IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Colonel Gaspard BARATUZA arabeshuza ibivugwa ku basirikare b’Abarundi bari (...)

Colonel Gaspard BARATUZA arabeshuza ibivugwa ku basirikare b’Abarundi bari muri Somaliya

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Somalia baheruka gufata abasirikare batanu ba AMISOM hamwe n’abanyagihugu cumi ba Somalia bagirizwa kugurisha ibikoresho vya gisirikare. Mu gisirikare c’Uburundi barabeshuza ibivugwa ko mu basirikare bafashwe harimwo Abarundi.

Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh Hassan Hamud, yamenyesheje ko abo basirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya bafashwe bariko baragurisha ibikoresho vya gisirikare ku bantu bo muri Somalia, ivyo bariko baragurisha bikaba vyari bigizwe n’igitoro hamwe n’ikoresho vyo gusambura ibibombe.
Mohamed Sheikh yavuze ko hari haheze iminsi babakurikirana, igiporisi naco kibagirako amatohoza.

Mu gisirikare c’Uburundi barabeshuza ibivugwa ko mubafashwe harimwo abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya.
Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose za Reta cabereye mu ntara ya Rumonge kuri uwu wa gatanu, Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yamenyesheje ko aho ubwo busuma bwabereye ata basirikare b’Abarundi bahakorera, ko ata musirikare w’Uburundi ari mubafashwe, kandi ko ata n’ibirindiro Abasirikare b’Abarundi bafise muri ico kibanza cabereyemwo ubwo busuma.

Ni ubwa mbere abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia bafatwa bagirizwa amakosa kuva bashitse muri ico gihugu, haraheze imyaka icenda.

Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh, yemeje ko abo basirikare bagize urwo rudandazwa rutarekuwe, yongera avuga ko ingendo yabo yerekanye igituma habandanya kuba umutekano muke muri ico gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.