Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED: ’’Reta y’Uburundi ntiyigeze ishaka ibiganiro’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED: ’’Reta y’Uburundi ntiyigeze ishaka ibiganiro’’

CNARED: ’’Reta y’Uburundi ntiyigeze ishaka ibiganiro’’

mardi 5 Nzero 2016

Inama y’igihugu yishinze gukingira amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro CNARED imenyesha ko kuba Reta yavuze ko itazokwitaba ibiganiro bidatangaje kuko itigeze na rimwe ishaka ibiganiro.

Umuvugizi wa Jeremie Minani yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko ivyo Reta ivuga ko hari ivyo batumvikanye i Entebbe kuwa 28 Kigarama 2015 ari ikinyoma,kuko Reta yoyo yizeye guheza abatavuga rumwe nayo.

Jeremie Minani yavuze ko mu biganiro impande ziganira atarizo zitora abo bicarana ariko ko ari umuhuza amenya abo ahuza.Yavuze neza ko impande ziharira ari uruhande rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza na CNARED.

Umuvugizi wa CNARED yavuze ko ibibazo vyibonekeje i Entebbe atari vyo vyotuma bareka kwitaba ibiganiro.


IGIHE

Messages

  • LETA YU BURUNDI IRAKWIYE KWIFATA RUGABO IKEREKANA AHO IHAGAZE KANDI IKONGERA IKITABA IBIGANIRO IBA YATUMIWEMWO

  • Ntahovyabaye Minani aho abantu bashatse gutembagaza reta bikabatakuwamazi bahindukira bakaja mubiganiro vyamahoro batabanje guca imbereyubutungane, rekandagusabe uhambarire ahovyabaye.

  • Ewe Nditije Shaa!Mbe Bazi Ko Mutama Rwasa Muri 2010 ho bamurusha ubwenge turetse ko bamuhenz gatoya akaba ubu naho atamukenyuro bamurusha!

  • iyo nama yigihugu cububirigi twebwe abarundi ntayo dushigikiye.

  • NAKAMARAMAZA KUBATEGETSI BUBURUNDI NUKURI BO BIBAZA KO BAZO TWARA VYANSE BIKUNZE KANDI BAZI KO BIHARIJE AMATORA ABANDI BATARIMWO

  • NAKAMARAMAZA KUBATEGETSI BUBURUNDI NUKURI BO BIBAZA KO BAZO TWARA VYANSE BIKUNZE KANDI BAZI KO BIHARIJE AMATORA ABANDI BATARIMWO

  • oya ubu muremerako hariho reta, e nibindi muzovyemaratu. nimumaramarire hiyo, ayo mahera yaBAZUNGU mwariye hama mukemerubuki mutegeka muzoyasibizab ivyinyo biregarega!! kirimwobagabosha. izonyaga mwashizimbere zizobahumira, ubu ntimukeronka ivyo mukamisha mwarahinyutse......

  • mwese ni inda zanyu gusa basha atanyungu zabanyagihugu mbonye ngaho.

  • Jewe Simbona Ingene Leta Ya Nkurunziza Iguma Ihendwahendwa Kuja Mubiganiro!Icambere Barikuntwaro Batabirekuriwe!Nyimba Kwisi Hari Abaharanira Agateka Kazina Muntu Nibakore Kuko Abapfa Bo Baguma Bapfa!Numwana Wamuhendahenze Akanka Uramutabira Akarira Arize Kandi Umutabiye Ararira Hanyuma Agahora!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.