Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Concilie Nibigira asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Concilie Nibigira asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekano

Concilie Nibigira asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekano

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekeno muri bino bihe Uburundi bwimirije amatora.

Mw’itangazo yashikirije, Concilie Nibigira yavuze ko ikiringo c’amatora ari ikiringo gituma abanyagihugu benshi bakunda kugira ubwoba, ari naco gituma abasaba gutekana mu mitima, bakitegurira amatora.

Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, arashima kandi ko akamo bateye ko kwitaho cane umuteko ku makambi y’impunzi kitabwe, kuko ahatari hake ubu hacungerewe umutekano.

Nayo ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umugambwe UPRONA ishami ryemewe n’ubutegetsi, ukaba umaze kumenyesha akatari gake ko, uzohiganwa n’uwariwe wese.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Inzego z’umutekano witabira mwe na Edouard umengo ntituzihemba twese!!Nyuku nukuri washaje nibakubabarire ntuvuga ibijanye n’ighe tugezemwo.
    Niwirire mbona wanavyibushe birenze.

  • NDAKWEMEYE URI UMUPFASONI USUMBA ABAGABO BESHI BIYEREKANA NGO NABAGABO ARIKO ATACO BAMARIYE IGIHUGU ARI UKUGITEZA UMUVURUNGANO GUSA,UBUNDI IYUMUNTU UTEMERA K YOTWARA UJA MUBANYAGIHUGU UKABASIGURIRA IGIYUMA ADAKWIYE GUSUBIRA GUTWARA HANYUMA BAKAREKA KUMUTORA NUGUHIGANWA NAYO KUJANA ABENEGIHUGU MWIBARABARA NG NIMWIYAMIRIZE NAKA BISA NUKUBWIRA UMUNYAGIHUGU ATI JIMBERE YIRYANKOHO NDAKWICE HAMA SIGARE NDARERE ABANJE MUVYAWE NAKARE NTACUMAZE KUK URAKENYE NUKUNTENZA INGORANE GUSA BANYAGIHUGU NDABASAVYE KUBONA KURE NKUYU MUPFASONI YAVYEREKABYE KWARUGUHIGANWA NUWARIWEWESE MUMATORA VYUMVIKANA K YITEGUYE.

  • mbegu mukecuru asara ashaje nizere kwatamugabo afise nimba amufise naho niniryo kukwibi uwumukecuru arimwo gukura ntaho bitaniye nugusuka petrol mubana.kukwiyinkuba irabije umwansi numukunzi birajana

  • Uwo mugore Concilia ntaco amaze , ivyo avuga vyose ntanumuntu aserukira .Yashizwe ho na leta ya CNDD-FDD . Jewe nibaza yuko no kumuha ijambo ari uguta umwanya

  • erega ico mwomenya co nuko concilie kuva kera ntiyumva ama accord ya arusha yari mubayagwanya we ntiyashaka ko batera ibikumu ngo bumvikane nabagwana ubu rero kuri we ni vyiza, urumva ntangorane wewe ateye cndd.fdd kuko arazi ko bazoguma bamufasha mumafuti yiwe ntamenye ko isi izunguruka ariko umuntu afise ubwenge akaraba ibigize iminsi biba nka karorero gato kubona serapiyo avugira kuri radio ko yiyamirije ikiringo ca 3 c’umukuru wigihugu mwabantu mugenda mukabona ntimubona ko iyi isi ari ukwitonda kuyibako.

  • Uyumuvyeyi avuze ibintu vyiza ariko hariho abaciye bamwita mubi! Ariko hariho abavuga ibintubibi mbere bigatuma bamwe mubarundi banahinga ahorero nibobitwa beza! Arikondababwire uyumuvyeyi numuvyeyikoko wijunja nijambo.

  • uuuuhhhhhmmm nta soni ufise ga manzi uyo mu fasoni yokwibaruka urubahutse ga!!!ooooya ni tugumane ubuntu naho ata discipline tumaranye imisi ...he he..hehe... yemwe yemwe discipline irakenewe..

  • Ewe Concilia urakwiye kwikebuka .Ibi vyose biriko biraba nawe uzobibazwa....

  • Hahahahah arakwiriye akazina kubuhizi uyo mpfasoni kabisa. " NSUMIRINDA". Keza cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.