IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Ibisigarira vy’umuntu vyatowe mu kinogo

Cibitoke : Ibisigarira vy’umuntu vyatowe mu kinogo

vendredi 18 Ntwarante 2016, par egide

Amagufa y’umuntu yahambwe aboshe amaguru yatowe mu kinogo kiri imbere y’urugo muri zone ya Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bahawe amakuru n’umwe mu banyagihugu bishikanye, ko mu Cibitoke kw’ibarabara rya 13 hari ikinogo cahambwemwo abantu benshi.
Nk’uko twabibwiwe n’umwe mu baporisi bari bahagarariye igikorwa c’ukwimba ahavuzwe ko hari ico kinogo rusangi, ikibanza uwatanze amakuru yerekanye nta bisigarira vy’umuntu bigeze bahatora, ari nakwo gufata ingingo y’ukurondera muri urwo rupangu rwose ruri kw’ibarabara rya 13 inomero 44, urupangu biboneka ko haheze amezi menshi ata muntu abayo, kuko hari hatewe irengarenga, ahandi hari ishamba, n’inzugi zose zaribwe.

Abari bahagarariye igikorwa c’ukwimba barondera muri urwo rugo bamenyesha ko babonye mu murima w’irengarenga ikibanza kirimwo irengarenga zidasa n’ahandi, arikwo guca bimba aho nyene. Basanzeyo ibisigarira vy’umuntu yahambwe mu kinogo atari kirekire, yambaye ipantaro (jeans), amaguru yiwe aboshe. Abamuhamvye babanje kumutekera mu musegetera.

Icaboneka kuri ivyo bisigarira n’uko ari umuntu yishwe vuba, kuko n’ibirenge vyiwe vyari bitarashwanyuka, umubiri wiwe ukaboneka ko utari bwaheze kubora.
Umwe mu bari baje kwegeranya ivyo bisigarira kugira bihambanwe iteka akaba yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko uwo muntu yoba amaze nk’amezi atanu gusa ahambwe.

Muri imwe mu mazu ari muri urwo rugo, haboneka amaraso menshi menshi hasi no ku ruhome, bikagaragara ko ari aho biciye umuntu.


IGIHE

Messages

  • Ariko uravye ukuntu baturira abantu babona kumutaga izubaryaka wibazako abantu bica mwijoro ataribeshi?
    Jewe hariho uwambariye ko uwutemera kujamukajagari wese ngohageze kumugoroba kwarikwicwa mbese yarongeye arambarirako nomuribarya twabona basimbagurika mwaburya bujagari ngwabeshi kwarukugira berekana kobabashigikiye imigumuko kugira ntibazekwicwa ngokuko bariya bahungiye muriza Bulaya nomurwanda bagumabaterefona bavugako uwobabina ataja mumigumuko ngonubwoyoba aruwomuvukana ngohageze kumugoroba mumwice. Abantu rero haryabaratikiye canecane abomumugambwe urikubutegetsi nabomumugambwe UPRONA wa Concilie Nibigira naba FNL bokwa Agathon Rwasa na Jacque Bigirimana, abokwa Agathon ngobabica bababwirako shebujawabo atariko arabonekana neza muri politique yokurwanya CNDD FDD biboneka ngonicogituma basha mutarimwo murashiramwo inguvu mwakino gikorwa twatanguye cogukuraho ubutakigaruka iziba CNDD FDD mu Burundi?

  • Twimujeri Muri Kumushiro Mwabesh Amakungu Ngo Retayacu Yish Abantu Ibahambikivunga None Murahaye Murahinyuka Izombonerakure Nabagumwabanga Mwagandaguye Mumenyeko Atantambwe Muzoduterana Kuko Nama Nababwiye Inkona Ntiyaruzwa Kirazira Inkona Nabagumyabanga Twongeye Gutsindimpaga Aaa Nitwirambire

  • Mbega Yemwe Abantu Tugomba Duhone Nk’ibitungwa Vyo Kuri Bonane Abarundi Twari Dukwiye Gukanura Maso Tukareka Kuvisha Amaraso Ya Bene Wacu Ataco Tupfa Nibareke Kuduhenda Natwe Ntitujane Nyabahururu

  • Abo n’Abahutu Bicirwayo Kuko Niheshi Ibiziga Vyuzuye,muragowe

  • UWOMUGABO NKURUNZ
    IZA ATAKIVUYEKO INGANDA ZIRACATIKIYM

  • On My Point View I See This Government Of President Nkurunziza Is Terrible .Because All Aways To Kill PeaplE ,but they don’t know the life is given by god,don’t think to but think to heal peaple ,god forgive the government.

  • Biragoye! Geza aho mwa binywa marasaso mwe aho mwakanwereye inyota ntihera? Hasigaye ko munywa amaraso yanyu ubwanyu!

  • Ayomagufa zamurayazura muyashira nkurumbi nakarwi kiwe bayahekenye kuko nibo babishe

  • None,igiporisi Nticogira Amatohoz Ya Bàba Mururwo Rupangu Bagaheza Bakagirwako Amatohoza.

  • alexis sinduhije na paul kagame batagerezwa kuba accused par la community international contre le crime de genocide contre les hutu.
    Ni MSD umugambwe wiwe wica umuhutu wese ahaciye bamwita interahamwe canke imbonerakure canke ico bifuza bitwaza.
    abo reta yishe baribateye ikambio kandi reta ifise uruhusha yahawe nabanyagihu gukingira institutions
    KANDI ABOBA EXTREMIST TUTSI BISHE KUVA 1965 KUBERA KUBESHWA NABABIRI MUDAHAGAZE NGO MUBASHIRE AHABONA MUMAKUNGU BAHANWE NTIBIZOHERE .ABA EXTREMIST TUTSI NABA EXTREMIST BEMERA IVYO ABABIRIGI BABIGISHIJE .BABONA KO ABAHUTU BAPHUYE ATAKIBAZO KO ATACO BIBABWIRA.
    IMBONERAKURE GERAGEZA MWIHANGANE IMANA IRABABONA
    "HUTU LIVES MATTER" ABATUTSI BENSHI BARABIBONA KANDI BAZOBASHIGIKIRA KURWANYA ABO BA EXTREMIST

  • alesis sinduhije na kagame crime contre humanity

  • Mana Data Mushobora vyose niwakire ivyo biremwa vyawe abakora nabo ako kabi kabishe uzabagaragaze imbere y’amaso y’abantu kuko ni agahomerabunwa aho abantu bafashe umugambi wokwica abandi ataribo babaremye so baragowe kuko ababikora bose bazopfa bangara nka Gahini so Imana ibabarire abo bose babikoze

  • Abo bantu ntabandi babagandaguye niza mpemuke ndamuke, zaba porice nigisirikare hamwe nazambonerakure. nkuko bari bahimirijwe nu mukuru wi nkenguza mateka Reveriyano bafatanije na Nkuruzinza. ntibagiye na bamwe mubihangange mugisirikare, ubwo nuburyo batoye bwokwerekana aho bahavye abantu bagandaguye ngo ntibizomemyekane kwaribo babikoze, baribesha ababishe turababona nuno musi nibo bica bagakiza hano mugisagara,nomuyindi mihingo yigihugu. barindire igihe kizoshika ahotuzobarondeza rodare, ubwo bukara.

  • Zamuravuga ukuri kuko ivyo mwakoze bigiye kuj’ahabona ubwicanyi mwagiriye abanyagihugu bo muma kartie atabemera bigiye kumenyekan

  • Muko muronderabo mutembagarana tembagara kivyenu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.