Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe CNDD FDD wagirijwe kwigisha amacakubiri mu banyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wagirijwe kwigisha amacakubiri mu banyagihugu

Umugambwe CNDD FDD wagirijwe kwigisha amacakubiri mu banyagihugu

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Urwandiko ruherutse gusohorwa n’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, abatari bake babona ko ari umukenyuro wo kubiba amacakubiri mu bantu, mu gihe himirije amatora.

Muri urwo rwandiko rw’impapuro icenda rwasohowe n’umushingamateka Juvenal Havyarimana arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, ndetse uwo mushingamateka wenyene yiyemerera kuba ariwe yarusohoye, ruvuga ko abakeba b’umugambwe CNDD FDD ari amashirahamwe avuga ko ataho yegamiye mu vya poritike amwe amwe, amaradiyo nka Isanganiro, Bonesha, RPA na Renaissance hamwe n’inani z’imigambwe nka RANAC na ADC Ikibiri. Muri urwo rwandiko nyene, uwo mushingamateka akaba asaba abagumyabanga kurikanura, bagahindura imikenyuro kuko ibihe biha ibindi, uko vyari mu mwaka w’2005, 2010 bishobora gutandukana n’ivyo mu mwaka w’2015. Eka mbere n’igitero cabaye mu ntara ya Cibitoke kikaba cegekwa kuri abo yise abakema b’umugambwe ari mwo.

Ivyo vyanditswe na CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, abatari bake yaba mu mashirahamwe yo kumenyesha amakuru, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike canke abari mu nani zadomweko urutoke, bakabona ko ari ugusamaza abarundi, kuko hari ibindi bibazo biraje ishinga igihugu.

Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru

Ku bwa Alexandre Niyungeko arongoye UBJ, abavuga ko ibinyamakuru arivyo vyateye igihugu, babuze ico bakora. Ku bwiwe babigira n’ibinkana kuko bazi ko atavyo bakoze, we akabona ko abariko baratyoza abamenyeshamakuru n’ibinyamakuru ari nk’ukwimena amaso. Mu runani FORSC naho, bavuga ko namba mu mugambwe CNDD FDD vyaranse ko bamenya abateye igihugu kugira bavyegeke kuri bo, ku bwiwe akizera ko bitebe bitebuke abateye mu ntara ya Cibitoke bazomenyekana.

Vital Nshimirimana arongoye FORSC

Umushingwamanza Vital Nshimirimana asanzwe arongoye FORSC akavuga ko muri uyo mugambwe uri ku butegetsi bariko basamaza abantu, kuko bafise ingorane zidasanzwe zijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu. We akabona ko ivyabaye mu cibitoke, atanyungu babifisemwo yo gutera igihugu.

Mukamenya ko mu runani ADC Ikibiri ho, bavuga ko batagifise ico bavuga, kuko babona ko aya matora asa n’ayariko aratesha ubuntu abantu. Ku bwa Leonce Ngendakumana umukuru w’urunani ADC Ikibiri, umugambwe CNDD FDD ntutinye amatora, kuko nivyashika ugatsindwa, abawurimwo bazobandanya babayeho. Leonce Ngendakumana agasaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza guhanura abagumyabanga biwe, kugira bereke abanyagihugu imigambi yo kuva mu bukene, kwivuza neza, kwiga neza aho kubazanamwo izo nyigisho zibiba urwanko.

Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri

Aristide Nizigire

Messages

  • ........... bereke abanyagihugu imigambi yo kuva mu bukene, kwivuza neza, kwiga neza aho kubazanamwo izo nyigisho zibiba urwanko.

  • sinari nzi ko vital ari umushingwamanza. none tudahendanye burya uwomugira umu avocat kuri dossier runaka ;nkumunwanyi wa cndd fdd ubwo yoba neutre?ndahafitiye amakenga ndavye ivyo yama avuga kandi hamwe yokwerekana une neutralité et impartialité vyohumuriza benshi burya nivyo abantu batazi

  • hariho benshi babazwa ningingo ubutegetsi bwafashe kugira abana nabavyeyi bavugwe kubuntu hakiga benshi turavye ama college ari mu gihugu; kuko nka je ninjiye muwindwi en 1985 ndazi icarico gukumirwa mwishure kwabamwe . je aha mbona twotandukanya ico bita kubiba amacakubiri (ubwoko,intara,inkehwa etc) no kuvugira ahabona abagwanya ivyiyumviro vyawe. mwovyita ukundi ntabwo ari amacakubiri kuko abo nabo biswe abakeba ko bavuga ko cndd fdd ibagwanya nabo babiba amacakubiri?

  • Ew wamuntu wiyise juvenal uri igihute ca mashira kweriiiiiiiiii jewe ndumuhutu yuzuye kandi ndi contre nivyo uvuga mbe twebwe ko nyangoma mwishurew yadufata kumwe kandi afise ivyiyunviro bishigikiye ubwoko bumwe1ivyo uvuga uri kubesaha muriko murondera amajwi kuko aba paysan s 90% baruguru baramaze gushira mumutwe ikibazo camazuru

  • Jewe Mbonako Ivyo Umukuru Wigihugu Yavumereye Bitomoye.Kimwe Vyaratweretseko Abatabishimye Harico Biyotsa.Nibikebuke Boye Kugira Ishari Nibaba Bashaka Gutwara Bitoze Badatowe Baze Barubaha Uwatowe.Sinon Impari Zabo Ziraruhisha Abenegihugu.

  • JUVENAL BA UTANDUKANYA IBINTU NI IBINDI ..NONE KO AMASHURE ARI FREE NI KO BIMEZE NEZA MU MASHURE ???EREGA IBINTU BIGIRA INTEGURO DD IFISE INGORANE YO KUROTA IGACA IKORA IBIDATEGUWE..BA MUKINISHA BUKE AMACAKUBIRI KUKO YADUSIZE HABI CANE..ATI KU RUYERI KU RWENGE ABA DD NTA MACAKUBIRI BAHEVYE GUSA BABURA AHO BACA LA CONSTITUTION ET L ACCORD D ARUSHA..
    NONE KIRIBA ONDES NINDE ATARI DD ,BA RUKOTI SI DD GUSA NGO ITERE UBWOBA ABATAYITORA??ABAHUNGA MU KIRUNDO NI NDE ATARI DD NYENE ISHAKA GUKUMIRA ABATAZOYITORA .!!!!VYOSE BIRAZWI BIZOHINDUKA RERO..

  • Mukunda ivyo mudambikanya CNDDFDD ntizigera isubira inyuma ngo yinjire mubenegihugu kubigisha ivyamoko ndabibarahiriye ngaha Imana niyocabona, mberejewe rekandababwire rindira mumisi itarimwishi abifuza kwigisha amacakubiri mumisi muzobabona biyerekanye bagiye ahabona. Ariko iyo CNDDFDD kwatakomutagira ngomurebe ko ubuhangange bwayo bwogabanuka bikabavyabataye kuwamazi buraca mwisanga mwese mwabaye aba CNDDFDD!?

  • aaaaaaaaaaahaaaaaaaa CNDD FDD Iraherewe pe.baaaaaaaaaaaaaaaaaayi iragiye ubutakigaruka .

  • Le parti CNDD-FDD me semble qu’il manque des gens capable de faire des analyses profonds et aussi intelectuels. Comment est-il possible q’un parlementaire ecrive un document incendiaire comme celui-la et que son parti l’autorise àle publier ? Que fait l’organe chargé de la communication au sein du parti ? Qui sont ces gens dans cet organe ? Je ne suis pas contre le CNDD-FDD mais contre la mediocrite de certains leaders de ce parti. Ne sont-ils pas capable de donner les fonctions au sein du parti selon les merites de chacun ? Un clein d’oeil àchaque personne qui se croit politicien au Burundi, arrêtez de vous ridiculiser en usant des languages de la rue, des fois on vous crois des voyous de la rue. Acceptez que la politique necessité au moins un minimum d’intelligence. Ce n’est pas parceque tu insultes tes adversaires avec des mots les plus pegeoratifs que tu deviens politicien. Aux dirigents des partis politiques, essaient au moins de vous entourer des gens capable de mener des discussions au sein de vos partis, des gens capables de vous affronter une fois que vous voules prendre une decision qui n’est pas bonnes, cela vous aidera àgarder vos honneurs. Soyez attentifs et tolerant envers les critiques de vos collegues au sein de vos propres partis. Les critiques doivent aussi être donnés avec un minimum de respect mutuels. Les dirigents des partis politiques , soyez capables de preparer vos successeurs. Rwasa Agathon, qui aujourd’hui peux être ton successeur,tu le connais toi même et l’opinion on le connais pas. S.E Nkurunziza qui peut être ton successeur on en connais pas nous. Nyangoma, Sinduhije, Leonce tous pareils. N’oubliez pas qu’un bon leader est celui qui prepare son successeur et qui sait quand il faut laisser la chance aux autres. Je n’ai pas parlé ici de Bigirimana Jacques du FNL,lui il est malheureux le gars, deja la maniere dont il se comporte avec ses militants. J’ai suivis beaucoup de ses clips video sur bujumbura News, il fait honte quant il se laisse porte par les paysans on dire qu’on est dans le temps des colons. Mr. Jacques Bigirimana un future leader ne devrais pas s’habiller comme tu en a l’habitude pas devant les cameras et dans des reunions importants. On dire nos sappeurs kinois. Je ne penses pas que je suis le seul qui a rigolé quand j’ai vu la tenue que tu portais lors du recent interview que t’as fait àla telerenaissance. Chaques occasion doit avoir un costume approprie et n’oublies pas t’es un leader donc un modele pour pas mal des gens. c’etait juste un clin d’oeil :)

  • NIYONKURU MERCI DE CES CONSEILS MAIS N OUBLIE PAS QU ON A PLEIN DE PROBLEMES ICI DANS CE PETIT PAYS ET LES POLITICIENS N ONT PAS DE TEMPS DE L ETRE ,BCP D ENTRE EUX LES BONNES MANIERES LEUR SONT INCONNUES ET LA GALERE EST A LA MODE O INSULTE COMME ON VEUT (DU MOINS POUR QUELQUES UNS)
    OOH LE DD N A PAS DE TEMPS POUR LE RESPECT D AUTRUI SURTOUT DANS LES MILEUX OU MBONERAKURE OPERENT ON NE RESPECTE RIEN SURTOUT PAS LES PERSONNES AGEES TUTSI ON FAIT PAYER LES COTISATIONS LA NUIT A 23H DANS LES FAMILLES A GITOBE DANS KIRUNDO,VUMBI ET NTEGA ARRETES ARRETS PAIE QUI VEUT PAS DE FORCE..!!!!!!!!

  • URWO RWANDIKO NIRWO KURIKANURA IVYO NIVYO NONE ABWIRE ABAGUMYABANGA NGO NIBA SINZIRE JEWE MURANTWENZA NIBAKANURE NYENE.

  • abo ba D.D bi BUBANZA izo munda ziriko zirasha,inzoya mumasekuro,ayashushe canke ayakanye,ibuta,ruhuna, soeurs italiennes,kurtiné,aba fnl mu rusiza,aba fulero muri rwero,abo mwasangiye urugamba bari mpimba,abandi amaraso yabo yabaye ifumbire y’ibitoke........PETER,urazi incuro umugore wawe agusengera ukaba wanse guhinduka!shauli yako

  • TWEBWE ABANYAGIHUGU TWABATOYE TUKABASHIRA KUBUTEGETSI TUBASAVYE MUGERAGEZE UKO MUSHOBOYE MURWANYE IYO M26 IHERUTSE KUVUKA IGIZWE NABAMENYESHAMAKURU,FORSC, RANAC, FOCODE, ADC=IKIBIRI IVYO BAKABA BABISHITSE KO MURIYANAMA YABERA KAMPALA IRONGOWE NA MARESHALE SINDUHIJE. HIRYA YEJO VYABATAYE KUWAMAZI BAGIRA BAMENERE MUCIBITOKE UBUNAHO BIFUZA GUTANGURIRA MUGISAGARA CA BUJUMBURA.

  • HARI IKINTU CANTWENGEJE PACIFIC NGO TURATANGUJE URUGAMBA RWO KURWANYA PETERO NKURUNZIZA. IVYO YABIVUZE KUKO ABAZUNGU BABAFASHA BAHERUTSE KUBABWIRA KO IVYO KUGARUKA KUBUTEGETSI KWA BO BITABARABA NKURUNZIZA, BACA BABABWIRAKO BOTERA AKAVUYO HAMA BABONYE BIKOMEYE BABASHIGIKIRE, JEWE RERO NDIMUGIHUGU KIMWE NTIFUJE KUVUGA AHO BAHEREWE IZOMPANURO. UBURERO NICO GITUMA UBONA IVYOBAVUGA BASA NABITA. NOMENYESHA KANDI KO MUKWIYE GUHAGARIKA IRYA MWIYEREKANO YA MARDI KUKO MURIKO MUBACIRA INZIRA.

  • Ereganivyo
    Alexendre’tutsi
    Vital’tutsi
    Leonce’umutwa’womuriRural. Harumuhutu yabibonye yogotwa.
    Komwadukereye’kurikaminuzaga vital?Leoncentiyarumukuru
    Winamanshingamateka .muzemusubire’tuko’s’yieux.

  • ntagitangaza kihari umugambwe na biguze igihugu barwanira abarundi mwibazako bakirimu mugambwe CNDD FDD?barabataramuye inyuma yuko umugambwe wizewe n’abanyagihugu mu 2005,abawiyitirira baracashaka gutwara none barahinyuwe ntakobatazogira,kwica kurementanya kubesha noguteranya ariko amaherezo ni mu MPIMBA,Imana Ihezagire Uburundi n’abarundi.

  • Mbga bazigisha bande??abahutu??abatutsi???abatwa???? Ko atamuntu numwe afise ubwene gihugu cuburundi abakeneye!

  • Ahubwo rero uyo mushingamateka we yabuze uko abwirabiwabo acahitamwo kuva abakeba ariko burya yabwira abiwabo mumugambwe ko amazi atakiri yayandi ko ibihe biha ibindi we akabona ko 2005 na 2010 intsinzi ko yarikashi muga ubu bigoye ko batsinda ubwo yabakubitiye akagohe ahubwo babe bararondera iyo bazohungira.

  • Komera mutubwire bishasha kuko nahomutobitubwira turabibona Peter narambe mumuzane tumuhundamajwi Ubumwebugiruwushaka bibayengombwa tugwane uwuvamazi akire.

  • Amacakubiri ko mwiggirisha ng azanywe na CNDD FDD,ubwo ko muzi ko impunzi zahungiye Tz zose zahungutse mbere izanyuma zigtahanwa kungufu muri2012.niba acihishije inyuma abahunguye mu gihugu hagati ko n ubu batarota basubira iyo bavuye ngo basange benewabo bavuye hanze bubake igihugu babana.Ivyo kwimba ivu umuntu ahisha nivy vyishe igihugu! Mbega umubanyi wawe araye mu nzu naw ukarara hanze ,yoca aryama agasinzira umukondorazosi ng n amarembe.Turazi ko ababony kuv 93 batsinzwe mu matora bcye bahndr imikeny ,amaleta mfata bibanza,amacoup d etat,ubu babony abakz bakorsh ng nibabagira abakandida ng abanyagihugu baca babatora ariko RWASA UPRONA ...=0.Arik ng uwarose nabi arinda buca arota nabi.Ubuh arayinga....!

  • Nukuri uburundi nigihugu cacu kubwanje nahondihanze yaco ndagikunda kuko caranyibarutse rero sinorota kirwa mukaga kintambara nukuri nihakurikizwe amategeko umukuru wigihugu nyakubahwa Peter Nkurunziza areke abandi bitoze kandi numugambe cndd fdd ntugire ubwoba bwamatora mugutanga uyundi mu candidat kuko ukuganza kwose gutangwa n’Imana nayo ivya mandat 3 nibavyibagire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.