Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD yagirijwe gutera akajagari muri Site ya Ruhororo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD yagirijwe gutera akajagari muri Site ya Ruhororo

CNDD FDD yagirijwe gutera akajagari muri Site ya Ruhororo

jeudi 28 Munyonyo 2013

Inyuma yaho umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu ashikiririje ko hari abanyeporitike bari inyuma y’akajagari kamaze iminsi muri site ya Ruhororo, umushingamateka wo mu mugambwe w’Abadasigana Uprona Bonaventure Niyoyankana asanzwe akurikirana ikibazo c’izo mpunzi, yemeza ko abanyeporitike batera akajagari muri iyo kambi y’abateshejwe izabo atari abandi atari abo muri CNDD FDD, umugambwe uri ku butegetsi.

Umushingamateka Niyoyankana akaba yamenyesheje ivyo yisunze iterabwoba n’ibikorwa vy’urwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD FDD rukora, iryo terabwoba rikaza risongera isibe mu ngorane izo mpunzi zifise. Niyoyankana rero akaba yamenyesjheje kandi ko, amatohoza Reta y’Uburundi yagize ku bateshejwe izabo bari mu gihugu c’Uburundi, basanze abashika ibice 80 kw’ ijana badashaka gusubira mu mitumba yiwabo, bivanye n’amakuba bahaboneye, canke n’iryo terabwoba babandanya kwumva ry’Imbonerakure. Niyoyankana agatangazwa n’ukuntu Reta yirengagiza amatohoza yonyene yagize, igashaka kwirukana izo mpunzi aho zibaye imyaka 20.

Umushingamateka Bonaventure Niyoyankana, akaba yamenyesheje ndetse ko n’ico gitabu c’amatohoza, coba caciye kizimanganywa inyuma yaho, bimenyekaniye ko izo mpunzi zitipfuza gusubira iyo zaje ziva.

Kuva kuri uyu wa mbere hari uruhagarara muri iyo site ya Ruhororo, ubu ibintu biriko birasubira ukwo vyari. Impunzi ziba aho mu Ruhororo, zikaba zatanguye gukora udukorwa tumwe tumwe, abanyeshure ubu bariko baraja ku mashure, eka n’abaporisi bakaba bagabanutse aho muri iyo kambi y’abateshejwe izabo. Ariko bamwe mu mpunzi bakaba bavuga ko batazi ahoba hajanywe gupfungirwa ababo, aho bavuga ko abashika 50, aribo boba barafashwe n’igiporisi.


IGIHE

Messages

  • Babwire mutama ahubwo hasigaye ko abanyagihugu tuva hasi igihugu cose tukiyamiriza intwaro yabo yakajagari gaterwa nabarikubutegetsi nimbonerakure zabo turarushe turarushe nintwaro yabo yagahotoro nakajagari

  • Wamushingamatekawe Niyoyankana rekagushusha ahubwo hanura twese twahungutse tutabishaka twavugakobaducuye kunguvu kuberarero abobarundi bari mwiyokambi ya Ruhororo muguma mubashigikira ngonibagumengaho munkambi canke ngo amabarura yabaye yemeje ko 80% bavuzeko badashakagusubira mumatongo nawe ukacubashigikira sivyiza, kukotwebwe iyotwarituri mubuhungiro amabarura yakorwa wasanga 99% kwijana batashaka gutaha nonekobadutahanye ubonatwararwanye?

  • Ese kwitwa impunzi mu gihugu cawe!!!!!!None ko bo berekanye aho bahagaze,namwe imboneza muhagaze?Naho amagogwa atamenyerwa barapfuye gutanga ico c’iyumviro.Namwe muriko mukora iki ngo babeho nk’abandi?Imyaka 20 bitwa impunzi ntimwobakurako ayo magorwa?koresha ubwenge mufise mubabere imboneza?Erega inka ifise amaso manini ariko ntiyibonera!

  • MAMA Nagomba ndakwishure nayo twebwe twari 99% tutashaka gutaha.
    Wibuke ko mwebwe nahomwatashe ntanumwe mwibaza ko ashobora kukwica. Kuvyerekeye iyo SITE DE RUHORORO reta irafise ubwoba (CNDD-FDD) kubazobagiriza abavyeyi n’abavukanyi babo bagandaguwe bunyamaswa ataco bazira.
    2. ntiwirengagize ko izo MBONERAKURE ko zizoca zica kamwe kamwe kubera vyibagiranwe naburya bigeze kuja kubasura mumamanza yigeze kubaho imbere ko PETER abarekura kuca yariyabatumye none wumva botaha
    3. Rirya tongo naryo bavuga nirya bandi cari ikibanza ca reta ariko bashaka kubishiramwo politique ngo nica bandi.
    4,Gutwagwa nabatagira vision de dévéloppement nubwicanyi buzoguma bubandanya. IMANA ibahe umugisha ndazi ko ejo izo kwigaragaza ko ikirikungoma nayo ubu ni shetani gusa yigirira ivyayo vyo kumara abana b’IMANA

  • Jewe igiohe kimwe naragize umushitsi avuye Mugihugu ca Autralia maze ndamwereka WC (akazukasugumwe) iyokari harinko kumetero 30 uvuye kuzu uwomushitsi yamwiyati hariya umuntuyojayo mwijoro ngokombona ntanamatara ariho? nanje nti’ IBITWEBWE TWARABIMENYEREYE.

    Iryojambo vuzengo ibitwebwe twarabimenyereye rirakomeye! mumyaka yazamirongo 80s hariho abarundi bahungutse kandi ababiciye basekuru atahobagiye, mumyaka yaza 90s harihabarundi bahungutse kandibaziko ababiciye atahobagiye, nunomusi baracahunguka kandabishe baracariho ngaho iburundi, Nubworero atawumenyera akaziri jewendabona mwebwe kubera mutarimumenyeye kubona mwicirwa umuntuwomuzu nunomusi muracabonamengo isiyarabiyubitseko? Nonemushaka twebwe tutishe tuve muburundi hanyuma hasigaremwo abishegusa? canke abarundi bose batishe babakorere inkambi yokubamwo?

  • Igihugu c’uburundi ni icacu twese,jewe nkibaza umuntu aho yoterere ico korwa aza kwerekana amakosa akorwa gusa.None ga yemwe leta ni inde?umwe wese ahari naterere umuganda wiwe nayo kuvuga ibi canke biriya bitariko birubaka ntakamaro!jewe aho mpagaze ni uko barya bantu bobaho neza batitwa impunzi nayo mama na mugisha ntakamaro ko guhara kuri ivyo aho gutanga inzira yokubivamvo.Umenye ko ikiri mu jisho ryawe ko kibaza niho wihuta gutosora mugenzawe .Uwahunze natabarize uwukiri mu buhungiro nawe amere nkawe,uwiciwe n’uwishe nibaje hamwe bati"PLUS JAMAIS CA"dutere tuja imbere.Nayo kuvuga ngo banako bakoze ibi,uribuka urutoke rumwe nirwo rubaraba zine zikaguhindukirirako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.