Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Imbonerakure zagirizwa guhohotera abo batavuga rumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Cibitoke : Imbonerakure zagirizwa guhohotera abo batavuga rumwe

Cibitoke : Imbonerakure zagirizwa guhohotera abo batavuga rumwe

vendredi 31 Nzero 2014

Mu ntara ya Cibitoke, urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye rumenyesha ko ruburabuzwa n’urwaruka rw’imbonerakure, ndetse rukavuga ko runakubitwa rugashaya.

Urwaruka rwo mu migambwe itandukanye aho mu ntara ya Cibitoke, rugatangazwa n’ingene rwama rukubagurwa kandi abarongoye intwaro barorera. bakavuga ko batagira ayo bacira n’ayo bamira. Ikindi urwaruka rwo mu makomine atandukanye y’intara ya Cibitoke rumenyesha, akaba ari ukwiyamamaza kugirwa n’umugambwe uri ku butegetsi, kandi igihe kitaragera gitegekanijwe n’amategeko. Bakavuga ko hageze n’aho, umugambwe CNDD FDD wiyamamariza mu mashure.

Kuri ivyo vyagirizwa imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi, umukuru wazo mu ntara ya Cibitoke arabihakana, akavuga ko ari ibinyoma, kugira bacafuze urwaruka arongoye. Amenyesha kandi ko kwiyamamaza kutaragera, ari naco gituma nabo nyene, bataratangura ico gikorwa co kwiyamamaza.


Aristide Nizigire

Messages

  • mu kagunuza, mu kagwema, i mabayi, i mugwi no mu buhayira imbonerakure zirirwa ziriba zikanica abo zishaka. muri comune bukeye mu kirundo baherutse guturira inzu y’umudasigana wa uprona ngo nubundi petero ntashaka no kuyumva mu gutwi kwe

  • Ewe,karikurubu warasaze! uwuzi akamaro k’IMBONERAKURE nuavugankayo majambo uriko urarogotwa zikora ivyiza hakozikora nabi.nakogahengwe ufise niza

  • Hari umurwi wabantu bigeze gusotera ngobatere umidurumbanyi mubenegihugu mazebabangabirwa nigisoda cigihugu aba polisi bigihugu nabo ntibabahaye agahengwe, bagize baracashaka gucengera mubenegihigu birabagora kubera ahobagezehose basangayo IMBONERAKURE muraborero bagize iyongorane nuwo Kavakure arimwo kuko iyari yakorana nabobantu, uburero uburakari numubabaro afise nibwishi, Uburero nyumayokubura ukwagira yafashe umugambi woguteranya abenegihugu abicishije murayama comments uzosanga arikwaravugango afisamakuru yahawe numusoda akomeye womwiperereza ngoyamubwiye ko reta ya CNDD FDD yiyemeje kwica abahugu bimyaka 15-35 ubunaho avuzeko imbonerakure zirirwa ziriba zinica, agakomeza avugango ejobundi baturiye inzuyumudasigana UPRONA urumvanyene yarase u Burundi bikwiye nambutavyemera rindira ejo urebe ivyazokwandika ukouzosanga bimeze biraturira kusumba ivyoyagiriza abandi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.