Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD : Umunyagihugu azosabwa intererano ku gahato aritura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD : Umunyagihugu azosabwa intererano ku gahato aritura (...)

CNDD FDD : Umunyagihugu azosabwa intererano ku gahato aritura ubutungane

lundi 12 Myandagaro 2013

Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi baramirira kure ibimaze iminsi biriko biravugwa ko umugambwe uri ku butegetsi woba uriko uratoza abanyagihugu n’abatari muri uwo mugambwe, amafaranga bivugwa ko yoba ari ayo gutegura imyiyamamazo ya CNDD FDD mu matora yo mu mwaka w’2015. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko aboba barihisha ayo mafaranga ku nguvu boba babikora ku gatwe kabo kuko abanywanyi b’umugambwe bonyene aribo basavye guterera umugambwe.

Haraheze iminsi bamwe mubari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi baneguye umugambi wo gusaba intererano y’amafaranga ahera ku majana atatu abanyagihugu, bakabaha igitansi canditseko “amatora meza”.

JPEG - 8.5 ko
Photo : Isanganiro

Icatangaje abatari bake, ni ivyavurwa ko ayo mafaranga asabwa ku gitsure, akongera agasabwa n’abatari mu mugambwe CNDD FDD. Uwo mugambwe uri ku butegetsi washimye gutanga umuco kuri ico kibazo.

Biciye ku muvugizi w’uwo mugambwe Onésime Nduwimana, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu muhingamo, muri CNDD FDD bamenyesha ko ari abanywanyi ubwabo basavye ko bohabwa akaryo ko guterera umugambwe wabo nk’uko bahora babikora uwo mugambwe ucitwa umuhari. Onésime Nduwimana ati : “Nta gitangaje ishirahamwe iryariryo ryose rihawe intererano n’abanywanyi baryo, ivyo navyo bikaba bidasa n’ikori canke itagisi nk’uko bamwe mu banyepolitike bamaze iminsi bavyitiranya.”

JPEG - 37 ko
Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Ku bavuga ko umuryango wose woba utozwa amafaranga 300 y’amarundi, ahari abana benshi naho akaduzwa, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD arabihakana, akamenyesha ko ata mafaranga batoza, ariko batora intererano abanywanyi bazanye ku bugombe bwabo.

Onésime Nduwimana araremesha abanyagihugu batari mu mugambwe CNDD FDD biyumvira ko badaterereye umugambwe bizogira ingaruka kuri bo, nk’ukubima impapuro muri komine n’ibindi. Umuvugizi wa CNDD FDD yasavye umurundi wese azosabwa intererano y’umugambwe ku nguvu canke hakoreshejwe iterabwoba, yaba uwo muri CNDD FDD canke mu wundi mugambwe, ko yoca yitura inzego z’ubutungane kuko uwo azoba ariko arayamusaba azoba ariko abikora ku gatwe kiwe, atabitumwe n’umugambwe CNDD FDD.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.