Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD na UPRONA bariko bapfa ibibazo vy’igihugu badahurizako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD na UPRONA bariko bapfa ibibazo vy’igihugu badahurizako

CNDD FDD na UPRONA bariko bapfa ibibazo vy’igihugu badahurizako

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Umuhinga muvya poritike Julien Nimubona amenyesha ko umubano wa CNDD FDD na UPRONA umeze nk’uwamaze gutituka, ivyo bigatumwa n’ibibazo nyamukuru bihanze igihugu arivyo vyatumye iyo migambwe ibiri yahora iri kumwe muri Reta itangura kurabana ay’ingwe.

Julien Nimubona, kuri Bonesha FM ku munsi w’ejo, yamenyesheje ko intanduruko yo kudacana uwaka hagati ya CNDD FDD ari kubona umugambwe UPRONA warerekanye ko udashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ibindi bibazo vyoba vyaratumye inyungu z’iyo migambwe zitandukana, ni nk’ikibazo kijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, hamwe na sentare idasanzwe yegukira umurwi CNTB ujejwe ibibazo vy’amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

JPEG - 29.4 ko
Julien Nimubona, umuhinga muvya poritike

Kubwa Julien NIMUBONA, umuhinga muvya poritike, abadasigana b’umugambwe UPRONA bari bakwiye kwikura muri Reta, mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kugira bashobore kwicarira ibibazo umugambwe wabo ufise.
Nk’uko bibandanya bisigurwa n’umuhinga Julien NIMUBONA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza asanzwe akomoka mu mugambwe UPRONA yari akwiye kwicarana n’umukuru w’igihugu bakaganira ico kibazo, kuko ikibanza afise yagishizwemwo n’inzego zaraye ziyamirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.