserukira FRODEBU ntibitavye akamo ko kuva muri CEPI na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Cibitoke : Abaserukira FRODEBU ntibitavye akamo ko kuva muri CEPI na (...)

Cibitoke : Abaserukira FRODEBU ntibitavye akamo ko kuva muri CEPI na CECI

mercredi 3 Kigarama 2014

Abarungitswe guserukira umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Cibitoke mu mirwi CEPI na CECI itegura amatora ku rwego rw’intara na komine ntibitavye akamo k’umukuru w’urunani ADC IKIBIRI ko kuva muri iyo mirwi. Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU muri iyo ntara bavuga ko bataramenya ingingo bazoca bafatirwa, kuko ako kamo katatewe n’uwo mugambwe.

Urunani ADC Ikibiri rwamenyesheje kuri uwu wa mbere ko ruvuye mu mirwi CEPI na CECI itegura amatora, kuko bagiriza umurwi CENI utegura amatora ku rwego rw’igihugu ko ubandanya kwica amatwi ku tunenge muri urwo runani bagumye bashikiriza kuva igikorwa c’ukwandika abazotora gitanguye. Muri ADC IKIBIRI bamenyesheje ko hibonekeza utunenge mw’iyandikwa ry’abazokwitaba amatora ategekanijwe mu mwaka w’2015, aho bakavuga nk’ukwandika abatarakwiza imyaka, amakarata karangamuntu atangirwa mu kinyegero, hamwe n’abanyagihugu bafatwa bafise ikarata karangamuntu irenga imwe.
Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC IKIBIRI yaciye amenyesha ko urunani arongoye rwafashe ingingo y’ugukura abaruserukira mu mirwi CEPI na CECI itegura amatora ku rwego rw’intara na komine.

Akomo ntikitabwe mu Cibitoke

Mu ntara ya Cibitoke, abaserukira umugambwe SAHWANYA FRODEBU muma CEPI na CECI ntibitavye ako kamo k’umukuru w’urunani ADC IKIBIRI, bakavuga ko batova muri CENI kuko vyobagora gusubira mu buzi bwa Reta baje bavamwo. Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bataramenya ingingo abo bantu bazoca bafatirwa, kuko ako kamo katatewe n’uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU, ahubwo ari akamo ka ADC IKIBIRI.

Aho ako kamo katitabwe si mu Cibitoke gusa

Mu ntara ya Bururi, abaserukira imigambwe iri muri ADC IKIBIRI nabo nyene ntibitavye akamo ko kuva muri CEPI na CECI, bakamenyesha ko igihe barahira batanguye amabanga, biyemeje gukorera igihugu, ariko batarahiriye gukorera ADC IKIBIRI.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ico kibiri ni kireke gusamaza abanyagihugu!! Aho hari kera aho bapfa guhenda abanyagihugu ubu Abarundi babona kure. Turabakeje ku karorero keza mwerekanye

  • Bashaka kubasubiza mu bushomeri huuuu!! Mwarabuze abo mwihendera basha... Amatora azorinda ahera mutemera muvuga natwe dukora

  • Jewe umuntuwese arikwarakorera igihugucanje nzomuba icubahiro kimukwiye ntarinze kubazango nuwomumugambwe uyuhe, ariko uwuzosaba abarundi ngorekakuja Ku kivi uwananje sinzogirisoni zomumubwira ibimutesha icubahiro, abobanturero bomuruyo migambwe Shwanya FRODEBU numvise ngaruyagatima kokubakunda kubwoguhitamwo kuguma Ku kivi.

  • Uprona ya nditije ibwiye abakozi bayo ngova mukazi ningoga, bukeye kabiri bababwira bicuza ngo mwaraduhenze none mwebwe komwagumye muri abashingamateka nabo bigovyora ngo batowe nabanyagihugu ngo bakorerabo, ukamenga umushikiranganji ntakorera abanyagihugu, birababaje uwo wariwizeye agushira mwibarabara kunyungu ziwe. Adc-ikibiri naco ngo inama yabereye i kampala iyo yaragariye leonce yinywera imivinyu nagahimbo kenshi ngo turakuye abanywanyi bacu muri CENI, ko batari babajanye kampala ngo babakuremwo babahaye kumuvinyu numunyenga windege, ahubwo leonce ntamaramara ubundi yarigutanga imihoho muri ADC ikibiri kuko arabonyeko abanywanyi biwe ADC ataco bayizeyemwo, aho vyerekanako nibiti boronka bobigabanganira hanze yigihugu umunyagihugu yitanze ntihagire ico ahabona. kubwanje ntakazoza ka ADC izoyonga nkumunyo kuko ntakarusho kariyo kuwutari umukuru w’umugambwe. binanirana kugabura ama postes kumugambwe umwe ikibiri naco vyogemera gute. ne jamais voter pour la coallition ça sera peine perdue.

  • Ubumwinomyaka twaragiz’Imana turonga democratie na freedoms ntamuntu azosubira kutwifatira yitwajengo arashigikiwe nabantuze ngobari Bulaya naza America ubu ahohose hasigaye hariho abarundi isinzi baratubwira imibereho yabotwibaza kwaribihangange tukunvahubwo nabogufashwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.