Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD urashima ivyavuye mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD urashima ivyavuye mu matora

CNDD FDD urashima ivyavuye mu matora

mercredi 8 Mukakaro 2015

Inyuma y’ivyatangajwe n’umurwi utegura amatora CENI ,ku bitigiri vy’intebe imigambwe ifise mu nama nshingamateka,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ushima kandi wakiriye neza ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu Pascal Nyabenda avuga ko nkuko vyabaye mu mwaka w’2010,aho abatitavya amatora bari baronkejwe ibibanza muri Reta,umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko batanka ko bobashiramwo.

Pascal Nyabenda amenyesha ariko ko bisaba ko bicara hamwe bakaganira mu kuraba ingingo zohinduka mw’ibwirizwa nshingiro,gutyo baronke uko baronka ibibanza bashiramwo abatandukanye.

Mwomenya ko umugambwe CNDD FDD ariwo uza imbere mu gihugu cose ku ntebe z’abshingamateka,n’intebe 77 ku ntebe 100 zitegekanijwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ariko none nkawe gamutama ubona ugomba uzozire iki? Aho urajangaho ukabona ko ari amahigwe? Ivyovyose mubikora basemerera mugabo ejo aho bukera uzorira utagira gitabara nabo murikumwe.

  • rindira gato mwabicany mwe twipange muiheze murabe muzotwara mukamenge ningozi

  • Mutama turashima ubwitonzi nta ngere ufise.Twebwe abanyagihugu turabashigiye muzororanirwe kwibi byi caro ubu naho turindiriye ko hagera tukitorera umukuru wigihugu.
    Uwo nawe atukana kuvuga nabi imana ntibikunda.

  • NYAKUBAHWA NYABENDA AHUBWO TWEBWE TURIKO TWITEGURIRA GUSHITSA ISEZERANO ITARIKI 15 MUKAKARO AHO TUZOKWITORERA ABADUTWARA.

  • Aaahh. Ariko nyabenda. Nn. Wewe. Urakomeye. Gitware. Tuzorabe. Ahuja. Mbe uzohembwa. Nandeko. Ahowakura. Imfashanyo. Nibiturire. Bahugaye. Kwamasoko mwayaturiye. Ahubwo. Nukwiremesha. Rindira. Tubuce. Tubamesa. Nkuko. Mwabivuze.

  • Mukuruwumugamwe CNDD FDD ukwonyene wabonyetwahagurutse tujagutora abobama komine nabashingamateka kumukuru wigihugu niwabona twabayebeshi ntibizogutangaze kuko hamazimisi abavukanyibacu baribahungiye TZD na RDC bagaruka kubwishi kwitorera umukuruwigihugu. Nukworero bavuga dutora dutora dusenga ntituzigera duhinduka.

  • NIPETERO NKURUNZIZA NTAWUNDI.DUSHAKAKOYOBA PEREZIDA.MURAKOZE

  • Nukuri nivyi cane hamwe boza bakicara hamwe bakagabura izontebe uko zabonetse kumbure nabahunz’igihugu bogaruka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.