IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC yatanguje igikorwa c’ukwandika abamenyeshakuru

CNC yatanguje igikorwa c’ukwandika abamenyeshakuru

samedi 25 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu rwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi batanguje ku rwego rw’igihugu isekeza ry’ukwandika abamenyeshamakuru hamwe n’abahinga bakora mu bimenyeshamakuru.

Yvette IRAMBONA, umunyamabanga muri urwo rwego (CNC : Conseil National de Communication), ari nawe yatanguje ivyo bikorwa mu gisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko iryo yandikwa ry’abamenyeshamakuru rigamije gukingira abamenyeshamakuru ku mutekano wabo, akavuga ko muri CNC batari bazi ingene abamenyeshamakuru bangana mu Burundi, bikaba vyabagora kubafasha iyo bahuye n’ikibazo mw’irangurwa ry’akazi kabo.

Mu rwego CNC bagasaba abamenyeshamakuru bose bakorera mu Burundi kuzoja kwiyandikisha muri CNC, ku buntu, kugira bazohabwe amakarata abaranga.


IGIHE

Messages

  • Egome Ivyo Nivyo Vyukuri

  • murandabire ko kiramvu atarimwo tumucakire

  • Nivyiza nimubandike ariko murabe munatandukanye abanyamakuru nabamenyeshamakuru ,kuko abanyamakuru batangaza ayomutubare nomumazu nayabiganirira munzuzabo bakayita amakuru.Abamenyeshamakuru nabo bamenyeshamakuru yabereye ahantu hazwi nuwayavuze ntagigwibanga ayoniyo yubaka nayayimboregwa nibisuma amenywa nabakorera mukigare ciryozina bigacafuza ugwogwego.abakorakokazi tubipfurije gukorico bazi kuko iyobaciye kubiri nicobajejwe ninobahungimbere yabandi iyobatahasigaye kuko kubwokwitwimvuzi baba baramenyekanye aharihohose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.