Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD : Ububirigi bushaka gusubiza Uburundi mu buja - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : Ububirigi bushaka gusubiza Uburundi mu buja

CNDD FDD : Ububirigi bushaka gusubiza Uburundi mu buja

mercredi 28 Gitugutu 2015, par egide

Umugambwe CNDD-FDD utangaza ku mugaragaro ko bigaragara neza ko utwigoro turiko turakorwa na bamwe muba Birigi hamwe n’abanyaburaya bamwe bamwe ata kindi tugamije atari ugushaka kwaka Abarundi ubwigenge bwabo bwo kwitorera indongozi no kwishiriraho inzego zirongora igihugu. Uwo mugambwe umenyesha ko iyo ngendo ari ugushaka gusubiza abarundi mu buja.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2015, muri CNDD FDD basaba abarundi kubandanya urugamba rwo kwikura mu bukoroni bw’Ababirigi.

Itangazo nomero 038 ryo kuwa 28 Gitugutu rigira riti :

Abarundi baraye bagaragaje ko bikukiye yamara hariho abanyamahanga bahakana uwo mwidegemvyo.

Uburundi buri mu bihuhusi vya politike n’imibano n’ayandi makungu aho bugirwako iterabwoba ritagira izina, rihatira abenegihugu guheba ubwigenge bwabo bwagaragariye mu matora aherutse y’abashingamateka, abahanuzi b’amakomine, ay’Umukuru w’ Igihugu, n’ay’inama nkenguzamateka be n’ay’abakuru b’imitumba, amatora yose yatunganijwe ku buryo budasanzwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI , agatsindwa ku mugaragaro n’umugambwe CNDD-FDD guhera mu kwezi kwa Ruheshi gushika mu kwezi kwa Myandagaro, umwaka w’ 2015. Inzego zatowe mu muco ntangere, mu mwidegemvyo no mu buryo budakumira zaraye zishizweho uhereye ku rwego rw’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka n’urwego rwa Reta ivyo bikaba vyakorewe imbere y’abaserukira ibihugu vyabo ngaha mu Burundi batandukanye. Naho imwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta ititavye amatora, Abarundi bareretse uwo wese agifise amaso yo kubona ko ubutegetsi bukomoka kuri bo nyene kandi ko kugira ngo ubushikire utegerezwa kubibasaba biciye mu matora kuko babuha uwo bashatse kandi babona ko yitayeho inyungu zabo.

Umugambwe CNDD-FDD waraguye mu gahundwe wumvise ivyashikirijwe n’Inama y’Amahoro n’Umutekano mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika,mw’itangazo yasohoye kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015 mu nama igira 551 rihakanira Uburundi amasezerano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu rya ONU yerekeye ubwigenge bw’abenegihugu bwo kwitorera indongozi no kwishiriraho amategeko agenga amareta yabo hisunzwe kwubahiriza ivyipfuzo vy’abenegihugu. Ntivyumvikana ko budakeye na kabiri tuvuye mu matora yatunganijwe mu mutekano ntangere no mu buntu atanahamwe biraboneka kw’isi, abenegihugu b’abarundi basotorwa ubugira kandi n’ishirahamwe ry’Afrika mu kubategeka kuvavanura n’umwidegemvyo wabo no kudaha agaciro ivyavuye mu matora ya 2015 kugira ngo noneho bahatirwe kugiriranira ibiganiro n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 bikabata ku wamazi, ngw’ivyo biganiro bikaba vyobera i Kampala mu Gihugu c’Ubuganda.

Umugambwe CNDD-FDD urababajwe n’inyifato y’Umukenyezi Federica Mogherini wo mw’ Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, aho mw’itangazo yasohoye mu minsi iheze yemanze adakekeranya kw’ iryo shirahamwe ritahagaritse imfashanyo ku Burundi ariko ko ryazikatishirije mu bikorwa vyo gufasha impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda n’iziri mu bindi bihugu. Ishirahamwe rya Buraya ryaramaze guhitamwo ryongera rifata ingingo yo gushinga iyindi Reta y’Uburundi ikorera hanze y’imbibe z’ igihugu , iyo nayo ikaba ifashwa bimwe bidasanzwe n’iryo shirahamwe mu kibanza ca Reta yemewe n’amategeko. Aha iri shirahamwe ry’ibihugu vya Buraya rikaba rihejeje kwerekana kw’abenegihugu b’ abarundi ata ngorane zifatiye ku moko bafitaniye hagati yabo nk’ uko ryahora ribishikiriza kugira ngo rihume amaso amakungu, bikaba vyaraye bigiye ahabona kw’ ingorane nyamukuru ziri hagati y’abenegihugu n’ibihugu vyahoze bibacura bufuni na buhoro mu gihe c’ubukoroni duhereye ku gihugu c’ Ububirigi kibifashijwemwo n’ Ishirahamwe ry’ Ibihugu vya Buraya bigaca binatandukira n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika kubera imfashanyo rihabwa n’iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

PNG - 367.9 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umugambwe CNDD-FDD uratangaje ku mugaragaro ko bigaragara neza ko utwigoro turiko turakorwa na bamwe mu ba Biligi be n’abanyaburaya bamwe bamwe ata kindi tugamije atari ugushaka kwaka Abarundi ubwigenge bwabo bwo kwitorera indongozi no kwishiriraho inzego zirongora igihugu. Ni ingendo yo gushaka gusubiza igihugu cacu mu buja. Ibiganiro ivyo bihugu rutura, atakindi bigamije atari ugusambura igihugu bishaka kujabukana i Kampala mu Buganda nta kindi bigamije atari ukwaka Abenegihugu b’Abarundi uburenganzira barekurirwa n’amategeko bwo kwitorera mu mwidegemvyo inzego zibabereye. Ivyo bihugu bifise umugambi wo gusubiza Uburundi mu buja bw’ ibihugu vyahoze bibucura bufuni na buhoro. Igihugu C’Uburundi rero kiri mu rugamba rwo kwikura muri ubwo buja, nta kindi kirengako. Abarundi bahamagariwe gufatana mu nda kugira ngo bashikire ukwikukira nyakwo kuko abahoze babacura bufuni na buhoro b’ejo hahise bashaka kugarukana inguvu zidasanzwe kugira ngo iyo ntahe y’ukwikukira bayifute bibaye nkenerwa bayisambure burundu. Iyo kataba agatima kabi ibihugu bimwe bimwe vya Buraya vyahoze bicura bufuni na buhoro Uburundi bifise k-o kubusambura, abarundi baba bibaniye mu mahoro n’umutekano. Uno munsi eka ndetse n’igihe cose, ivyo bihugu bikoroni ntako bitariko birakora kugira ngo birandure burundu ivyizigiro vyari bihasanzwe vy’ ukwikukira n’intwaro ya demokarasi kuko bitipfuza kuvirira Igisagara ca Bujumbura eka ndetse n’igihugu cose.

Twihweje insiguro zatanzwe, Umugambwe CNDD-FDD usavye abarundi kuguma bafatanye mu nda , babandanye urugamba rwo kwikura mu bukoroni bw’Ababirigi n, ababashigikiye, gutunganya ibiganiro uko bavyipfuza ariko bibuka ko urundi ruhande rugizwe n’ababirigi rutegerezwa kurenguka imbere y’abarundi kugira ngo rubasabe ikigongwe rwongere rubashumbushe kubera amagorwa atagira izina rwateye igihugu n’abenegihugu baco mu kiringo kirenga ikinjana rubicishije gukwegera abarundi mu ndyane z’amoko, mu gutunganya ubwicanyi no gusesa amaraso ya bene burundi, mu gutembagaza inzego z’igihugu vyakurikirwa kenshi n’amahonyabwoko yagiye araba mu gihugu cacu.

Umugambwe CNDD-FDD urababajwe kandi n’iterabwoba umurwi w’amahoro n’umutekano w’ ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ryo kurungika inteko za gisirikare mu Burundi nk’ uko umengo igihugu kiri mu ntambara.Ntivyumvikana ivyo uwo murwi uriko urakora kuko abenegihugu b’abarundi nta kindi bakoze atari uguhagararira uburenganzira bwabo bwo kwidegemvya. Kira noneho Uburundi bwaremeye ko hokorwa amatohoza mpuzamakungu kugira ngo hasuzumwe ko ibirego vy’ igihugu c’Urwanda vy’uko hari Interahamwe zoba ziri ku butaka bw, Uburundi. Umurwi w’Inama Mpuzamakungu y’ Ibihugu vyo mu Biyaga Binini CIRGL waraye usohoye icegeranyo c’ivyo washitseko mu matohoza wakoze, ivyo navyo bikaba vyerekana ko ata nterahamwe ziri ku butaka bw’ Uburundi. Ariko mu gihe hasabwa ko harungikwa umurwi mpuzamakungu mu Gihugu c’Urwanda gutohoza neza ko ata mirwi y’iterabwoba iriko ikorerayo imyimenyerezo ya gisirikare kugira idurumbanye umutekano mu Burundi, abategetsi b’Urwanda bishuye badatevye ko batazigera bemerera uwo murwi gukorera ku butaka bw’igihugu cabo. Amashirahamwe y’Ubumwe bw’Afrika n’ Ubumwe bwa Buraya ntiyigeze akura ururimi mu kanwa. Kubera iki babakingiye ikibaba ? Umugambwe CNDD-FDD usaba ko izo nteko z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika zojanwa mu gihugu c’Urwanda na cane cane aho abategetsi b’ ico gihugu bashinze amakambi yo kwigishirizamwo ivya gisirikare no kwandikiramwo abinjira mu mirwi y’iterabwoba b’Abarundi kugira ngo ivyo bibuga bisamburwe , no gucungera neza ko atabakora iterabwoba b’Abarundi binjira mu Burundi be no gutegeka abategetsi b’ i Kigali kutivanga mu bikorwa vya Reta y’ Uburundi barushirizeho nyabuna kwitaho ibibazo bibahanze bisanzwe atari na bikeyi.

Umugambwe CNDD-FDD urangije uhamagarira Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon kudasamazwa n’ivyo umurwi w’ amahoro n’umutekano w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika washikirije kuko birimwo ibinyoma vyinshi kandi bishobora no gusambura igihugu, akarere kose k’ibiyaga binini eka ndetse n’Afrika yo hagati yose nk’uko biriko biragenda muri Libiya na Siriya.Rero, ugufata nkama akamo katewe n’Ishirahamwe ry’ Ubumwe bw’ Afrika ntaho vyoba bitandukaniye no guta mu kaga Umugabane w’Afrika wose.


IGIHE

Messages

  • tuzoguma dufatanye munda iyomwijuru nico cabona

  • Mwahora muhira biroroshe nyabuna amacakubirki nubukoroni nimwebwe mubutuzanyemwo .umugani wuwuraho ngo nabado nabado kweli hasigaye yuko tubatoza intoki.IMANA NTIHERANWA ITEBA GUSA KWISHURA.

  • NYABENDA kutanguye gukanura nkumurozi

  • Nibatekereze akabigira kabizi karya imboga karitse.ntawutazi ivyabo.

  • NIMUKOME BA DD KUKO NTIMWUMVA.MBE MWIBAZA KO TWEBWE TURI IBIJUJU?RINDIRA NABARWA BAKECURU MWAHORA MWIBWIRA NGO NIBIHWIJI IBINTU BIZIMBE MURABE.ABAZUNGU NTIBAPFINA.ARIKO PASCAL REKA KUBESHA ABENEGIHUGU NGO UBURUNDI BWOBAHO ATAMA AIDES.NEVER SANS AIDES SANS BURUNDI.BARAHANUYE MURANKA NONE MWARATUGURISHIJE NTAKUNDI TURAHAGOREWE.REKA KWIREMESHA MUGABO HABAVYE NONE USHAKA IBIHUGU VYOMURI AFRIKA VYITERANYE KUBURAYA?BANYE AHO BATEMA KUBERA TWEBWE?AHO MWAHUSHIJE EMERA TUWOTE MUGABO ABANYAGIHUGU BAZOTUVAKO PE.MWIBUKE KO KANANIRA ABAGABO ATIMYE UBWO BARI BAHANUYE YABONE

  • KOMERA UWANKABAGUMYABANGA AZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • Basha sinzi ko muzi ikibanza c Uburundi mu bukene.yemwe batware mumenye ko utigaburira atigaba.kandi amaboko atareha ntahana amasho .Abo ba belges mutera akagere mwanka ibiganiro muzobaze Mugabe wa Zimbabwe nta manyama mumurusha..

  • nyakubahwa nyakubahwa Pascal twebwe abene burundi turiteguye gutanga amaraso yacu tugwanire agateka kacu turindiriye ifirimbi ya se Barundi tubavugutire umuti murakoze.

  • nyakubahwa nyakubahwa Pascal twebwe abene burundi turiteguye gutanga amaraso yacu tugwanire agateka kacu turindiriye ifirimbi ya se Barundi tubavugutire umuti murakoze.

  • nyakubahwa nyakubahwa Pascal twebwe abene burundi turiteguye gutanga amaraso yacu tugwanire agateka kacu turindiriye ifirimbi ya se Barundi tubavugutire umuti murakoze.

  • Yemwe Ikibwirwa Ni Icumva Kandi Icerekwa Ni Ikibona, Twebwe Abarundi Ayo Mashirahamwe Ya Afrika Na Bulaya Harimwo N’ububiligi Nibatureke Kutudyanisha Kuko Twifitiye Amahoro,ndabateze Imana Yoyo Ariyo Mucarubanza Wa Bose, Ingero Umuntu Agerera Mugenziwe Niyo Nawe Azogererwa.

  • Yemwe Ikibwirwa Ni Icumva Kandi Icerekwa Ni Ikibona, Twebwe Abarundi Ayo Mashirahamwe Ya Afrika Na Bulaya Harimwo N’ububiligi Nibatureke Kutudyanisha Kuko Twifitiye Amahoro,ndabateze Imana Yoyo Ariyo Mucarubanza Wa Bose, Ingero Umuntu Agerera Mugenziwe Niyo Nawe Azogererwa.

  • Imfashanyo mwavuze ngo murikwije, none reka bazihe abazikeneye!Murazi kuvuga nabi gayemwe!Ba mubanza mwiyumvire neza!Be ko mufokomwa!Nibazigumye nizabo ,indishi nayo ,yooooooh muragoye yemwe usanga musaba ko babashumbusha murapfuye nabi! Mushonje nabi!Guma mutadadaza muzokwibonerako,weho ndumva ko urintagonda yamara uzoteba uce bugufi ataco ukironka, nibagushire muri babandi bakokeza intambara ahubwo,barindiye ki?

  • Iyomuba Mwumva Mwoca Mutangimihoho Mukivyumva! None Mugomba Abanyagihugu Twitswe,nubukene!Erega Mwoho Mwaragwije.Twe Komuduhenda, Tuzoshobora, Kugwana Nabadufasha!Twarabahinyuye Abagabo Bararya Imbwa Zikishura. Harikera. Imisi Mutwaye,simike Habandi Umunyagihugu, Yitunganirigwe. Ntimwitoza Bavuga?

  • Ni hatari! None Hakorwe iki? Mana, ntivyoroshe tabara abarundi turarushe! Ninde mwiza? Ninde avuga ukuri? ninde akunda abarundi? Ninde yobatabara?
    Mana nzima, niwewe gusa twitezeko wodukiza, ukatubabarira, ukadutabara, ukadukiza. Niwe gusa duhanze amaso kuko abantu bo nabo ntaco bokwimarira, ariko wewe , ushoboye vyose. Harageze ko ugira ico ukora kuko biratuyobeye.
    Mw’izina rya Yesu Kristo , amen

  • namandababwirakomwakwegewenizondazanyunimurab icobivyayenamakunguyabakuyeko intokiyooopitawewarakwegey igihugunumugambwewaw wabagumyabondo

  • MURAGOWE BARABABWIRA NTIMWUMVE.MWARIMUZI KO AMARIRA YABARUNDI AZIJANA.MURAHERA NIMUTIHANA

  • N’importe quoi! Très dangereux. Idéologie et appel similaire aux CDR Interahamwe Rwandais qui a fait tuer 10 casques bleu belges pdt le génocide Rwandais.

  • Nyabendawe uvuganabicane ariko murahumbamurabesha kondimutegerezwakwemera kuko ntacomufise

  • Peter héros de l’indépendance du Burundi le plus pauvre pays du monde. Génial. c’est du made in Mwumba. La philosophie de l’escargot ne tient plus.

  • Ndabirabe est fou. Rugombo yaramwinjiye mu misi. ,

  • Mbega nikuki muvuga nkabatagira imitima

  • ariko presidant wewe uratwenza none vyukuri kuvugango twarikukiye ico twagiye mwishamba turwanira ico twashitseko nicahe reka gufata ibibazo vyuburundi ngo mukomeze kubiha intumbero yubwoko jewe ndumuhutu yatunzwe numwumbati namazi ari kurugamba mugabo ubu ntikibuza ko banyirukana munzu yibihumbi 20.000fr nabuze amahera yokuriha ego mama komuvuga ngonabatutsi twebwe imbonerakure nabahoze kurugamba mutumariyiki atarukudukoresha amakosa gusa raba ubukene buturembeje aho umuntu adashobora nokwigurira impuzu canke ikirato hari gukoronezwa bisumbaho abishwe abenegihugu bishwe ninzara banganiki oya kabisa raba ibiriko biravugwa nukuri canke mukeneyeko dupfa ataco twimariye? biragahera

  • KUDASHIZEMWO KO IKIRINGO CA 3 ARICO CATAYE IGIHUGU MUKAGA?ABABIRIGI BAVEKO NIMWE VYANANIYE MWEBWE REKA AMAKUNGU ATABARE ABATAVUGA RUMWE NAMWE MURIKO MURANIGAGURA.INGOMA MWARAYIVYE MURABUZE KABISA AHO MUYI VUGIRIZA.

  • iri mavuze ko uwuzorukarisha ruzomumwa none uriko urabeshera ibihungu ngonivyo biriko birasambura
    uburundi mbega iyo
    mundashiraho nkuruziza ubu igihugu
    ntikibagitekanye none
    murabe abantu bamaze gupfa noguhunga kuva mufashe iryangingo yokwiyongera ibiringo mwaze nokwibagira amajambo mwagiye
    murashikiriza muvugako abatemera ikiringo muzobamara kifu yimijira ahorero mubanze mumenye
    kuko atari ukubaka arugusambura kandi
    mutisubiyeko igihugu cirasambuka

  • Raba ingene gifyura amaso,vuga neza ko ububiligi buriko bwanka ko inda zanyu zibandanya kuvyimba,ngo abanyagihugu ni nde yabatoye mwebwe atari imbonerakunya,mwanka mwemera muzovako tena nabi na BUYOYA yaravuyeko nketswe mwebwe mutagira nubwo kunya.

  • ntimwere.batumebatumara

  • Abanyarwanda Baransetsa,bariyumvira Ko Intambara Izoba Mu Burundi Urwanda Rukaguma Rutekanye?Aho Ninkindoto.Wamugabo Yiyita #falcon#akunda Kuvuga Nkumwiyahuzi Azocaja Kurwanira Urwanda.Twebwe Turikumwe Nu Burusiya,ubushinwa, Korea Ya Ruguru, Irani Ntabwoba Tuzobamesa No Muri Siriya Ubu Rusiya Bukora Ibikorinka.Ninacogituma Tuzorwanya Uwariwe Wese Atabwoba Mpaka Twikuyeko Akagaye Ka Banyarwanda.

  • Mwatayimitwe musigaje kwiyahura amaraso yabene burundi agiye kubahumira ewe Nyabenda imisI iraje wibere mukayungiro nka GASUKU

  • Security Council expresses its deep
    concern about the growing insecurity and the
    continued rise in violence in Burundi, as well
    as the persisting political impasse in the
    country, marked by a lack of dialogue among
    Burundian stakeholders.
    The Security Council takes note of the
    meeting of the Peace and Security Council of
    the African Union (AU) of 17 October 2015 on
    the situation in Burundi and the statement,
    including its proposed next steps, adopted on
    that occasion.
    The Security Council is deeply concerned by
    the increased cases of human rights
    violations and abuses, including those
    involving extra-judicial killings, acts of torture
    and other cruel, inhuman and/or degrading
    treatment, arbitrary arrests and illegal
    detentions. The Security Council expresses
    also its deep concerns on the prevalence of
    impunity, on the daily assassinations, on the
    restrictions on enjoyment of the freedom of
    expression, including for members of the
    press, and on the continued worsening of the
    humanitarian situation, marked by the more
    than 200,000 Burundian citizens seeking
    refuge in neighboring countries. The Security
    Council commends efforts by those in the
    region to respond to the humanitarian crisis
    and provide necessary resources to Burundian
    refugees.
    The Security Council strongly condemns all
    violations and abuses of human rights and
    acts of unlawful violence committed in
    Burundi both by security forces and by
    militias and other illegal armed groups, and
    expresses its determination to seek
    accountability for perpetrators of such acts.
    The Security Council welcomes the decision
    of the African Union to launch an in-depth
    investigation on the violations and abuses of
    human rights against individuals in Burundi.
    The Security Council recalls the importance
    of respecting the Constitution of Burundi as
    well as the Arusha Peace and Reconciliation
    Agreement of August 2000 and stresses that
    the situation prevailing in Burundi has the
    potential to seriously undermine the
    significant gains achieved through the Arusha
    Agreement, with devastating consequences
    for Burundi and the region as a whole.
    The Security Council urges all those involved
    to reject armed rebellion to resolve the
    current crisis and once again, urgently
    appeals to the Burundian stakeholders to
    engage in dialogue and to spare their country
    and its people further suffering. The Security
    Council reiterates its conviction that genuine
    and inclusive dialogue, based on respect for
    the Constitution and Arusha Agreement,
    would best enable the Burundian stakeholders
    to find a consensual solution to the crisis
    facing their country, preserve peace and
    consolidate democracy and the rule of law.
    The Security Council notes of the
    establishment of the National Commission for
    the inter-Burundian Dialogue.
    The Security Council reemphasizes the
    importance of the mediation efforts led by
    President Yoweri Museveni of Uganda on
    behalf of the East African Community (EAC)
    and as endorsed by the African Union,
    underlines the importance of the urgent
    resumption of the mediation process, and
    urges the Burundian Government and other
    concerned stakeholders to extend full
    cooperation to the Mediator. The Security
    Council stresses the importance of convening
    an inter-Burundian dialogue in coordination
    with the government of Burundi and all
    concerned and peaceful stakeholders, both
    who are in Burundi and those outside the
    country, in order to find a consensual and
    nationally owned solution to the current
    crisis.
    The Security Council welcomes the decision
    by the AU PSC to increase the number of AU
    human rights observers and military experts
    deployed by the African Union in Burundi and
    reiterates its call to the Burundian
    Government and others stakeholders to
    provide full cooperation to facilitate their
    effective and immediate deployment and
    implementation of their mandate. The
    Security Council notes the decision of the
    African Union to impose targeted sanctions,
    including travel ban and asset freeze, against
    all the Burundian stakeholders whose actions
    and statements contribute to the perpetuation
    of violence and impede the search for a
    solution, and expresses its intention to follow
    closely and respond to any actions that
    threaten the peace, security and stability of
    Burundi.

  • Abashaka gusubizuburundi ni nkurumbi nakagwi kiwe mbabajwe nabariko bapfirubusa igukuru nugukuraho iyo micafu nkurumbi nakagwi kiwe

  • Vyukuri uyumugabo niwe akwiriye kuba umukuru wigihugu pe! mutama aho mwinumiye nikera ze murababwira muberurira ahubwo mubenurire abo babirigi bashaka kwitiranya ibihe.

  • Harya Acnyarwanda Icobatazi Tweho Abarundi Turashoboye Bobo Barindire Imvuru Itangure Iwawo Tuze Tubomore Tuhafate Harya Igikoba Cikwegera Amakara.Wait .

  • Yesu yavuze ati:Nibagukubita ikofe mu musaya umwe uhindukize nuwundi.None uwohebera uwundi burya siwe Imana yoshima?Abarundi twari dukwiye guharirana,icufise ukamera nkuwutagifise.mworaba ko tudatera imbere.

  • THE Lord says to joshua : i have given you the land possess it and HE said :Have good courage and do not fear for i will be with you always

    So CDD -FDD the Lord has trusted you then have good courage .it mean do not kill innocent and fight a good fiht of faith seriously against the enemy till to the end
    Usually when Almight God give you the land you will have a strong opposition like goraya agianst david ,but you will not fail. Just keep quit and praise him .Do not let the president praise HIM alone., Do not warry about grenage and the big europe . just do what is nice in the eyes of the Lord .do not warry about the economy it will grow it mix of problem .
    look israel
    even in uganda they never realy negociate with joseph kony
    so you can negociate if you want but we have elect you please do not loose the land that God gave us. and do not divide us.
    stop corruption and fight.

  • Jewe uwo uwomugabo arongoye uwo mugabwe wabagumutsi,ivyavuga nibiki? rwamatora ya kurikije amategeko? na subire kwishure yi ge ivyamategeko nihazotahura kwivyakozwe atamategeko vyakurikige. na yibihano nivyongerezwe, na yubwo bukoroni aba dede nibo babugarukanye uravye ivyo bariko barakorera abanyagihugu mukubicisha amasoro.

  • Aba DD ntanubwo kunya mufise,none ko mwavuze ko mwikwije ubu naho izomfashanyo baha CNARED ko zibatuntuje?twereke ko muri abagabo reka gukuga nki ntozo.

  • Aba DD ntanubwo kunya mufise,none ko mwavuze ko mwikwije ubu naho izomfashanyo baha CNARED ko zibatuntuje?twereke ko muri abagabo reka gukuga nki ntozo.

  • ingoma zose zo mwisi zama zigenda zikuranwa. Kandi abanklmana ntibayisenge bazopfa bose.

  • mbega ko kuntwaro zari zaratikije ubwoko bumwe bwabahutu kwayo mashirahamwe atigeze agasokorora?ubu niho barajwishinga numuntu asigaje imyaka itanu gusa?ico noburira zina murundi nuko atokangwa nizomfashanyo ziterany abarundi bokwihatira kurwanya izonyakaburundi kuko ngwagatoke kamenyereye gukomba kama gahese ummurundi wumutima niyumve!!

  • Nareke guhenda abantu kuko ntanguvu bafise zoguta mukaga #UMUGABANE WA AFRIKA, ahubwo inguvu bafise ni izonyene zokuguma bahekura abeneburundi bitwaje ivy’amoko vyataye Igihe.Nahandi ho,ntibashobora kubareka ngo mugume mwica abantu nyene.

  • Classement 2015 : Les 25 pays les plus
    pauvres du monde
    ACTUALITÉ 24 octobre 2015 ,
    ï µ45 commentaires ï ®26574
    Partager sur Facebook Partager sur Twitter
    Partager sur Google
    Selon le classement de Forbes, basé sur des
    données du FMI, le continent le plus riche
    du
    monde (Afrique) a les habitants les plus
    pauvres au monde. En effet, parmi les 25 pays
    les plus pauvres au monde, seuls trois ne sont
    pas africains.
    Ci-dessous, un tableau listant les 25 pays les
    plus pauvres au monde.
    Rang
    Pays
    PIB par habitant (en dollars US)
    1
    Burundi
    315,2
    2
    République centrafricaine
    338,7
    3
    Malawi
    352,7
    4
    Gambie
    384,2
    5
    Madagascar
    392,6
    6
    Niger
    403,4
    7
    Libéria
    469,1
    8
    République démocratique du Congo
    478,2
    9
    Guinée
    545,6
    10
    Togo
    578,1
    11
    Guinée-Bissau
    582,2
    12
    Afghanistan
    614,9
    13
    Ouganda
    625,3
    14
    Mozambique
    626,2
    15
    Erythrée
    630,3
    16
    Burkina Faso
    631,4
    17
    Mali
    672,2
    18
    Sierra Leone
    675,2
    19
    Ethiopie
    702,1
    20
    Bénin
    709
    21
    Comores
    736,8
    22
    Rwanda
    742,9
    23
    Népal
    751,1
    24
    Haïti
    829,6
    25
    Sénégal
    934,6

  • Reta y’uburundi ikwiye kuhagabira kuko izo nteko za afrika azoba arizivuye m’ubuganda kwa mu seveni zije gushira mungiro iyagurwa rya ampire hima tutsi bafatanije na kagame.dusavye reta y’uburundi ko iyokwemera izo nteko ziza kudusubiza mukaga k’amacakubiri y’amoko.

  • Burundi belgique kuli ong.s zabwo ni mfashanyo mwaronka murazironka kungufu mutakoze nimwishinga ngo kwa bazungu basa na yesu bafise amahela baronka avuye mwijuru ni miduga mwebwe relo mwanke gukora ngo bazobaha na burkinafaso barayihaye liberia barayihaye libia sieraleona soudan sizagusa mutegerezwa kuziliha .nta cagusa aba biligi 10000000yababiligi ubona bo kurahe ivyagusa baha Rwanda kongo kinshasa Burundi 70 000 000 zabantu ubwongereza 15000000 zabo zokurahe ivyagusa ziha aba hinde 300000000000 zabahinde na ba chinois 60000000000zaba chinios USA yokurahe ivyagusa iha isiyose isi yose kubera ali bihugu civilisitions countrys Burundi uzo bizira ariko uravye muli make Afrika niyo itunze ivyo buhugu vyose europe canada usa mugabo ko mwabonye ko belgique ikwiye kurenguka muli ICC ikurikiranwaho gecide i Rwanda Burundi rdc kuva mumyaka 150 years iheze baje gutera amacakubili yamoko utu twa tunzi tutsi amoko yabantu tutigeze tumenya muzungu mubi mubiligi ataraza navyamage izuba ryaka le 01072016 ambassadeur azobibazwe kuli stad canke ni mwi tware ama miliyoni ya ba nya Afrika na barundi turabashigikiye komera

  • nukur igorane sizabanya burayi cangwa ubumwe bwa afrika cagw ababirigi nitwe bigora kubisanya kubutegetsi gusa nizogorane ndufise mugihugu iwacu.ntamoko amokoyumuntu nukuraratamiye uduharage.nukur ico nosaba gusa abanye politike muronder iyindi game mukina.twabwe bene gihugu dukeneye iterambere n amahoro gusa.muvugane rero ubwobuhibiri bwanyu bwamanda maremare yamwebwe abanye politike biwacu nimwige kuzamubisikanya gusa.mana bakuremw uyumuka mubi wabinjiyemwo kuber amandayabo batakimenya agateka kumuntu birateyisoni pe??

  • Numv bigoye nimb ukwikukir ari uguca wank impanur z’abagukebur!
    ubu uburund buri mungoran nyish can!
    ahubw mwari mukwiy kumviriz ivyiyumvir bitangw n’ab n’aband kugir muc murab ivyubak hanyum mukabigender.

  • NAGOMBA,MBARIRE- ABANYAGWANDA NDABAHANURE IKIBAZODUFISE KIGIYE KURANGIRA NAMWE NIMWEMURAMUKIWE NTIMUZEMUJEMUBURUNDI MWOKABONA IVYOMUTWIRATAKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.