Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD : ’’Abadashaka amatora nibo bariko baratera amagrenade’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > CNDD FDD : ’’Abadashaka amatora nibo bariko baratera amagrenade’’

CNDD FDD : ’’Abadashaka amatora nibo bariko baratera amagrenade’’

mardi 23 Ruheshi 2015

Umugambwe CNDD FDD wagiriza abadashaka amatora ko aribo bariko baratera amagrenade mu banyagihugu.

Mw’itangazo uwo mugambwe wahaye ikinyamakuru IGIHE.bi, umushingamateka Pasikari Nyabenda arongoye CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, avuga ko intango ya vyose ari igihe umuhuza mu biganiro vyahuza abanyeporitike Saidi Djinnit yatangura kwiyamirizwa, kandi igikorwa cari camuzanye naco casa n’ikiriko kirarangira nk’uko uyo mugambwe ubandanya ubishikiriza. Amagrenade rero muri CNDD FDD bakavuga ko yaciye atangura guterwa, aho muri iryo joro nyene, abantu icenda bishwe batewe grenade, abagera 40 barakomereka, mu kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uwo mugambwe kandi, uvuga ko hari inkoho zigera kuri 74 zibwe, igihe haba igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi, izo nkoho bakavuga ko zibwe mu bubiko bw’abaporisi.

Uwo mugambwe kandi, ukamenyesha ko ibitero bimaze iminsi biba vy’amagrenade yaba mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara zo hagati mu gihugu, bigahitana ubuzim bw’abantu abandi bagakomereka, ari umugambi wo kubuza abanyagihugu kugira ntibaze bitabire amatora nk’uko biri mu nyandiko zitagira imikono zagiye zikwiragizwa. Umugambwe CNDD FDD muri iryo tangazo, usaba Abagumyabanga n’Imbonerakure kwihangana, no kudoma urutoke kuri uwo wese bicura ko afise ikirwanisho atankunzi.


IGIHE

Messages

  • mukirundi ngo:uwovyankiye ntabur’uwovyankana!nimuhore vyabatekurukanye!mukirundo uryamupolici yafashwe ategekwa na oposition?ntimudufatenkabana abarundituraciyubwenge.

  • NAKAGENDANKABO NA.AHO.UMUGABO AGENDAYAMBAYE IBIPURIZO.NKUMWANA.HAHAHAAAA

  • maramara neza uryamu police yafashwe mukirundo suwareta? imbonerakure zirigwa zirakora ubwicanyi nabatavuga rumwe nareta?twarabamenye kandi imana igiye kudukiza vuba uru rusyo mwadukoreye. kuko irakunda uburundi nabarundi amanyanga yanyu iguma iyashira ahabona.

  • Nibaza ko mwari mukwiye kuraba neza arya makaratiye akora imigumuko abanyarwanda canke abavuka kubanyarwanda bose badafise vyangombwa vyerekana ko ari abanyarwanda barungikwe iwabo nkuko Tanzania yabigize umutekano wayo ugomba guhungabanywa kuko

  • bareke bayatere ayo magerenade ntibazobura kubu nka bibiri nacumi ntamigambi bafise iyobafise niyogutera amagerenade iyonayo ntiboyibwira abanyagihugu ngo baronke nuwubanukurura ababwira kubicanye adese ikibiri noyo tuzoyirwanya twivuye inyuma abarundi bashigikiye nkurunziza pita amahoro nimigisha bije kuriwe ntariteguye niyo bamukubita kudeta igafata ubu intambara ibayaheze ubuniwe aba arikungoma barazihenda barabe twebwe imbonera kure abahoze kurugamba abatama abatamakazi ico tuzokora

  • @Emilie hhhaaaa uratwengeje sana kuko tanzaniya yabigize mbe ntabarundi birukanye itanzaniya none urabirukana numva ukwega intambara z ibihugu atarizo CNDD FDD ntidugekeneye abadusamaza twitegura amatora inngwano zi ibihugu sizo turimo

  • @Emilie hhhaaaa uratwengeje sana kuko tanzaniya yabigize mbe ntabarundi birukanye itanzaniya none urabirukana numva ukwega intambara z ibihugu atarizo CNDD FDD ntidugekeneye abadusamaza twitegura amatora inngwano zi ibihugu sizo turimo

  • murahenda abandi ubuho mwahinyutse kandi muragowe, imana iriko irabagaragaza tu abantu bater ayo magrened naba dd ntamuntu muzima yokwisamburirako atarwaye nkabo. turikoddusenga imana yukuri ikore ivyayo hama bikunde dutore neza.

  • Emwe dataweee mwumvise barundi? Ngo abagumyabanga, n’imbonerakure ngo bave hasi badomeko urutoke kuyo afise ikirwanisho,karabaye! Imbonerakure niyaba ifise ikirwanisho izoza igishire iwawe hama bace babikwegekako hama bagutwre amaguru adakora hasi. Emwe kuberiki yarobanuye atavuze ati banyagihugu bu burundi,Asha tugabe tuve hasi nayahandi amaraso aracaseseka akiriko.

  • Hinge ndabatere agakuru,habaye umugabo yitwa RUVVZO, uyo mugabo yarakunda utuyoga,nuko bavuga ngo izina niryo muntu,umusi umwe asugwa n’uwitwa GATERE, yamara kwa RUKUMBI rurahiye, bompi uko ari babiri biroha umurindi baragenda no kwa RUKUMBI ngo ba erega GATERE ntiyanyoye.RUVUZO aramwima. narindi rumutse,yaduka abari ngaho abatera ibicamurundi. baratemba bahitana imibindi ya RUKUMBI barasesa , abandi baravunagurika .yamara invura ikaba yaguye. RUVUZO yajabuka umugezi,aratahutse asanze umugezi wuzuye, awiroshemwo ngo arajabuka ngurwo ruramutwaye ati yamara abo hakurya ntabara barinumira.nuko RUVUZO azira ubukunzi bw’inda n’ukutubaha abagenzi.sije nohahera hohera RUVUZO yanse abagenzi, agakunda inda yiwe. arinayo yatumye atwarwa nuruzi.

  • Nyakwubahwa Nyabenda, tsinbatara ahubona tumaze imyakamyishi tugavye janditurakomeza juzaturarungira agatoke inzego zishinzwe gukura ibirwanisho mubabitunze batabifitiye uruhusha , muribiriyavyose bishika ibihumbi nibihumbi bimazegufatwa twabigizemwo uruhare nicogituma bamwe bahisemwo kutwanka mberebagaheba bagatabgura kwagiriza abanabacu bahurikiye mumugari witwa Imbonerajure ngowarahawe ibirwanisho kanditwebwe twaramaze kwenerako inzego zishinzwe umutekano wuburundi nabarundi zishoboye kiretse aribobadukeneye bakatwijorako tuzobitabira nabacu natwe turababo turibene Burundi.

  • @Gérard eheeee muratanguy!erega ugusubiranamw kuvahonyen!

  • jew nama nabivuz abo batera amagrenad nabo mur opposition bashaka ngo amator ntabe nibemer batsindw petero nkurunziza tuzomutora abigenga bamaramare

  • Nukuri Abatavungarumwe Nareta Bataye Umutwe Komera Mutama Nyabenda Nimurekane Nabo Batangoba Amatora.Ibigwanisho Bivyereta Bimbazako Binzokorahehe?Abarundi Turiteguye Kumbamgwanya.

  • IMANA NIYO IZOKEMURA IVYO BIBAZO

  • None nk’uyu mubona abuca azira iki gayemweee! amatama yanganye n’igisusu ca inarunyonga ngo akeneye ibiti,baca umugani ati imbwa iyo iriwabo izunza umurizo,yagera ahandi ikawuzinga. Mwarawuzinguruye kuko muri kuntebe ejo saho ugendera inyuma,mweho uzoja mwizosi.

  • MBE BIBAZA KO MU BURUNDI RWITAHA WE ARE READY FIGHT THEM CHILDREN OF FOREST.

  • politike yabananiye, bitwaza ibi na biriya ariko nugutinya matora no kugombakuyaburabuza!! ariko ntibizoborohera, kuko abarundi bashaka amahoro, nibeshi!!

  • Abarundi twipfuza ko amatora yoba ibintu bikava munzira Abo nabo banka amatora
    banka bazotwarwa .

  • Abarundi twipfuza ko amatora yoba ibintu bikava munzira Abo nabo banka amatora
    banka bazotwarwa .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.