Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke: Imbonerakure n’urwaruka rwa MSD bahatswe gutana mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Cibitoke: Imbonerakure n’urwaruka rwa MSD bahatswe gutana mu (...)

Cibitoke: Imbonerakure n’urwaruka rwa MSD bahatswe gutana mu mitwe

samedi 11 Rusama 2013

Mu gihugu c’Uburundi, urwaruka ruracabandanya kwigenza nk’urudatahura ingendo y’intwaro rusangi mu kutihanganira ivyiyumviro vy’abo badasangiye imigambwe.

Inyuma y’aho abatari bake bamaze imisi bidogera ibikorwa vy’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, muri komine Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura urwaruka rwo mu mugambwe CNDD FDD n’urwo muri MSD bahatswe gutana mu mitwe, abajejwe umutekano baja hagati barakinga.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Déo Nshimirimana arongoye umugambwe MSD muri iyo komine ya Cibitoke, bari baramutse bagira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi nk’uko bama babikora misi yose kuwa gatandatu bari kumwe n’urundi rwaruka, rwaba urwo muri MSD canke mu yindi migambwe. Niho baca babona musitanteri wa komine Cibitoke, Emmanuel Niyongabo abasanga aho bari, aca asaba ko uwo arongoye umugambwe MSD n’uwurongoye urwaruka ko baja kuvuganira mu biro, nabo baramugamburukira baragenda.

Emmanuel Niyongabo yabasiguriye ko amasaha y’ibikorwa atari ay’ikarashishi, ko ata wundi murimo barekuriwe gukora atari ibikorwa vy’iterambere. Ivyo babihurijeko, ariko icabatangaje ni imisore y’imbonerakure babonye iza yitwaje amahiri, basa n’abaje kurwana.

Déo Nshimirimana arashimira abajejwe umutekano kuko bavyifashemwo neza, agasaba ko abarongoye imigambwe boja hamwe bakumvikana intumbero n’impanuro boha urwaruka rwabo, mu gihe inzira y’inguvu ata kibanza igifise muri politike y’iyi myaka turimwo.

Uwurongoye urwaruka rwa MSD mu Cibitoke, Jean de Dieu NIyongabo yamenyesheje ko naho vyagenze uko batarota bafata inzira yo kwihora, asaba ko nyabuna abo biyita Imbonerakure mu gushira imbere inguvu ko boja hamwe bakiga ingene bosasagaza amahoro n’umutekano muri komine Cibitoke.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.